Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : abantu batatu bishwe umwe abanje gukibitwa umugere mu (...)
Muyinga : abantu batatu bishwe umwe abanje gukibitwa umugere mu magara
mardi 24 Ruheshi 2014
Abantu batatu harimwo umukwenyezi yitwa Buzoya Lidwine n’abagabo babiri nibo bagandaguwe mu ntara ya Muyinga, bakaba bamwe bishwe babanje gutemwa, uwundi nawe yicwa akubiswe umugere mu magara.
Nk’uko bivugwa na Sebujisho Ephrem umukuru w’umusozi wa Gatongati, umupfasoni Buzoya Lidwine yoba yagandaguwe n’abicanyi bari bamuteze umutego, kuko yishwe ariko arataha, ikiziga ciwe gica gitorwa ku munsi wa mbere igenekerezo rya 23 Ruheshi, mu gihe yari yishwe ku munsi w’Imana. Ikindi kiziga c’umuntu nyene yishwe kikaba catowe i Rabiro muri komine ya Butihinda. Uwo mugabo yitwa Cobra akaba yishwe abanje gutemagurwa, nk’uko bimenyeshwa n’inzego z’igiporisi i Butihinda, mu gihe uwa gatatu yagandaguwe inyuma yaho ahigiye n’abandi uko umushatsi witwa mu rurimi rw’igiswahili. Amafaranga 1000 gusa yabuze kugira arihe abo bahize, amaze kwitiranya ubwanwa n’umushatsi, akaba ari yoyazize.Yaciye akubitwa n’abahungu babiri, umwe amukubita umugere mu magara, aca aritaba Imana.
Abakoze ubwo bubisha bwose bwo kugandagura abantu muri izo komine zitandukanye aho mu ntara ya Muyinga canke abakekwako ako kabi, bakaba barafashwe ubu bariko barabazwa, n’izego zibishinzwe.
Aristide Nizigire