Accueil > Amakuru > umutekano > Mutanga Nord : Abagize imyiyerekano bariko barahirwa buke buke
Mutanga Nord : Abagize imyiyerekano bariko barahirwa buke buke
vendredi 8 Rusama 2015
Bamwe mu bazindutse bagira imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza muri quartier ya Mutanga Nord, bavuga ko bariko baronderwa na bamwe mu bakozi b’igendereza.
Abo bari mu myiyerekano, bakaba bazindutse baturira hafi y’ubunywero bw’aho bita kwa Muhudukazi muri iyo quartier ya Mutanga Nord, ariko bakaba baciye bashwiragizwa n’abaporisi, ndetse n’umuriro bari bacanye abo bari mu myiyerekano, abaporisi baciye bawuzimya. Abo bari mu myiyerekano baciye biruka mu tuyira two muri iyo quartier, bakatubwira ko kugeza ubu, babona bamwe mu bakozi b’igendereza bariko bagenda genda kuri Nyanzuki aho ku Mutanga Nord, bagomba uwo bafata.
Amakuru twahawe n’umwe mu bari mu myiyerekano, yatubwiye ko, uko boronderwa kwose, ikiringo ca gatatu batageza kuzocemera, kuko imyaka icumi yahawe Nkurunziza Petero kugira arongore Uburundi, yakwiye.
IGIHE
Messages
8 Rusama 2015, 12:08, par CLOVIS
BIRABABJ CANE KUBONA ABANTU BAPFA,BAZIRA IVYIYUMVIRO VYABO.LETA IKWIY KURAB ICO YOKORA KUGIRA IGARUR AMAHORO
8 Rusama 2015, 14:38, par EZECHIERSABIYUMVA
BANDANYE,MUCIYAMIRIZA,NATWETURABASHIGIKIYE,MUMENYEKO,NKURUNZIZA,INTAHE,IZOTEBA,IKAMUKUBITA,MUGAHANGA.
8 Rusama 2015, 15:59, par Dave Kamaro
Umukuru w’igihugu nagarure inyonga ivyo yakoze sibike ariko agomba aheze nabi kuko amaraso ariko araseseka si ay’ibitungwa n’ay’abarundi kandi ariko aseswa n,abarundi nyene kubera inyungu z’abantu bakeyi bamaze guhindura igihugu nk’agatongo barazwe na basekuru!
8 Rusama 2015, 16:01, par Dave Kamaro
Umukuru w’igihugu nagarure inyonga ivyo yakoze sibike ariko agomba aheze nabi kuko amaraso ariko araseseka si ay’ibitungwa n’ay’abarundi kandi ariko aseswa n,abarundi nyene kubera inyungu z’abantu bakeyi bamaze guhindura igihugu nk’agatongo barazwe na basekuru!
8 Rusama 2015, 16:28, par Daniel Ntavyisi
Mana Mana Uburundi Turakwinginze Ubutabare Kubwanje Mbona Ko Petero Nkurunziza Yoduha Amahoro Abagira Imyiyerekano Nabo Bakaruhuka(bakaronka Amahoro) None Ubunaho Batanguye Kubahiga!Ha Ha Ha Petero Nkurunziza Arabe Nezaaa.
8 Rusama 2015, 20:26, par BENJAMIN NIMUBONA
ABARUNDI BAVUGA UKURI KUK 10 IRAHEZE ATWARA UBURUNDI INEZA IZOTSINDA COURAGE
8 Rusama 2015, 22:24, par Martin habonimana
hooo!!abarundi turamerew nabi kumitima kuber abo biyamiriza pierre nkurunziza twasaba kobohagarika iyomyiyerekano bakamureka agatwara iryanyuma kuko baracanumugani at aharwanira impfizi zibiri ubwatsi nihobuhaherera natwe abanyagihugu turahera ndabasavye bave mwibarabara ok
8 Rusama 2015, 22:46, par mutabazi
Ngo batwitse kwa muhutukazi. Abatutsi bari gushaka kurangiza ibyo batarangije muri 1973. Ndizera ko izo nkozi zikibi zikatirwa uruzikwiye.
9 Rusama 2015, 00:37, par Nininahazwe Regis
None abo bapolisi ntiboreka abanyagihugu bashaka kwemezwa kunguvu?barasukwa yamara harabazobibazwa!
9 Rusama 2015, 11:40, par theodore
abo bapolice bo ni bntambira ikij rek turwanir ubwigeng btwirukak umus vyahndts bazomwiruk ko nkuk btwirukako
9 Rusama 2015, 21:57, par SALÈVE
NIBUMVIKANENIVYISI KUKOJEWE NDIRAKOBUCANKARARAMUNZUIBINDIVYOSENUBUSA