Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Ikiziga c’umuntu yishwe ucumiswe imbugita mu mutima (...)
Ngagara : Ikiziga c’umuntu yishwe ucumiswe imbugita mu mutima catowe
vendredi 9 Gitugutu 2015, par
Abanyeshure bo kw’ishure ritoya ryo mu Ngagara ya 2 ntibakurikiranye ivyigwa kuri uwu wa gatanu, batekewe n’ubwoba kubera ikiziga c’umuntu w’umugabo basanze iruhande y’uruhome rw’ishure, baca barataha.
Ico kiziga c’umuntu yishwe catowe aho mu Ngagara, hafi y’ishure Kaminuza ryitiriwe umwizero wa Afrika (Hope Africa University), bikaba vyaboneka ko abamugandaguye bamucumise imbugita mu mutima, aca yitaba Imana. Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURUKIYE akaba yemeza ayo makuru y’ico kiziga catowe, akaba yamenyesheje ko gushika mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, uwo muntu atari bwamenyekane, mu giporisi bakavuga ko amatohoza yaciye atangura kugira bamenye uwo muntu uwariwe, bamenye abamugandaguye n’ingene bamugandaguye, hanyuma barondere izo nkozi z’ikibi zishikirizwe ubutungane.

Naho mu giporisi bamenyesheje ko batari bwamenye uwo muntu, Rémy Barampama, musitanteri wa komine NTAHANGWA yishikiye muri ico kibanza ahatowe ico kiziga, akaba yamenyesheje ko uwo yagandaguwe yari umusazi, ko yahora yirirwa arayerera muri karitiye ya Cibitoke.
Rémy Barampama, musitanteri wa komine NTAHANGWA agasaba abanyagihugu gukorana n’igiporisi mu kudoma urutoke ku banyagihugu batunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha, kugira umutekano ukomezwe.
IGIHE
Messages
9 Gitugutu 2015, 15:30, par j
abobatutsibagumsbivabantu.baragowe
9 Gitugutu 2015, 18:29, par nyenimbabazi
’yemwe mwabicanyi nimureke kwica kuko namwe muzopfa mwabonerakuremwe turuhurire turushe
9 Gitugutu 2015, 18:45, par mututsiwumutima
INkotanyi zacengeye i Burundi noneho zitangiye kwica n’abasazi. Umwicanyi kagame ntarobanura kuko atajya ahaga amaraso.
9 Gitugutu 2015, 19:22, par Scott
Umve uyo musitanteri ingene ari irofa rikwije amategeko, wewe wamenye gute ko ari umusazi kuruta abenegihugu birigwa muhira? Ahubwo nuko ntabutungane buri muburundi amatohoza yahera kuri wew ugasigura ukuntu wamenye ko yari umusazi, wew rero ujejwe kumenya abasazi? Abanyagihugu ko batavuze ko yari umusazi? Mana ivyo wavuze vyarasohoye gira uze udutabare.
9 Gitugutu 2015, 20:08, par ndondo
nibarukwige ahoga benewacu ntimurabona amabi yintamba?
9 Gitugutu 2015, 23:28, par mututsiwukuri
Uyu wiyita Scott . Ni intagongwa ameze nka Mbonimpa, Pacifique, Vital, Cimpaye, Nyaruhirira cyangwa Rukaraba (kagame). Amaraso y’abahutu aba baginga biyemeje kuyanywa iteka ryose.
10 Gitugutu 2015, 00:27, par umuny cyane
wowe wiyise Scott wakagabowe kinterahamwe Kagame yagukoze iki?amaraso azakomeza kukuyerereza nibibera iburundi mubimushyire kumutwe?Kagame numugabo kandi uzi ubwenge uburundi ni uburundi nurwanda nurwanda urumva ko bitandukanye njya ndeba interahamwe mwirirwa mwandika Kagame mumufashe hasi kuko numuyobozi sinumutegetsi,ngaho komeza ubwejagure wakagabowe kakabwa.
12 Gitugutu 2015, 10:37, par Ndamukunda emery
none nikuki mwamunyegeje mumaso ? iryo nirementanya mwase kwamenyekana.
12 Gitugutu 2015, 20:17, par Nshimimana
Twizere uhoraho aratubon
13 Gitugutu 2015, 13:41, par appolo
Ariko ndabaza impamvu zino nkozi z ibibi zikorera u rwanda zogakorerwa inkono ishushye. u Rwanda ni igihugu kiyobowe n abagabo nyabagabo bazi diplomacie. Vyabayobeye imbwa zose ziririrwa ziririmba u Rwanda . Sha ndabagire akataretse kaba gasema murisema kandi muzobona ko mwihenze
14 Gitugutu 2015, 13:46, par sinzumunsi
Twese niyo tuzoca kugira tuje mw’ijuru canke mu muriro bizovana nivyo umuntu azoba yakoze tumusabire
14 Gitugutu 2015, 19:37, par NDAYISENGA.VENANT
NAKAMARAMAZA.KUBONA.IBINTU.BATOBIREKA.TUKIBERA.MUMAHORO