IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Nyarusange : Abantu bane bafashwe bagirizwa igitero cabaye

Nyarusange : Abantu bane bafashwe bagirizwa igitero cabaye

jeudi 29 Gitugutu 2015, par egide

Abarwanyi indwi barishwe, abandi batanu barakomereka mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cabaye muri komine za Nyarusange na Ryansoro, mu ntara ya Gitega. Abajejwe intwaro muri iyo ntara bamenyesha ko igiporisi kikirondera n’abandi aho boba binyegeje.

Umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho wateye muri komine ya Nyarusange na Ryansoro, mu ntara ya Gitega. Buramatari w’intara ya Gitega, Manirambona Venant avuga ko bari abantu bari hagati ya 20 na 25, bane muribo akaba aribo bari bafise inkoho, bakaba bateye muri komine Nyarusange, baca batera baja muri komine ya Ryansoro. Indwi muri abo bateye barishwe, abasigaye nabo bariko barahigwa n’igiporisi.

Abanyagihugu bo muri komine Nyarusange ari nabo babonye ubwa mbere uwo murwi w’abo bantu, bamenyesha ko bari baje bava mu ntara ya Mwaro, binjiriye muri komine Nyabihanga, abanyagihugu bababonye baca babimenyesha abajejwe intwaro n’umutekano. Buramatari w’intara ya Gitega amenyesha ko habaye ukurasana kw’umwanya muto. Venant MANIRAMBONA avuga ko indwi muri abo barwanyi bishwe, abandi batanu barafatwa, akemeza ko ku ruhande rw’abasirikare n’abanyagihugu ata n’umwe yagize ico aba.

Abantu bane bose bo muri komine Mugamba gushika ubu nibo bari mu minwe y’igiporisi ku mvo z’amatohoza. Bafatiwe muri komine Nyarusange, ku musozi wa Kabimba, baca burizwa umuduga w’igisirikare.


IGIHE

Messages

  • nimurindire imana igiritabare

  • mbe mworeka kubuga ivyo mutamitswe mukavugisha ukuri mwobiki rindira gato ukuri kugiye kuja ahabona murekuja mushikiriza ibinyoma Petet aragenda ntagisivya mureke kuja muracirya nino

  • mbe mworeka kubuga ivyo mutamitswe mukavugisha ukuri mwobiki rindira gato ukuri kugiye kuja ahabona murekuja mushikiriza ibinyoma Petet aragenda ntagisivya mureke kuja muracirya nino

  • Baribagize nihano Bujumbura abanyagihugu bamwe baho basigaye babonako gukingira umwicanyi ariyokazoza yabo none batumazeko abacu! Ndababwizukuri tuzobahasha mushakemubebeshikajana nimifukoyamasaka barayishombera imbere yimachine isya ariko imachine iritonda igafata amasahameshi ariko bwabufukobwose batondesha bwamasaka ikaruhuka ibuhanaguye, natwerero bizodufata igihekinini ariko izonjavyi tuzihashe.

  • Bajye babarasa kubafunga ntacyo bimeze.

  • NIBAKIRIMBIRE MUTAKULA NA CIBITOKE NYENE NAYO INTERIEUR IRAFISE ABAYO BAYITAYEMWO URUZOGI, BARAMAZE KUBONAKO IKIROBERI C’ISHAMBA BADAPIMA REKA RERO TURABEKO IGIHUGU GITWARIRWA KUMUTAKULA, TURAKEJE ABENEGIHUGU BANYARUCARI BITANGO NABO MURI INTERIEUR KUBWIRA BAMAZE IMISI BEREKANA, MUGUME KWIBANGA NAYO ABABITA IBITAZI NGO NTIMUZIGUTORA MURI IBIJUJU TUZORABE.

  • TURAKEJE ABAPORI UKUNTU BAVYIFASHEMWO MUKUVUGUTIRA UMUTI UMWASI IMAMA IHEZAGIRE ABA PORISI IBONGERERE INGUVU NUBUHINGA.

  • Jeshi retu ra poris nawatakia kazi njema endereya kua makini nakazi make tuna wategemeye nyie

  • Unviriza mwovuga mworeka uburundi nubwabarundi bose mberenabanyamahanga baremerewe kububamwo ,abahutu,abatutsi, abatwa ,bose bafisuburenganzira buvakumana bwokubamuburundi abarihanzebose bazotaha abije abatije bose bose nimuburundi uwupfi vyavuze yogombayovugamake akuvuganabi woryanabi awagonvyivyihuta yakubitiye nyinamubantu umugani uganakarìho.

  • Turazina abitwa ba Miburo Leonidas babura kuza kwigisha ngo bashaka gusubirira president buca tubahira agati twongere tukabavugutire,’’Isema y’inda itondera ku rwara’’

  • NIMBARA KAGWI KABANU BADAKOMEYE KUKO NTAMUNTU YOBA AKOMEYE YOKORA IBINTU NKI VYO SHERABAZOGARA NATWE BANYA GITEGA NTIDUCEZE JEICONSABA NIBADUHE MAHORO AMARASOYASESETSE AMAZE ARIKO MUNTU URIKO RICAMWENEWANYU ATACOMAHO UMEKO IMBERE YIMANA UZOVYISHURA KANDIMANAYOYO NTUZOYIHA MOSITEL CANKE PIRIMSI CANKE IHUMBICUMI YOYO IZOKUBAZA UBWENGE YAGUHAYE ICOWABUKORESHEJE WISHEMUNTU UBAKOZEMUJISHO RYIMANA

  • Ahubwo Nimwige Kuvuga Ukuri!Burya Inda Woyibwigwa Nuwayirayeko!Kand Ngo Ruriye Mukaso Rurindiriye Nyoko!!Rer Mwaba Cndeche Fdeche!Mwitonde!Kuk Imana Si Bagorikunda.Imana Nimana.Gs Ndabasabe Kuvuga Icomwabonye Kizire Kuvuga Ivyomwunvis.Karashizingani Murare Mukabare Kubera Basaza Bacu Nabenewanyu Nabashkibanyu Barayebishwe Atagitabr?Barayamazengo Utoranabi Ugatwagwa Nabi!Ndabasabira Imana Izikwege Iminwa Yamwese Abomur Cenidega Fdega

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.