Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara: Ibiziga bibibiri vyatowe mu ruzi Nyabagere
Ngagara: Ibiziga bibibiri vyatowe mu ruzi Nyabagere
jeudi 7 Nzero 2016
Ibiziga bibiri bitamenyekanye ,inkoho hamwe n’umwambaro wa gisirikare nivyo vyatowe mu gatondo co kuri uno wa kane igenekerezo rya 7 Nzero 2016 mu ruzi Nyabagere rugabura quartier ya Mutakura na quartier ya 9 ya Ngagara.
Umuvugizi w’igipolisi yamenyesheje ko ayo makuru ari yo,ariko ko hakiriko harakorwa amatohoza kugira ivyo biziga bimenyekane abo bantu abaribo niyo vyoba vyavuye.
Hari haheze iminsi ata biziga bitowe muri urwo ruzi inyuma yaho hari ibiziga vyatorwa muri urwo ruzi mu mwaka uheze wa 2015.
IGIHE
Messages
9 Nzero 2016, 19:26, par Nduwimana Felix
Aho hoho nibara ryiremetse ingata.
10 Nzero 2016, 00:59, par Nduwumukiza Saidi
Mbega Abobantu Binzirakarengane Babandanya Gupfa Atacamira?Baheruka Kuvuga Ngo Igiporisi C’uburundi Kirashoboye Guhagarika Ubwicanyi!None Turongeye Kwumva Ibiziga?Amakungu Nafashe!
22 Nzero 2017, 08:18, par REYIZI BOR
KUBWA AFRIKA SINZOCEREZA KANDO NO KUBWABARUNDI SINZOCEREZA KUGEZA HIZOYUMV,IRIMWIJURU IGATANG,AMAHORO KUBURUNDI HARIHIO ABICWA