Amasasu na gerenade vyumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu ushira uw’Imana muri zone ya Ngagara yahitanye umwana akiri muto yari agiye kwimwesha ari kumwe na se wiwe. Uwo muvyeyi wiwe yapfiriye kwa muganga aho yariko arakurikiranwa, inyuma y’ugukomeretswa na gerenade.
Amakuru ava muri Zone ya Ngagara amenyesha ko iyo gerenade yatewe ku kirindiro c’abasirikare kiri kw’ibarabara benshi bita «Irya Kanyoni», hafi y’ubunywero bita «Kwa TUNGA». Inyuma y’iyo gerenade yatewe, amasasu yarumvikanye.
Umwana azwi kw’izina rya Don NTUNGANE, akaba yahitanwe n’ayo masasu, mu gihe yari agiye kwimwesha, ari kumwe na se wiwe. Uwo muvyeyi wiwe nawe yarakomeretse cane, ageze kwa muganga aca yitaba Imana.
- Don NTUNGANE na se wiwe bitavye Imana bahitanwe n’ico gitero
Imananiremesheabarundibagumababurababo