Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Mutakura - Cibitoke : Imiryango ibandanya guhunga ku bwinshi
Yanditswe taliki ya 6-11-2015 - isaha 07:45' na IGIHE

Abanyagihugu bo muri zone ya Mutakura na Cibitoke babandanya guhunga ku bwinshi, bakamenyesha ko bafise ubwoba bw’umutekano wabo inyuma y’amajambo yashikirijwe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA hamwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO.

Gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, haracaboneka imiduga itwaye ibintu, hamwe n’abanyagihugu bikoreye intekera bavuga ko bimukiye mu yandi mazone atekanye mu kurindira isango ry’igenekerezo rya munani ryatanzwe n’umukuru w’igihugu kugira inzego z’umutekano zikoreshe uburyo bwose zifise.

Mu gihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yasavye ko imbere y’igenekerezo rya munani Munyonyo 2015 abagizi ba nabi boba bishikanye, abanyagihugu bo muri Mutakura na Cibitoke batekewe n’ubwoba kuko n’iyo igiporisi kije kubarondera kitigera kibafata, gitanye mu mitwe nabo naho, abo banyagihugu bakavuga ko imivyimba itorwa aba ari iy’abanyagihugu basanzwe ari abo muri iyo micungararo.
Umwe mu banyagihugu bo mu Cibitoke yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE yagize ati : « Ubu si aho gufata minenerwe ivyashikirijwe n’umukuru w’igihugu. Kubera iki mu giporisi batarerekana umurwanyi baba bishe canke bafashwe ? Ntidushobora kwemera ko boguma bica abana bacu, bashiki bacu, benewacu canke imiryango yacu. Duhunze ubugizi bwa nabi bw’abajejwe umutekano wacu. »

Abo banyagihugu bavuga ko ubwoba bwabo bwunyuwe kandi n’ivyashikirijwe na Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, ari kumwe n’abashikiranganji batanu, uw’umutekano, uw’intwaro yo hagati mu gihugu, uwo kwivuna abansi, uw’ubutungane hamwe n’uw’ugutumatumanako amakuru, aho yamenyesheje ko ko ibikino vyarangiye, hageze ko ibikorwa bitangura amajambo agahagarikwa.
Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ibikoresho bikomakomeye bishobora gukoresha kugira umutekano ugaruke, harimwo n’indege za gisirikare.

Abanyagihugu babandanya guhunga mu gihe ata joro ryijana amasasu atumvikanye muri Mutakura na Cibitoke, kuva umukuru w’igihugu ashikirije ijambo ryateye ubwoba abantu baba mu mazone yiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA. Ivyononekaye mu masasu yumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane bikaba bitaramenyekana. Tukabibutsa ko mw’ijoro ryo kuwa gatatu, mu masasu yumvikanye abantu bane aribo bishwe, umwe bamukuramwo umutima, uwundi bamuca umutwe.

Ivyiyumviro vyanyu

oooh imbna niyo nyen’imigambi.

11.11.2015 à 19:55
boston

Gwaruka Gwaruka si jeunesse savait et si viellesse pouvait. Bakomeze bagukoreshe utukane, uterane amabuye, humura abo wiruka inyuma bakubwira kwica ntugire ngo iyo wabaye mayibobo ku muhanda wiruka ari muhira arya neza n’abana azakugurira ikiyeri wishime unywa utanariye arabizi ko ntacyo umaze uri materiel nakurambirwa u will be wasted cg se nawe agukoreshe ariho neza wirirwa uri mayibobo ejo uzicwa n’indwara cg n’ikindi humura iyo si conflict gusa, n’ubuzima bw’abanyagihugu burarangira , economy iragenda kwanza mwebwe mwayimazeho umutungo w’igihugu kera nuko sha vive les chinois et les russes parce que eux bavoma gusa Nikel et c’est bon parce que les burundais bazi ubwenge cyanze ubwoko bwabo bwabavanye ku mwanya presque wanyuma w’ubukene ku isi. MUfunguke urwango mutarufuse ruzobafuta.

10.11.2015 à 10:42
Burundi Byuka

Ivyo kagome yateguye turabizi irya micile iri congo azokwikebuka twayigejeje iburundi hanyuma tuyirungike murwanda ivyamamicile hari abavyize hanyuma abahunga nibahunge kuko nanje nakuriye irukore muritanzania kandi siko nabishaka nabatutsi banyirukanye ariko ubu nzokwigwanira nifadikanije ninzego zumutekano kuko nfisemwo bene mama

10.11.2015 à 05:11
bacemwo

Hagire uwogorora uburundi afate ubutegetsi kunguvu. Mbe abarundi twese ntidushoboye tubandanye duhere nkifu yiminjira. CNARD ibandanya akarimi gusa, mbe izotegeka bande ko duheze. Aho abarundi ntituramenya ko dutwawe numugwayi wo mumutwe.

8.11.2015 à 12:39
Aferky

Nibihangane Imana yabaremye irababona ivyo nivyisi.

8.11.2015 à 10:51
NIZERIMANA Télesphore

haaa !!! none tuvahe tukajahe ?nihatari.

8.11.2015 à 07:08
BUKEYENEZA EMILE

abobahunga barabeneza ntibahungane nizonkozizikibi kuko ntacobazobabahunze zizobakwegera.umutekanonuwatwese ntugira ubwoko.

8.11.2015 à 06:23
manirakiza shereniyo.

Petero Nkurunziza ntakindi gisigaye nugupfa !!! sha bigire bigutekurukand.

7.11.2015 à 21:07
Gasuguru

nibahunge kuko bafis iyobaja konabuz iyonja ?

7.11.2015 à 18:01
fabien

bene bwacu baba murayo makratiye hunge hunge hunge abapolic na reta ya peter ntibatitije. ngo mubone ayo abanyakamenge Ntega,Marangara babonye kutwaro ya Buyoya

7.11.2015 à 14:55
jonas barakamfitiye

Imana niy nkur ntizorek abanyakib kuk bigez ahant hab kand bitey agahnd uwukuramw umutim wuwund naw sinz uk bizagend.

7.11.2015 à 13:12
grâce

iyi reta ishaka kumura abo ijejwe nibatumara bazotwara bande mana we garukira uburundi

7.11.2015 à 13:11
junior

NIBADUHE AMAHORO ABASENGA BASENGENAHADI IRYAVUZWE RATAHA ?

7.11.2015 à 12:54
FOFO

Abatutsi ntibakunda gukora ubwo ngo barashaka kujya mumakambi kurya ibyagusa. Ibyiza nuko leta itakwemera ko hagira ikambi ishingwa mugihugu. Nibangare inzara ibabone kuko aribo badashaka kudoma urutoke inkozizikibi

7.11.2015 à 11:17
ikiziga liLi

Peteronkurunziza wewenuhebe wavuzeko uwuzotanguza intambara izotanguririwiwz iherere iwe wararivuze uryumeko bigiyekuguhinyukana akatarazakarimunyuma !!!! Igiritangurire iwawe iherere iwawe

7.11.2015 à 09:43
gasuguru

Peteronkurunziza wewenuhebe wavuzeko uwuzotanguza intambara izotanguririwiwz iherere iwe wararivuze uryumeko bigiyekuguhinyukana akatarazakarimunyuma !!!! Igiritangurire iwawe iherere iwawe

7.11.2015 à 09:42
gasuguru

Peteronkurunziza wewenuhebe wavuzeko uwuzotanguza intambara izotanguririwiwz iherere iwe wararivuze uryumeko bigiyekuguhinyukana akatarazakarimunyuma !!!! Igiritangurire iwawe iherere iwawe

7.11.2015 à 09:42
gasuguru

Peteronkurunziza wewenuhebe wavuzeko uwuzotanguza intambara izotanguririwiwz iherere iwe wararivuze uryumeko bigiyekuguhinyukana akatarazakarimunyuma !!!! Igiritangurire iwawe iherere iwawe

7.11.2015 à 09:41
gasuguru

Petero nkurunziza nugupfa

7.11.2015 à 06:20
isa

nkuru azosanga farao !!! bose
mbona ari bamwe.

7.11.2015 à 06:10
maleek
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.