Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Ngagara : Umukozi wa RTNB yagandaguwe hamwe n’umuryango wiwe wose
Yanditswe taliki ya 14-10-2015 - isaha 08:23' na IGIHE

Umukozi w’insamirizi n’imboneshakure y’igihugu (RTNB : Radio Television Nationale du Burundi) yagandaguwe arashwe, mu Ngagara karitiye ya gatatu, ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri.

JPEG - 8.7 ko
Christophe NKEZABAHIZI yafata amasanamu kuri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi)

Nk’uko bivugwa n’abari aho ibara ryabereye, Christophe NKEZABAHIZI yarashwe n’abaporisi bacungera inzego (API), akaba yagandaguwe hamwe n’umuryango wiwe ugizwe n’umutambukanyi wiwe, n’abana babiri, umwe w’imyaka 14 uwundi w’imyaka 16.

JPEG - 17.1 ko
Abana ba Christophe NKEZABAHIZI, umwe yari afise imyaka 14 uwundi nawe 16

Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, abicishije ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa Twitter, yamenyesheje ko intango ya vyose ari abaporisi babiri bari banyurujwe aho mu Ngagara, bararaswa, umwe arapfa uwundi arakomereka. Haciye haba ugukurikirana abo barashe abaporisi, Pierre NKURIKIYE akaba yavuze ku mugoroba ko kuri uwu wa kabiri ko hari hamaze gupfa abantu bashika batanu. Muri ubwo butumwa bwiwe kuri Twitter, Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi akaba atatomoye abo bantu batanu bamaze kugandagurwa abaribo, canke abo bariko bararonderwa kuko bari banyuruje abo baporisi abaribo.

Inyuma y’ivyo vyabaye mu Ngagara, harumvikanye amasasu menshi cane mu makaritiye yo mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura, tukaba tutarashobora kumenya ibindi vyononekaye muri iri joro ry’umunsi wa kabiri rishira uwa gatatu, ijoro risa n’iryabaye rirerire ku banyagihugu bo mu Ngagara, Mutakura na Cibitoke. Mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, ikaritiye ya gatatu yo mu Ngagara yazindutse yugarijwe n’abaporisi benshi, akaba ata munyagihugu yari arekuriwe kwinjira canke gusohoka.

Ivyiyumviro vyanyu

NIMWIHANGANE CANE NIKO BIMEZE.

1er.06.2016 à 17:47
Manasse

Ico Niyumvira Nuko Pièrre Nkurikiye Yodusobanurira Neza Abo Bantu Batanu Bapfuye Kari Aba Police Nuko Arabanyagihugu Ariko Abo Bantu Badashaka Amahoro Mu Burundi Baragowe Bakagomba Kuguma Batyoza Umukuru W,igihugu Cacu Nyakwirambira Kubutegetsi

8.03.2016 à 13:53
Gonzague

Mn vieux !! Rest In Peace !!! na twebwe ntaho mudusize turazi ko aha turi kurugendo !! Imana ibakire !!

20.10.2015 à 23:53
Manirakiza metode

MWIHANGANE ABO MUMIRYANGO YABA BISHWE

19.10.2015 à 08:02
BOSCO

MWIHANGANE ABO MUMIRYANGO YABA BISHWE

19.10.2015 à 07:59
BOSCO

Ubwicanyibuhagararemuburundi

18.10.2015 à 21:16
Bigirimana

imana ibakire

17.10.2015 à 15:56
privat

Ewe Burundi Waragowe Ukiriko Ubumuntu Asigaye Ajana N’umuryango Aho Baratoyuti Twari Benshi Narirya Tugiye Guhera.

17.10.2015 à 12:27
Gérard

@Bakari
ivyo wavuze nivyo kandi ndabizi,ariko i burundi ntibizosubira turazi ubwenge.

15.10.2015 à 18:30
fidelite

 @jojo,aimé liLi
Je vous emmerde autant que vous etes,nti bitangangaje udututsi mwarabaye udu PD(udutinganyi) .

15.10.2015 à 18:27
fidelite

@liLI
Genda ushinyikire ahandi idiot.

15.10.2015 à 18:22
fidelite

fidelite nikinyendaro byabindi banyina babyaliye kumuhana bitazi ba se. kiragaswera nyina.

15.10.2015 à 15:52
aime

nimba mu burundi hali abantu batatu nka fidelite . igihugu cyiragowe. kuko sindabona icyigoryi nkuru ruginga rwo gaswera nyina munnyo.

15.10.2015 à 15:49
jojo

umuntu wikigoryi nka fidelite nawe yishyira mu bantu bazi ubwenge. uransekeje. ntakindi ukwiye. uragaswera nyoko .

15.10.2015 à 14:37
liLi

@fidelite
"Be n"abandi benshi mwipfuza ko ivyabaye mu rwanda biba i wacu,ntavyo muzopfa muronse kuko abarundi tuzi ubwenge."
Ewe mugenzi ! Ivyabaye mu Rwanda muri 1994 ntaho bitaniye n’ivyabaye i Burundi muri 1972. Ahari ubudasa n’iko i Burundi abatanguye ihonyabwoko aribo bari bake mu gihugu, mu Rwanda naho ari igihushane ! Amabi yahabereye hompi nico kimwe ! Womenga ivyo bihugu vyavumwe n’Imana ntakundi ndibubivuge !

15.10.2015 à 10:36
Bakari

Yooo,yemwe ba polices reka ubwo bwicanyi mwica bene wanyu atar’umuvumo bozobazanira ntakindi. kandi harya uwakoz’amaraso y’intungane ntamahoro azoronka.enda rero gazaho, uwubatuma mwanke.

15.10.2015 à 10:18
buntu

ahaa imana nidufashe

15.10.2015 à 06:15
murwaneza samson

Hariho akagwi kabantu kabona ko umuntu ko ari inyamahaswa kakama kasheshe amaraso kandi ataco babaziza abarundi ntidusiba guhamba inzira karenganwe ikitavuzwe abapfakazi nifuvyi biciwe ababo batakigira ikibagarukirako Mana amaraso namosozi yamaze kurenga inkonbe tabara uburundi nbarundi

14.10.2015 à 22:13
Kaga

Ewe Mana turababay ! HARAGZ KUGIR IC UKORA KUKO ABANTU TWAHINDUY UBUSA AMATEKA YAWE.HA ! N IMISI YANYUMA GSA N ISHA YAW ITARAGERA.TUKUMBUKE KWEL !

14.10.2015 à 22:07
sylvain

Birababaje kubona hakiri abantu bakigerageza kunyuruza abapolisi ku buryo abapolisi nabo baca bihora bakagandagura abo bategerezwa kugandagura.Ababuze turabahojeje.

14.10.2015 à 20:42
André Nibikora
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.