Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Patrick Karegeya yoba ari inyuma y’urupfu rwa Matata Christophe?
Patrick Karegeya yoba ari inyuma y’urupfu rwa Matata Christophe?
mardi 22 Gitugutu 2013
Mu gihe benshi babandanya bibaza ku rupfu rw’umuririmvyi w’umurundi Jean Christophe Matata yaryamiye ukuboko kw’abagabo ku wa 3 Nzero umwaka w’2011 inyuma yaho agiriye ibiteramo bitatu mu gisagara ca Johanesbourg mu gihugu ca Afrika y’Epfo, umwe mu bakobwa bagendana na Patrick Karegeya yari mu buhungiro mu gihugu ca Afrika y’Epfo, yavuze ko umukunzi wiwe yoba ari inyuma y’urupfu rw’uyo muririmvyi.
Inyuma y’urupfu rw’uyo muririmvyi rurangiranwa mu karere k’ibiyaga binini, ndetse no mu makungu, rwavuzweko ibitari bike.
Karegeya na Matata bakunze umukobwa umwe
Amakuru dukesha bagenzi bacu bakorera IGIHE mu RWanda (www.igihe.com), avuga ko Patrick Karegeya ari mu buhungiro muri Afrika y’ Epfo, ari we yateguye umugambi wo kugandagura uwo muririmvyi. Umurundikazi yoba yanse ko izina ryiwe rimenyekana ku mvo z’umutekano wiwe, avuga ko ari umwe mu bakobwa bagendana na Karegeya. Uwo mukobwa n’amarira menshi akaba avuga ko yari asanzwe ari umugenzi wa Matata kuva kera bakiri i Burundi, ariko baja gutandukana, umwe wese aja mu gihugu ciwe, uwundi aja ahandi. Inyuma y’imyaka indwi bakaba ariho bahuriye mu gihugu ca Afrika y’Epfo, inkumbu ari nyinshi.

Inyuma y’igiteramo ca mbere, barasubiye guhura, bahurira mu gisagara ca Durban, aho Matata yari yatumiwe n’abarundi baba muri ico gisagara. Uyo mwigeme akaba avuga ko kuva ico gihe, baciye bagumana na Matata, kuko Karegeya Patrick bari basanzwe bagendana, muri ico gihe yoba yari afise gahunda yo kuja mu gihugu ca Tanzaniya, canke muri Somaliya, uyo mwigeme agaca aronka akanya ko kugumana na Matata atawubadogoya.
Uyo mwigeme w’umurundikazi rero, yoba yaratangaye inyuma y’umunsi umwe gusa, agiye abona ubutumwa bugufi, bw’uwo yita umutware wiwe, buje bumubarira ko yogenda hano, uyo yaritavye, ariko agenda afise ubwoba, kuko yibaza ko Karegeya yoba yamenye ko uwo bagendana, yoba yararanye na Matata. Uyo mwigeme rero akaba avuga ko yatangajwe rwose n’ukwumva Karegeya Patrick yamubariye aho ivyo yarimwo na Matata vyose, aho bahuriye nawe, nkaho vyasa n’ukwo Karegeya yoba yari yabinyegeje ahantu, maze agakurikirana utwo bikoza. Muri ako kany Karegeya yabariye uwo mukunzi wiwe ko Matata atamwizeye, ko yoshobora gukoreshwa na bamwe mu bamuzi mu gihugu c’Urwanda, maze bakamugirira nabi. Uyo mwigeme, yaremereye Karegeya ko yaryamanye na Matata, ariko ko atanakimwe yigeze amubaza, ku bijanye na Karegeya.
Ayo makuru rero akaba abandanya avuga ko Karegeya yoba yaciye asaba uyo mukobwa ko yoha umuti usinziriza Matata, gutyo agaca asaka muri terefone yiwe ko atabutumwa ngendanwa canke ko atabantu boba bamuhamagaye kugira arabe ko atabarimwo mubo yoba yicura. Uyo mwigeme, avuga ko amaze gutandukana na Karegeya,hari umwe muri baramu ba Kayumba Nyamwasa boba baramusanze aho mw’ihoteri Matata yari yashikiyemwo, maze wa mwigeme abaha ivyo yari yashoboye kwegeranya muvya Matata, aca abiha uwitwa Ntwari Franck, ararondera ivyo akeneye vyose, munyuma aragenda.
Bukeye bwaho, Matata yoba yavyutse atameze neza, yumva intege zacitse, ari nakwo guca aja kwa muganga i Cape Town, mu nyuma aritaba Imana. Abakurikiranye ibintu vyiwe, baranavuga ko hari bimwe muma dosiye yiwe vyabuze. Uyo mwigeme yoba ubu yaragarutse mu gihugu c’Uburundi ku gutinya ko yicwa na Karegeya, kuko yoba yari amaze iminsi amutumako uwo Ntwari Franck. Uyo mukobwa kandi, aremeza ko mu muti yoba yarahawe na Karegeya, woba ariwo wagandaguye Matata.
IGIHE
Messages
22 Gitugutu 2013, 13:32, par gatum
Mwabakenyezimwe.huyu mwigeme korindaya. mana tabara abatuye isi kuko indaya yumurundikazi ? ikoze amahano huyumucuraranzi imana imwakire yacurangaga neza bikanyura abantu.hizondaya zizorimbuka .nizozagakoze mugihugu cyabaturanyi cy, urwanda.none zasubiriye murasemere abarundi
22 Gitugutu 2013, 14:36, par amani
Ni akamaramaza ndababwire niba uwo mugenzo ukibonekeza mubanyafrika turagowe. Birakwiyeko ukuri kuja ahabona
22 Gitugutu 2013, 14:36, par amani
Ni akamaramaza ndababwire niba uwo mugenzo ukibonekeza mubanyafrika turagowe. Birakwiyeko ukuri kuja ahabona
23 Gitugutu 2013, 06:39, par Umurundi
@gatum
Mbega aho ugerageza kwandika mu kirundi gipfuye iyo ubishira mu kinyarwanda neza wari kuba iki ko abarundi bari kuvyumva?
Ku vyerekeye iyo nkuru jewe nibaza ko twokwemera ko ari ukuri ari uko habaye itohoza rikozwe n’ abantu babimenyereye kandi badafise aho bahagaze. Ko iyo maraya ihari simbona igituma Leta y’ uburundi itotangura kubikurikirana iciye kuri Ministère public kuko icaha pénale, iyo ministère ifise ubwo burenganzira.
23 Gitugutu 2013, 13:41, par NTIBASHIRAKANDI Henry
None ga yemwe abacuraranzi coba kizira kurongora nka abandi? Mbona ubushurashuzi ari bwo yazize.Ivyo bitanga icirwa no ku bandi.Baze birinda abagore ba ivyigenze bidandaza
23 Gitugutu 2013, 13:48, par soni
Huyumwigeme. abantumuzigusenga mumusabire.kuko indaya? zimezenabi ariko arakoza isoni abarundikazi. abanyepolitiki birinde indaya .bakore akazikabo neza. imna izobahezagira mutarebye murizondaya
24 Gitugutu 2013, 07:49, par ann
Abanyarwanda baragowe! huyumwigeme iburundi ntabanyepolitiki? bahaba kubera iki atagiye kuyobya abarundibenewabo?. sha umenya harikiryoshye mwaliye irwanda. karegeyawe yagajya gusambanya abobarundi batagira umutimana hiyoshaka mwenewabo utazamumera ibanga....abana bwirwanda kobagarira
25 Gitugutu 2013, 13:23, par Rugamba
Sha ahubwo amatwi ansumira numva ko ngo yoba (Matata) ngo yaragomba kuneka canke kuroga Kayumba selon les ont dit vyose Imana niyo yobimenya.
14 Ntwarante 2014, 03:03
Muzi n’ibindi; bibiliya ivuga ngo ingero (ibihembo) y’icaha n’urupfu. Ari iwaroze; ari uwasambanye Bose ntawakoze ikinezereza Imana. Vyose n’ikizira kuriyo.
28 Munyonyo 2014, 16:22, par touby
Mureke kubabaza umukunzi we nako fiance we kuko comments zose arazisoma hano
28 Munyonyo 2014, 16:31, par touby
Mureke kubabaza umukunzi we nako fiance we kuko comments zose arazisoma hano
26 Rusama 2015, 10:21, par Musa Chiza
Ntavyinshi novuga ahubwo Karegeya nakurikiranwe akaba ari mumakosa nawe acirigwe ugwo gupfa
26 Rusama 2015, 10:22, par Musa Chiza
Ntavyinshi novuga ahubwo Karegeya nakurikiranwe akaba ari mumakosa nawe acirigwe ugwo gupfa
11 Ruheshi 2015, 20:39, par Gavana
None? karegeya aringahamuburundi karegeyanafatwe ahanwe guko nuwomukobwa vyose arabizi nashengeze karegeya? Guko uborupfuntigokwijana kandi inkoziyikibi yaramazekumenyekana
19 Nyakanga 2016, 13:13, par STEPHANE
NAFATWE NAKARE AFISE AMANYANGA MENSHI.NA KAGAME YARAMWIRUKANYE