Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ni ibihe bibuga vy’indege vya mbere vyo muri Afrika
Ni ibihe bibuga vy’indege vya mbere vyo muri Afrika
lundi 10 Ruheshi 2013
Ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibibuga vy’indege, ryaratanze kw’igenekerezo rya 6 Ruheshi 2013, urutonde rwanyuma rw’ibibuga vy’indege vya mbere vyo muri Afrika, muri urwo rutonde hakaba harimwo ikibuga c’indege kimwe rudende co muri Afrika y’Ubuseruko.
Urwo rutonde kandi rwaremejwe n’inama mpuzamakungu y’ibibuga vy’indege kuri iryo genekerezo nyene rta 6 Ruheshi uyu mwaka turimwo. Ikibuga c’indege ca mbere basanze mu mwaka w’2012, cashoboye gucako abantu bagera ku miriyoni 10,8 mu gihe ikibuga c’indege kigira icumi ku rutonde umwaka wose hashoboye kurengana abantu imiriyoni 5,2.

Kuri urwo rutonde kandi, ibibuga vy’ibindege vyo muri Afrika y’Uburaruko bwa Afrika, bikora ku mwanya ku mwanya kandi biboneka ko babicako cane. Ivyo bibuga vy’indege vyashoboye gushikana ibice 14 kw’’ijana, mu gihe hari n’ibindi bihugu vyashikanye 1,1 kw’ijana mu mwaka wose.
Muri ivyo rero, hari n’indege zo muri Afrika zabonetse ko zashoboye gupakira abantu benshi, aho twovuga nka Kenya Airways aho yapakiye abantu bashika imiriyoni 6,3 mu mwaka wose.
Ivyo bibuga cumi vya mbere vyashoboye kurenganwako abantu benshi mu mwaka w’2012 mu mamiriyoni y’abanyu bikurikirana uku :
1. Johannesburg (Afrika y’Epfo) ;OR Tambo : 18,8
2. Kayiro (Misiri) ; Cairo International 14,8
3. Cap ( Afrika y’Epfo) ; Cape Town Inernational 8,5
4. Lagos (Nigeriya) ; Murtala Muhammed 7,2
5. Casablanca (Maroke) Mohammed wa gatanu 7,2
6. Hurghada (Misiri) Hurghada International 7,1
7. Sham El Sheikh ( Misiri) Sharm El Sheikh Iternational
8. Nayirobi (Kenya) Jomo Kenyatta 6,3
9. Alger ( Algeriya) Houari Boumédiène 5,4
10. Tunis (Tuniziya) Tunis Carhage 5,2
Aristide Nizigire