Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Mutakura : Ibiziga bitatu vy’abantu batamenyekanye vyatowe
Yanditswe taliki ya 2-12-2015 - isaha 13:29' na IGIHE

Ibarabara rya cumi na gatatu rya Mutakura, muri zone Cibitoke ryazindutse kuri uwu wa gatatu ritorwako ibiziga vy’abantu batatu batamenyekanye. Ikindi kiziga catowe mu Cibitoke, kw’ibarabara ry’icumi.

Ivyo biziga bine vyatowe muri zone Cibitoke, bitatu ku Mutakura, kimwe naco mu Cibitoke. Mu giporisi hamwe n’abanyagihugu bavuga ko batabamenye abo bantu batatu bishwe bakerewe, abegereye ahatowe ivyo biziga bakavuga ko abo bantu boba biciwe ahandi, bagaca bazanwa gutabwa ku Mutakura.

Ikiziga kigira kane catowe kw’ibarabara rya cumi muri zone ya Cibitoke, akaba ari ic’umunyagihugu yavuka muri Buganda, azwi kw’izina rya Freddy NKURUNZIZA yahora akora kuri ETS (Ecole Technique Secondaire), abamwishe bakaba bamunigishije umugozi.

Umutekano wahungabanye no mu Nyakabiga hamwe na Gatumba

Amasasu menshi yumvikanye muri Nyakabiga ya kabiri, kw’ibarabara ry’icumi. Yari abaporisi bariko barakizura, baca barwa mu murwi w’abantu bitwaje ibirwanisho. Mu gutana mu mitwe kwabaye hagati y’abaporisi n’abo bantu, umuporisi umwe yarahasize ubuzima, batatu nabo barakomereka.

Mu Gatumba naho, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri, haratewe igisasu ntezwaminwe (Grenade) mu bunywero, kikaba cahitanye abantu babiri, abandi batatu barakomereka.
Iyo gerenade yatewe mu Gatumba, komine Mutimbuzi, hafi y’urubibe Uburundi buhana na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Ivyiyumviro vyanyu

Nubugesera,ubuho abantu babagwa atari inyamaswa,

6.12.2015 à 19:39
Kabizi

twosaba abo bantu bo muri opposition ko bogezaho kuko ivyo barimwo vyose twebwe abanyagihugu ntabwo tubashigikiye,knd bomenya neza ko atakirobera goshoboka kidashigikiw nabene gihugu twebwe intambara twarabony aho yatugejeje nibakomeze bahendwe bazicuza.

5.12.2015 à 05:23
mashaka freddy

twosaba abo bantu bo muri opposition ko bogezaho kuko ivyo barimwo vyose twebwe abanyagihugu ntabwo tubashigikiye,knd bomenya neza ko atakirobera goshoboka kidashigikiw nabene gihugu twebwe intambara twarabony aho yatugejeje nibakomeze bahendwe bazicuza.

5.12.2015 à 05:23
mashaka freddy

@Ikiziga Fifi, mbe aho utuka uyu mwigeme ngo nindaya wakiguguwe uramuzi ? Kanatsinda wiyita ikiziga vyerekana ko ugomba kubona ikiziga ca Fifi eka ntaco uzobona wakinywa maraso we Imana yamuremye iracamukeneye.

4.12.2015 à 08:04
kaka

Ahaaa !!mana tabara uburundinababutuyemwo niwewe wokubatabara ndetse ugirire imbabazinababikora kukobatazico bakora.

3.12.2015 à 23:40
Alexis Nimubona

@Fifi. None wa ndaya we yabigize umwuga hari uyobewe ko mwebwe abatutsi biyise Sindumuja arimwe muri kwiha inkumbi.

3.12.2015 à 21:00
Ikiziga Fifi (sindumuja)

jye murantangaza nkuko wogira ntimwumva cangwa ntimwabona genocide iba mu Rwanda nonoho mwe mwatanze iki kugira UN ibatabare ? Mwe muri bande ? igisirikare cyanyu muri kidashoboye kubatabara mushyaka icya UN haaaa icyanyu gitabara abasomalia ? africans

3.12.2015 à 20:49
jecy

Abarundi myrasinziriye murindiriye inde azoza kubatabara ? ntawuhari mutitabaye nigiki cabubuze 94 kugira Rwanda ntirutabarwe nimuje ngaho ngo bazobagirira imbabazi baze kubatabara. harageze ko abarundi mufungura amaso ukabona mukitabara
mukagarukira igihugu cyabibarutse ahandiho ntagyisigaye muri munterahamwe, imbonerakure, nigipolise .ca faut

3.12.2015 à 20:43
jecy

Arreter de mentir les opinions. SNR, milices imbonerakure, la police de Nkurunziza, bakomeza bica abo bose batemera mandat ya gatatu, hutu et tutsi bose ntabo bagera umutwe. Nkurunziza et son équipe doit répondre a tous ces actes.
Abo bavuga ngo extremistes Tutsi, nibo bariko barabikora kugira basamaze abantu, barondere abahutu babashigikira mukwica no guhonya abarundi.
Jewe nibaza ko Nkurunziza asara, ada komeye mumutwe. Nosaba abazomufata ko batomwica, bobanza kumujana bakamupima ko mumutwe iwe hakora neza, imbere yo kumubamba, canke kumuphunga. Vyoba vyiza bamumanitse kuri stade, bakamushira mu kirere, kuburyo abarundi bose bomubona, bakaza bamuha utwo arya rimwe mu misi ibiri, hama bakaja bamukubita ikiboko, aze aphe yishuye ivyo ariko akorera abarundi.

3.12.2015 à 20:34
Tuze

EMWE, TURAHONYE ATAGITABARA ! NDASAVYE ABAFUNDI TWESE TUGIRE AGACERERE GATOYI KUKO TURABUZE PE ! TURAHOJEJE ABO BAHORA BAKORANA,ABAREGWA,HAMWE NIYOMIRYANGO YABUZE ABAYO. MANA ,GARUKIRA UBURUNDI AHANDI HO UZOSANGA ABAWE BARAHEZE KABISA !!

3.12.2015 à 12:30
LAMBERT

Imana Nishitse Ubugombe Bwayo Ku Burundi,kuko ONU,na Leta Y’Uburundi Vyananiwe !Mana Fasha.

3.12.2015 à 10:28
Niyondiko Felix

Birababaje kubona ubwicanyi nkubu buguma bubandanya atacamira LETA ya nkurunziza vyose vyayinaniye

3.12.2015 à 00:58
Birababaje

Imana nitabare Uburundi,hakirikare ! Kuko Imitima Yaramaze Kuruha !

2.12.2015 à 23:05
Epimac Ndayishimiye

None Ubwo Bwicanyi Bwo Mu Burundi Buzohera Ryari ? Tuvuge Ko Buzoherana N’iki Kiringo Twovuga Ko Ari Ic’amaraso !! Hari Abibaza Ko Ubundi Babufise Mu Minwe Yabo !! Bizohera. Na Kadafi Yaratwaruye Abandi Baratwara.Nsinzi Ko Bashaka Gutwarura Nkawe !! Kandi Bamenye Ko Ubu Burundi Ar’ubw’ Imana !!!.

2.12.2015 à 21:42
Bazobisiga Oscar

MBEGA IVYO BINTU TWAMA TWUMVA BIZOHERA RYARI ?OYA MAMA ABADUKURIRA NIBARABE INGENE IVYO BINTU VYOGABANUKA NAHANDIHO TWEBWE ABANYAGIHUGU BO MUMPINGO ZITANDUKANYE BAZOHAHONERA.

2.12.2015 à 20:38
LE GRAND

JEMBONA BIGOYE

2.12.2015 à 20:05
KIMENYETSO

Abarund Twese Nimuz Twisubirek Nayubundih Tuzosanga Twabaye Inyamaswa

2.12.2015 à 19:54
Etienne Nkengurukiye

nukuri birababaje kandi nohanura abantu banwa kugeza mwijoro bobiheba kuko abo bagizi banabi ntibanezerwo bariko baranwa.twosaba umukuru w’IGIHUGU akagira Ikintu Yoba Yirengagiza kuko niwe afise ikintu cotuma umutekano ugaruka narebe icoyokora cutuma abo bari mwishamba bavayo.

2.12.2015 à 19:36
Prosper

KAYINIWE !TINYA IMANA

2.12.2015 à 19:31
BOAZ NIZIGIYIMANA

kwica umuntu muto ataco azi iyo si poritike ahubwo vyabananiye Imana irakwiye kugira ico ikoze kurabo bicanyi

2.12.2015 à 19:15
jonathan
1 | 2

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.