IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Umuryango watewe igisasu ntezwaminwe

Muyinga : Umuryango watewe igisasu ntezwaminwe

mercredi 21 Rusama 2014

Amatati y’amatongo niyo yoba ari inyuma y’igisasu ntezwaminwe (grenade) catewe umuryango wa Ntamavyariro Oscar wo ku musozi w’aho bita kw’i Buye muri komine n’intara ya Muyinga.

Nk’uko nyene urugo abivuga, batewe ico gisasu ntezwaminwe igihe c’isaha imwe y’ijoro bariko barafungura, uwo mubisha nawe yakibateye, akaba yagicishije mw’idirisha gica kibakomeretsa bose uko bariko barafungura ari bane, ndetse umwana umwe kuri babiri bari bakomerekejwe n’ico gisasu ntezwaminwe (grenade) yamaze kwitaba Imana. Abakomeretse ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro vy’i Muyinga.

Amatohoza akaba yamaze gutangura, abantu babiri bakekwa kuba bari mubateye ico gisasu ntezwaminwe bakaba bamaze gufatwa, bariko barabazwa mu giporisi i Muyinga. Amatati y’amatongo akaba amaze igihe abica bigacika hafi mu ntara nka zose z’Uburundi, aho abantu basigaye bicana, bamwe bagatemana, abandi nabo bagaterwa ivyo bisasu ntezwaminwe, mu gihe hari n’abandi usanga bagandaguranye mu bundi buryo.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.