Accueil > Amakuru > umutekano > OIF : Michaelle Jean ariyamiriza ubwicanyi bwahitanye abantu mu (...)
OIF : Michaelle Jean ariyamiriza ubwicanyi bwahitanye abantu mu Burundi
lundi 27 Ndamukiza 2015, par
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe OIF, umupfasoni Michaelle Jean, avuga ko arajwe ishinga cane n’ivyabaye kuri uno w’ Imana igenekerezo rya 26 Ndamukiza, aho abantu bari mu myiyerekano bishwe.

Nk’uko biri mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa 26 Ndamukiza, Ati : Ubwicanyi bwose butegerezwa gucigwa urubanza bugahanwa n’inguvu zose. Ati ndahamagariye impande zose gutekana, gukoresha ubwitonzi. Ibiganiro ni vyo bitegertezwa gushigwa imbere , nk’uko umupfasoni Michaelle Jean abivuga , aho yibutsa ko akazi ka mbere k’abajejwe umutekano n’inzego zijejwe kwivuna abansi , gukora ibishoboka vyose zigakingira abanyagihugu.
Umunyamabanga mukuru wa Francophonie , akaba yaraganiriye umwanya utari muto kuri terefone n’intumwa idasanzwe mu karere k’ibiyaga binini , ariwe Monteiro Mascarenhas.
Iryo shirahamwe OIF ry’abavuga ururimi rw’igifaransa, rimenyesha ko ryoteguye kuganira n’abasanzwe bafasha Uburundi, kugira baterere mu gufumbatira amahoro n’intwaro rusangi.
Floxella Karire