Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Ngozi : Umusirikare w’Uburundi yahitanwe na Gerenade yari afise
Yanditswe taliki ya 14-06-2016 - isaha 13:15' na IGIHE

Abantu babiri bahitanwe na gerenade yaturikiye imbere y’ishure ritoya rya Ngozi ya kabiri, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, mu gisagara ca Ngozi. Abandi batanu nabo bakaba bakomeretse cane. Muri abo bitavye Imana, hakaba harimwo umusirikare w’igihugu c’Uburundi, ari nawe yari afise iyo gerenade.

Hari igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo ibiri z’agatondo, aho gerenade yari ifiswe n’umusirikare akorera mw’ikambi y’i Ngozi yaturika, imbere y’ikirindiro c’abunguruza abantu ku makinga. Iyo gerenade yari mu mufuko w’ikoti y’uwo musirikare Caporal NTUNZWENAYO Christophe, akaba yaciye yitaba Imana aho nyene. Uwundi yahasize ubuzima ni umunyagihugu yakora akazi ko kwunguruza abantu kw’ikinga, akaba yari hafi y’uwo musirikare.

Abandi bantu batanu bagizwe n’abanyeshure babiri hamwe n’abunguruza abantu ku makinga batatu bakomeretse bikomeye, bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vy’i Ngozi.

Imbere y’ikiziga c’uwo musirikare Caporal NTUNZWENAYO Christophe hakaba hari iyindi gerenade yari hafi guturika, igiporisi kikaba caciye kiyituritsa kugira ntiyihe inkumbi.

Amakenga ni menshi kuri ivyo vyabaye, abanyagihugu bamwe bati ryoba ari isanganya, abandi bakiyumvira ko uwo musirikare yashatse kwiyahura, abandi nabo bakavuga ko yoba yari agiye kuyitera ahantu canke ku bantu batamenyekanye.

Albert NDUWIMANA, Buramatari w’intara ya Ngozi akaba ahumuriza abo banyagihugu, akabasaba kubandanya babungabunga umutekano.

Uwundi muntu umwe yaraye ahitanwe na gerenade yari afise, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, muri zone Kanyosha, kw’ibarabara rya kane, mu gisagara ca Bujumbura. Iyo gerenade yarakomerekeje abandi bantu batatu nk’uko bimenyeshwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Iyindi gerenade yatowe itaraturika muri zone ya Buterere, kw’ibarabara bita kw’Isamariro. Igiporisi c’Uburundi kivuga ko ari umuntu ashobora kuba yari ayifise, ariko abonye abajejwe umutekano agaca ahitanwo kuyishira hasi.

Ivyiyumviro vyanyu

NONE NUMUNTU YOBA YASHATSE KUYITERA ABANTU ACA ARATINYA KOBOMUFATA ?

20.06.2016 à 09:16
VENATO

Ntabwenge Yarafise Nikigugu Nuko Gusa Yahitanye Abandi

19.06.2016 à 12:56
Ndayishimiye Jonas

Erias

18.06.2016 à 10:39
######

Ndi Kampala Uganda ntakundi byagenda n’ugusenga nanjye mvuka ku mwumba mw’isamilo

15.06.2016 à 01:51
mpawenimana innocent

jw icombona nugusenga cane Tugakovya cane pe !!!

14.06.2016 à 21:38
Niyonkuru Cedric

ISHIRAHAMWE DWA TAGISIVE RIRIHANGANISHIJE UMUDYANGO WABUZE

14.06.2016 à 20:55
IRIYASI

None kwariwe yiyahuye ntawomuririra hababajwe uwomutaxi yarimpandeyiwe ndabajije ati ? nisanganya ? canke ntiwosanga aruwo yaragiyi kugirira nbi hama ugasanga imana iracarimbereyiwe . hama igaca imuhigihano .erega icutipfuza kobakugirira ntukakhgirire abandi kuko imana ihorihoze.

14.06.2016 à 20:48
MUYINGA

mana udufashe !

14.06.2016 à 17:41
ndayikeze j paul

ayo masanganya yama yabaye !mana ivy uburundi biragoye

14.06.2016 à 17:32
ndayikeze j paul

Mana tabara uburundi bugeze habi !

14.06.2016 à 15:57
Jewe

Mana tabara uburundi bugeze habi !

14.06.2016 à 15:57
Jewe

MANA TABARA UBURUNDI YESU DUSABIRE IMBABAZI TURARUSHE

14.06.2016 à 14:59
SIBOMANA

Uwo ni imbones

14.06.2016 à 13:58
Ruduha

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.