IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngomo : Icegera c’uwurongoye Abakenyererarugamba yishwe anizwe

Ngomo : Icegera c’uwurongoye Abakenyererarugamba yishwe anizwe

lundi 19 Gitugutu 2015, par egide

Icegera c’umukuru w’abakenyererarugamba ba CNDD FDD ku mutumba Ngomo uri muri komine Giteranyi, NSEKERABANYANKA Liberate, yagandaguwe n’abantu bataramenyekana. Musitanteri wa komine Giteranyi avuga ko atawofatanya ubwo bwicanyi n’imvo za poritike.

Ikiziga c’uwo mukenyezi w’imyaka 45 catowe mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, mw’itongo ry’ibitoke, bikaboneka ko yishwe anizwe n’abantu bataramenyekana.
NSEKERABANYANKA Liberate yahora ari icegera c’uwurongoye abagore ba CNDD FDD ku mutumba Ngomo muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, abamubonye irya nyuma yari ateramiye ku kabare. Abo mu muryango wiwe babonye amasaha yitereye atarataha, baciye baja muvyo kumurondera kuri ako kabare aho bari bamubonye, ariko barahamubura. Batashe niho batora ikirato yari yambaye, baca baronderera muri iyo micungararo. Ikiziga ciwe caciye gitorwa mw’itongo ry’ibitoke.
Abantu batanu bafashwe ku mvo z’amatohoza.

Musitanteri wa komine Giteranyi, NDUWAYEZU Floride aremeza ayo makuru avuga ko NSEKERABANYANKA Liberate yishwe anizwe n’abantu bataramenyekana, ariko akavuga ko urwo rupfu ataworufatanya n’imvo za poritike, ahubwo akavuga ko amatati y’amatongo ariyo yoba ari inyuma y’ubwo bwicanyi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.