Accueil > Amakuru > umutekano > OP1 Pierre NKURIKIYE : « Ubwo bugizi bwa nabi bufatiye ku kwihorahorana (...)
OP1 Pierre NKURIKIYE : « Ubwo bugizi bwa nabi bufatiye ku kwihorahorana »
mardi 31 Rusama 2016, par
Mu gihe ishirahamwe SOS TORTURE rimenyesha ko mu kiringo c’indwi imwe gusa twaraye dusozereye abantu bagera kuri batandatu aribo bishwe, ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko mu matohoza bamaze kugira basanze ubwo bubisha bwavuye ku kwihorana.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, OP1 Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi yamenyesheje ko bihweje ibikorwa vy’ubugizi bwa nabi bigize iminsi vyibonekeza, na cane cane ukugandagura abantu, kubanyuruza hamwe n’ukubatera ibisasu ntezwaminwe (Grenades), ubushikiranganji bw’umutekano bwamenyesheje ko amatohoza amaze gukorwa n’igiporisi c’Uburundi yerekanye ko ata mvo za poritike ziri inyuma y’ubwo bwicanyi, nk’uko bamwe babivuga.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
« Ubwo bugizi bwa nabi bufatiye ku kwihorahorana biba mu bantu bafise ivyo bapfa, bikaba ataho bisa bisana n’ibiterwa n’imvo za poritike nk’uko bamwe bamwe bama bashaka kubisigura. »
Mu bantu bagandaguwe muri iyo ndwi twaraye dusozereye, harimwo intwazangabo y’umukukuruke mu gisirikare c’Uburundi, Colonel RUFYIRI Lucien, hamwe n’iyindi ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi, Colonel NDIKURIYO Jérôme, yanyurujwe n’abantu bataramenyekana.
IGIHE
Messages
31 Rusama 2016, 11:02, par buda
Ariko ga Nkurikiye nta soni?Adolphe yapfa itongo na nde?Bikomagu na Darius hari imanza z’amazu cank amatongo bapfa nabandi?Ahubwo nimba ntihenze natahuye ko ari ukwihorahorana kwa politique nigisoda.Lucien umu fab na Jerome umu pmpa.Ntaco muhenda abantu kuko ejo nawe wopfa ntawoca avuga ngo warufise amatati yamatongo
31 Rusama 2016, 12:27, par tari
Ibinyoma vyabakamanye kubera igitigiri kinini cabà ntu mwirirwa mugandagura none ngo namatongo mbe abomwirirwa mwabitsubusaa kwibarabara nabo mupfa amatongo ubu urwanda rurahavuye none haje ko abariko baricwa bapfa amatongo mbe ndakubuze mugihugu cacu cuburundi hariho itegeko ryemera kwicumuntu mwoba mufise icomupfaho jewe namandabivuga nubu ndabisubiyemwo izoningaruka mbi ziterwa nuko uburundi bumaze umwaka urenga atareta bufise kuko icogiporisi nkurikiye avugira caramaze guta umurongo kuko kitagira abagitegeka nawariwe ubwiwe ntazi ivyavuga
31 Rusama 2016, 13:24, par K
@ Duda, cuvuga icobahowe icarico.
31 Rusama 2016, 13:53, par None?
Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!
Ego turagukeje nyakubahwa OP1 Pierre NKURIKIYE. Kandi burya abarundi twese turagukunda. Mugabo abo bose bamaze gupfa ni imvo za politique, kuko birakwiye ko sentare ica itanguza amatohoza hakamenyekana ico bazize.
Zoba ari Imbonerakure zabigize zikazobibazwa.
Zoba ari inkona zaruzwa (abanama rimwe b’imbonerakure) zabigize zikazokwaruzwa.
31 Rusama 2016, 14:07, par Vivi
umve uzomenyaneza ko ari imvoza poritike ubonye ushikiriwe nkuwobaheruka kunyuruza yaciye yibuka ko yahora akura ibigwanisho mubanyagihugu ntabimare! nawe uzomenya ko ikinyoma kitamara umwaka ufaswe.
31 Rusama 2016, 15:53, par None? Ikiziga
Ewe nkwirikiye ntumaramara,ivyanyu vyabataye kuwamazi,rindira nawe buca kabiri bakwabize,"AKAJE NTIKAZIRA UMWE"
31 Rusama 2016, 16:15, par tolerance zero
izo nkozi z’ibibi uko ziri kwose zifatwe zihanwe!!!
31 Rusama 2016, 16:16, par tolerance zero
izo nkozi z’ibibi uko ziri kwose zifatwe zihanwe!!!
31 Rusama 2016, 18:06, par CAKIRA
ahubwo nukubacakira izonkozi zikibi
31 Rusama 2016, 20:11, par Ikiziga cyaboze TARI.
Nkurikiye ntiyabeshye.
31 Rusama 2016, 20:24, par MUYAHUDI
EMW NTABIDAHITIRA KUBURUNDI! IMANA NIDUTABAR NAYAHANDIHO TURASHIRA NTANDWI IHERA HATABAY UWAPFUY! MANA DUTABAR
1er Ruheshi 2016, 06:35, par None?
Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!
Hanohepfo harihotwa mujeri dukomeje gukoresha izinaryanje kwubahuka umunyacubahiro wigihugu nyakwubahwa nkurikiye ngoyabeshe ariko bwiyibagiza kohariho uwabubajije ngo nimba uyumuvugizi wigipolisi ivyoyavuze atarivyo komwovuga icobishwe bazira?
Apana ukwokwiratira ngonawe muzomwica hanyuma niwamwica wewe uzocumara imyaka 100 kw’Isi ? Umvandabasubiriremwo twarababwiye kandi turakomeza kubisubiramwo namba mwariyemeje kwicankuko muvyivugiye muracabise akazi kuko mwibukeko kuvamutanguye kwica mumwaka uheze umwaka uraheze mumaze kwica hafi abarundi 500 mucamwumvako kugiramuzomare abarundi bababa 10 millions mucamubona imyaka bizobatwara ukwingana ndibaza kwarimyaka majana ? Mukabamuziko ababose bapanga kwica nabashiramungiro bakica mumyaka 50 irimbere ntanumwe azobakiriho nowuzokwidananiza akazobakiriho kubera amarasoyasheshe azoba ababara kuvamwino gushika mumushatsi azobasigaye yipfuza icomukura kw’Isi.
Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!
Ututwa Mujeri dukoresha izinaryanje mukwandika ivyotwiyumvira twibagiyeyuko jewe ntokwubahuka kwivuganabi kuko mwihendera mukubuganabi Imbonerakure mugihe najewe ndimbonerakure ubuna nokwivuganabi!?
Nzokwamandabibasubiriramwoko ibimenyetso vyose vyerekana umuntu yamaze kuhumirwa birababonekako neza.
Umvanawe nkumuntu ureba ukabona numuntu akuze kandi nudushure yaratwize akaduka akiyitirira ivyo uyundi yanditse akavugango: murantunge ivyonanditse ngonihenze! Ndababwire abavyeyi barahomba! None harubugugu gusumba ubwo? Canke guhumirwa nka Kiranga gusumba ukwo?
1er Ruheshi 2016, 09:37, par Masabarakiza Aloys
Ewe Burundi Urambabaje.
1er Ruheshi 2016, 09:38, par None?
Ewe Buundi ukomeza gusimba imanga!
Burya rero nari nihenze kuko nari mvuye kwa muganga, murantunga kubona nanditse nkeza imbonerakure. Kuko imbonerakure nimbi nizo zatumazeko abanywanyi. Rero ni uguca ntwongereza inguvu tukazana democratie ikwiye kubarundi bosi.
1er Ruheshi 2016, 10:05, par turaje
Njye turaje kuva ubu sinkiri Imbwa. Nanjye niyemeje gushyigikira nyiricubahiro Nkurunziza.
1er Ruheshi 2016, 16:06, par None?
Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga!
Imbonerakure nimukomere murabagabo bintarumikwa kugerubu nabahora babapinga murabonye ko babonako gukoresha izinaryanyu kugira batange iciyumviro arivyo bibahesha icubahiro komera Mbonerakure ntawukorako muribihangange.
Jewe banje iyombonye umuntu antezakwandika yemwe ncanumva nezerewe cane none konimugariye ubundahabona ko ngumanisomera nongera niyandikira ivyombonye rero abotuguma duterana amajambo ncanumva arivyiza kandi ninavyo bituma ndonka uburyobukwiye bwokuroswa ububuryo nkoresha mukwandika,
Nicogituna mubona nkunzekwandikavyishi nukuberanyene mfise umwanya ukwiye kandi bigatuna ndiswa uburyo bukwiye kuko iyontanditse abampuburyo bacabavugango urimubiki? Iyomubonye ntarikondandika mbanabimenyesheje abasanzwe bamfasha kontamwanya ngiyekugira mwinomisi.
Nubworero harabantu biharaje gukoresha izinaryanje mukwandika ibipfuye ariko kurijewe vyatumye abodukorana babonako najegenyuye abataribake nkoresheje kwandika niyicariye ubinako arirworugambanshoboye kubera nimugariye.
1er Ruheshi 2016, 20:58, par None?
Ewe Burundi ukomeza gusimba imanga! Burya rero nubwo namugaye ariko ndakunze gushikiriza ivyiyumviro vyanje abanywanyi banje. Nico gituma ndababarira ngo mwirinde Imbonerakure kuko nimbi. Aho hasi ntimuravye ko nari maze kuzihayagiza naje nkavuga ko ni imbonerakure. Burya bari banyemereye amahera ngo ndabahayagize mugabo kuko namaze kubatahura nico gituma ndabashikirije ko ntari kumwe nabo. Imbonerakure nimbi muzirinEwe Burundi ukomeza gusimba imanga! Burya rero nubwo namugaye ariko ndakunze gushikiriza ivyiyumviro vyanje abanywanyi banje. Nico gituma ndababarira ngo mwirinde Imbonerakure kuko nimbi. Aho hasi ntimuravye ko nari maze kuzihayagiza naje nkavuga ko ni imbonerakure. Burya bari banyemereye amahera ngo ndabahayagize mugabo kuko namaze kubatahura nico gituma ndabashikirije ko ntari kumwe nabo. Imbonerakure nimbi muzirinde.
1er Ruheshi 2016, 23:52, par kanyarwanda
Za mujeri ziri gucafuza izina rya (None) twazimenye nibamwe muba sans echecs bitwa*turaje hamwe na tari*. Uyu Turaje niwe witwa Tari kandi niwe wahoze yiyita Falcon cg liLy. Nimbwa bo kanyagwa. Kwanga Nkurunziza ni umuvumo . Nibabe bahekenya impungure i Mahama mukambi mu Rwanda.