IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Pacifique Nininahazwe asaba ko umutekano wa P C Mbonimpa wongerezwa

Pacifique Nininahazwe asaba ko umutekano wa P C Mbonimpa wongerezwa

mardi 4 Myandagaro 2015

Pacifique Nininahazwe asaba ko umutekano wa Petero Karaveri Mbonimpa n’umuryango wiwe wocungerwa neza.

Pacifique Nininahazwe avuga ko umukenyezi wa Petero Karaveri Mbonimpa yamaze kumenyesha ko yatanguye kubona uruja n’uruza hafi yaho asanzwe aba mu Carama,muri komine ya Kinama,mu gihe yari yagarutse mu gihugu kuwa mbere igenekerezo rya 3 Myandagaro 2015.

Pacifique Nininahazwe amenyesha ko mu gihe vyoba ngombwa, Petero Karaveri Mbonimpa yoshobora kujanwa hanze.

Mwomenya ko abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi,nka Reta Zunze Ubumwe za Amerika,uwuserukira Ububirigi n’Ubufaransa bagiye kuraba Petero Karaveri Mbonimpa aho arwariye.


Van Naris Mugisha

Messages

  • TURASAVYE ABARUNDI N’AMAKUNGU MUDUKURIKIRANIRE UMUVYEYI WACU.KUKO IGIHUGU KIMAZE KUBURA INTWARI NYISHI.HAGEZE HO TUGARUKIRA IGIHUGU CACU.

  • PACI,BANDANY MUSMERERA ARIKO NDABONA INYAMASWA HARIMWO NA NKURUMBI ZAGANGUY.GERAGEZA MURAB KO MUTAMA YOSHIKA HANZE.IMANA IBAHZAGIRE.

  • None ivya barundi birantangaza, none umuntu naho mwoba hari ico mupfa apfuye ntibigurako uca utamba ugatarika nkuko abo ba pacifique nabandi bari mu rwanda ni bugande babigize kuko aho bari simwi juru kuko nabo urupfu rurabarindiriye, guhoza umuryango wa PC Mbonimpa nisawa, ariko mwakino gihe baribakwiye noguhoza umuryango wa adolf nshimirimana, aha nasanze abanyepolitque umenga urupfu ntaco rubabwiye kandi kubera bari hanze yigihugu umenga bari mugihugu bose nibanyagupfa, ikiriho ubu nuko mbona umenga abatutsi (exilés) bashaka gukora ibishoboka vyose basotore abahutu birare mubatutsi bandikishe génocidé hama ibikurikira bacange iyindi carta bibazako urwanda ruzobafasha ariko bakibagirako akarere nako katagizwe n’urwanda gusa peut etre na uganda, ivyarivyo vyose uburundi tuzobubanamwo sinibazako dushobora kwemerako bimera nk’urwanda

  • Imana Irakuzi Kandi Iragukiza Mutama.Abo Watabay Imana Yumvise Ugusenga Kwabo,urakira Mw’izina Rya Yesu.

  • Munyarukane Hanze Nyabuna Kuko Abomungereye Usanga Aribo Bamurondera. Mbe Pacifique Wibagiye Ababantu Abaribo? Ntubona Ko Bapfuma Bajaniranya? Iyumvire Adolphe Yitorera Abamucungera, Ariko Uwundi Abamuhiga Nibo Baca Bamutorera, Baca Nyabuna Bamuhohosha.

  • Ewe bea ,mbega aho uvuga ngo pacifique ntahojeje umuryango wa adolofe,uwo nyakwigendera uzi ingene yishwe? ahubwo sengera Mutama wacu Imana imukize abandanye ubutumwa bwiza,abandanye afasha abarenganywa niyo leta itagira ikigongwe ikarenganya impfuvyi n’abapfakazi babatwara utwabo muguca izangondegonde buzuza ivyo bida vyabo bituzura ariko bizuzuzwa n’umusenyi w’ikuzimu gusa.Mana bagirire ikigongwe ntibazi ico bakora kuko ntibakwakiriye nk’Umwami n’umukiza wabo!dolofo niwaba wibutse guhamagara Imana IRAKUZI kandi irazi abayo wishe bariko bagusaba imbabazi ,abana bayo wishe nabo uzobasanga kw’irembo ry’Ijuru bakurindiriye nkawa mutunzi nawa mworo lazare!Murundi we kunda umwansi wawe nkuko Imana igukunda itaravvye akabi kawe!

  • Umutekano Ntiwokongerezwa Kuri Mbonimpa Wenyene,dusab Kowokongerezwa Kubarundi Bose.

  • nibavaneho umwanda. ndizera ko leta igomba gukubura igihugu ikavanaho inyangaburundi. ni hahandi agomba gupfa tu.

  • PACIFIQUE ABANTU BAMAZE GUPFA NI BENSHI ARIKO WEWE UMENYE KO UZOTINDA UGACIRIBWA URUBANZA KUVYO UMAZE IMISI UKORA. SAWA

  • Pasifike mbega uraziko abasiba reta yuburundi kwaribo baribivuganye uwo muzehe? Mbeguraziko baryawitako aribobobeza kwaribobaribamwivuganye? Mbeguraziko nawewe ubifisemwo uruhara? Mbegakwabaribahitanye uwomuzehe aribobahitanye Gen. Adolph Nshimirimana akabaribo babangamiye niyi reta yigihugucacu ushatse kuvugako reta numuryango wambonimpa numuryango wa Adolph niriyaniryangoyose imaximisi imyicirwa abayo yose yovamu Burundi? Jewe uyuvuze nzanumva kurimumirwiwinjavyi bitangoye, bisigurako mubwirabantu ngobakore amabi ngohanyuma tuzocarubwira amakungu Ko vyayangaye tuzohangana mpaka kumunota wanyuma ubuhoho turinugihugu.

  • Baraja Kuraba Umuryango Wa Adelphe.Bamuvuga Amakuru Kuribato Apanagucagura.

  • Pacific tahuka uje ku rugamba isanganya rigusange ku kivi tu est encore jeune et finalement le service mimlitaire obligatoire ne vous a rien servi. ko Mbonimpa bamurashe qui va prendre le relève? ubu ni mwataha tuzobihakana muhengera rukamvye mugaca mwiruka hanyuma ngo muraduserukira!!!!!!!!!!!!!!!!!!

  • Mimi nahomba kama munapenda petero mbonima claver akatusiwi nyuma ya ichi kwa sababu akibaki wanaweza kumuhuwa!

  • P.C Mbonimpa Imana Nimuzigame, Nayo Adolphe We Nimwakire Kandi Imurabir Ico Bakwiranye Kuvyo Yakoze Nacanecane Kubabikira Bayo.

  • Tuguhaye misuhuko MUTAMA wacu Mbonimpa,umwansi aguciricobo Imana ikaguciricanzo.turazi ivyukora ukora ibikorinka ninaco unahorwa. incuro zirenga 40 watotejwe uhorwa kurwanira agateka kazinamuntu. mboneyeho nokusaba uyumuntu wacu Mbonimpa yokingirwa na makungu,kuko abansi biwe baraho nubundi agakira bashobora kumuhohosha.kuko isi yanyereye ntiyuma.

  • pasifike ivyiwe turabizi ahubwo nawe ahari ararye arimenge harimukugera ahoyishura abantu yaturiza amapine icenda na kane kandi ivyo bizoshika umusi umwe isaha imwe numunota umwe urubanza ruzobaruheze nashake rero avuge make urugamba bararutanguje tuzobarwanya mpaka ijuru nisi bifatanye kandi tuzorutsinda uwuvuga ngo mbonimpa ngo akora vyiza ivyiwe bamwe turabizi ibibi vyiwe kuba atapfuye birababaje cane

  • agati gateretswe nimana ntigahenurw numuyaga mpere mutama iyakuremy irakubona

  • Ukuri guca mu ziko ntigusha, Pierre Claver Mbonimpa, ivyamaze gukora ntamurundi numw w’umutima afise ugukunda igihugu camwibarutse yoreka kumushimira...yaritanze atiziganya, mukugwanira agateka ka zina murundi wese ataravye amoko canke intara...naboba bavyirengangiza kuvyemera, turazi ko imitima yabo ibibabwira...hari nubwo usanga muribo nyene harabo yakijije!!! Turasavye, abarundi twese twikubite agashi, uwo mutama ntihagire uwurota amuzimanganiriza ubuzima, n’uwakoze ibiheruka yihane bikomey kuko yaramenje..."Barundi twese, Zego ziturongoye nituje hamw, twibuke ku Burundi ari bwatwese, tuvavanure n’inda ndende, twigize kure ubwicanyi kandi uwubukoze abuhanigw ivyakarorero hama duhe iteka Uburundi bwatwibarutse mu makungu!!! Ubu turatey isoni mumaso y’amakungu, abashingantahe, abapfasoni, urwaruka nituve hasi icarimw twiyamirize ingendo mbi yabay ndanse mugihugu cacu, Uburundi busubire kuba Uburundi bwubahwa n’ayandi makungu...Imana izobidufasha kandi sikera kugira Uburundi bwiyambike Umutamana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.