Accueil > Amakuru > umutekano > Nairobi : Samantha w’imyaka 29 akekwa kuba ari mu bahitanye inganda muri (...)
Nairobi : Samantha w’imyaka 29 akekwa kuba ari mu bahitanye inganda muri Westgate
mercredi 25 Nyakanga 2013
Bamutazira umupfakazi yera. Uwo nawe si uwundi, ni Samantha, umugore w’umwongerezakazi akekwa cane kuba ari mu ntagondwa zatikije inganda mu gihugu ca Kenya, muri yanyubakwa y’ubudandaji ya Westgate.

Bamutazira ko ari umupfakazi yera kuko umugabo wiwe yari umwihevyi, ndetse akaba yahitanywe n’umutego yateze mu gihugu c’Ubwongereza mu mwaka w’2005, haca hapfa abantu 52. Izina rya Samantha Lewthwaite ryatanguye kunurwanurwa ku buhinga ngurukanabumenyi bwa Twitter ritanzwe n’abahevyi bari mu murwi wa al shebab bo mu gihugu ca Somaliya, abo bakaba biyemereye ko ari nabo bakoze rirya bara ryaguye mu gihugu ca Kenya.
Ivyo gukekeranya bikaba vyagiye kumarwa n’ijambo ryavuzwe n’umushikiranganji w’imigenderanire ya Kenya n’ayandi makungu, umupfasoni aho yavuze ko babiri canke batatu babanyamerika ariko bafise amamuko mu gihugu ca Somaliya canke b’abarabu hamwe n’umugore w’umwongereza amaze kugira ibitero vyinshi bigahitana abantu, bakekwa kuba aribo bahitanye inganda muri Kenya.
Samantha Lewthwaite ni nde ?
Samantha Lewthwaite afise imyaka 29 y’amavuko. Yavukiye mu gisagara ca Buckinghamshire mu Buraruko bushira Uburengero bw’igisagara ca Londres. Yatanguye kuja muri iyo mirwi y’abicanyi afise imyaka cumi n’indwi, aho yamenyana na Jermaine Lindsay ku buhinga ngurukanabumenyi. Jermaine akaba yari umusiramu wo mu gihugu c’Ubwongereza, mu nyuma baciye bubakana nk’umugore n’umugabo, mu nyuma Samantha aca arinjira mw’idini rya Islam. Inyuma y’imyaka ine gusa, uyo mugabo wiwe akaba yarahitanywe n’ikibombe yateze, gica gihitana abantu 52.

Uyo mugore rero w’abana babiri, yashitse muri kenya mu mwaka w’2007 akoresheje ibipapuro vy’inzira atarivyo. Mu mwaka w’2011, igipolisi co muri ico gihugu cararonse amakuru ko uyo mugore w’umwihevyi ari muri Kenya, bamaze kumurondera, bakaba batashoboye kumufata kuko yariko akoresha murekarengane yo mu gihugu ca Afrika y’Epfo.
Uyo mupfakazi yera akaba yoba ari mu bihevyi bakorera muri Afrika y’Ubuseruko. Nk’uko bishikirizwa na Daily Mail, Samantha yagirizwa kuba ari umuvugizi w’umuhari wa al shebab, ndetse n’ukuba ari umwe mubaha inyigisho abagore binjira muri uyo muhari mu bihugu vya Somaliya, akaba akandi ari mu bantu bakomeye, baronderera abanywanyi umuhari al-qaida mu karere.
Aristide Nizigire