IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Petero Karaveri Mbonimpa aragabisha ko hari umugambi wo gucafuza (...)

Petero Karaveri Mbonimpa aragabisha ko hari umugambi wo gucafuza igisirikare

mercredi 13 Rusama 2015

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze guteza imbere agateka ka zina muntu nako abapfunzwe APRODH Petero Karaveri Mbonimpa, amenyesha ko hoba hari umugambi wo gucafuza igisirikare kugira naco gihagarikirwe imfashanyo.

Petero Karaveri Mbonimpa yabwiye bagenzi bacu bo muri Radio Isanganiro ko,uwo mugambi ugamije kwambika,bamwe mu bari mu rwaruka rw’umugambwe uri ku butegetsi,impuzu za gisirikare,bakabashira mu modoka Pick up zifise inimero ndanga muduga za IT.

Urwo rwaruka rukaba rwoba rufise igikorwa co kwinjira mubariko bagira imyiyerekano nk’abaje gufasha hanyuma bagatangura kubacucagiramwo amasase.

Kubwa Mbonimpa,ngo ico gikorwa nta yindi ntumbero gifise Atari ugucafuza urwego rw’igisirikare rwari rusigaye rwizewe,kugira narwo ruhagarikirwe infashanyo nkuko vyatanguye kuba ku gipolisi.

Ku bijanye no kumenya nimba iyo nkuru ari ukuri Petero Karaveri Mbonimpa yavuze ko ayo makuru ayakesha abantu bayazi neza,kandi ngo yabivuze mu ntumbero yo gukinga, kugira ngo nka hamwe bibaye atabivuze umutima ntuzomwagirize igituma vyabaye atavuze.


Van Naris Mugisha

Messages

  • None uyo mugambi, wokorwa n’uruhande uruhe, ni nde awufisemwo inyungu hamwe infashanyo gisirikare yohagarikwa. Adutomorere ido n’ido kuko iyo nkuru ni akamanyu!

  • Amanyanga gusa , amanyanga gusa! Nta kindi birigwamwo atari ikwisamburirako. Babuze kubaronderera ivyogukora biteza imbere igihugu bikanabakenura ubu babonye ko batobandanya bica inzirakarengane binyegeje none bagire bihindure abasirikare. Gaciyubwenge uraba wumva. Ingabo zawe nimba zigenga zihabere magabo mukuzofata abo bicanyi kandi biroroshe kuko abasirikare barazinanyi.

  • Sarita kumusozi sazirigihugu neza was muswa we nsi nahora ntukakana ariko amarementanya yawe guteranya abene gihugu guteranya reta ninzego zayo gucafuza igihugu vyawe bingeze ahantu

  • turazi kwariyo mihilbiri yabapolice ntangabo zigihugu zovyubahuka.nyakubahwa gaciyubwenge harageze rero kukora vyimvamutima ntibacafuze igisoda twese turacizeye.

  • ntakintu nakimwe kibaho mutakoze kugira mutyoze mucafuze mwambike ibara imbonerakure ariko gushika ubu biramaze kugaragara ko ukuri kwama ari kumwe ubwa mbere mweje abarundi namakungu kozahawe ibirwanisho kugira zice abari mumiyerekano nabadashigikiye iringo cakabiri cumukuru wigihugu none vyamaze kugaragara neza ahubwo kwarime mwateguye kumara imbonerakure mutanguye amayeri yandi teshwa mute

  • ntakintu nakimwe kibaho mutakoze kugira mutyoze mucafuze mwambike ibara imbonerakure ariko gushika ubu biramaze kugaragara ko ukuri kwama ari kumwe ubwa mbere mweje abarundi namakungu kozahawe ibirwanisho kugira zice abari mumiyerekano nabadashigikiye iringo cakabiri cumukuru wigihugu none vyamaze kugaragara neza ahubwo kwarime mwateguye kumara imbonerakure mutanguye amayeri yandi teshwa mute

  • Nukur Mutama Petero C.Mbonimpa Turakenguruts Iyo Nkuru Kandi Tugasaba Ko Wobandanya Uvuga Kugira Abasirikare Ntibabur Agahembo Kabo. Nabo Abapolisi Nibaraban IzomboneraKur Bazituz Hanyuma Baronk Agahembo Kabo

  • INCACANYA ZIRAMA NONE UWO MUTAMA URUSAKU RUZOMUSHIKANAHE (IGIHUNA NTIGISEMA NIYOMVUGO YACO)

  • Mutama aho uvuze ukuri kuko biramaze kwibonekeza ahatari hake,igisoda nikilaba nabi kurambara ibara kuko uwo mugambi urahari nkuko ubona mugipolisi harimwo imbonerakure zambaye impuzu z’igipolisi kandi Atari abapolisi ari nabo barasa cane abari mumyiyerekano.Ikimenyi menyi nizo mpuzu n’ingofero vya gisilikare muri kumva ngo vyafatiwe mungoro z’umugambwe CNDD FDD ntakindi ziba zirorereye usivye guhabwa imbonerakure kugira ngo zizokole akazi ko kunigagura abantu bice vyitirigwa abasoda b’igihugu.Abasoda babure kuhakanurira.

  • Wanuzehewe nawaba uzintangagupfa uzopfanabi, kuko ntakikindi kikuraje ishinga ataruguteranya abarundi, wibike kotubiziko icogusirikare uvuga Ko utagukunda bikabonekera igihe civuna umwasi muri Cibitoke uvyawacagirije ntituravyibagira. Ikindi abasirukare bagutoteryari ngubabere umuvugizi mbewasubiriye ryari Baratuza?

  • IMBONERAKURE MUKO BURE KABISA UBWO NKURUNZIZA YARAZI KWAJA DAR-ES-SALAAM AKAGARUKAAMAHORO UZI KWARI SIVILIANE KOKO.

  • MUTAMA IRAMBIRE.AHUBWO KOMEZA UDUTOHOREZA NIBINDI KUGIRA VYOSE BIZE BIBE TWARAMAZE KUBIMENYA.EREGA BUGAY AMARADIYO ARIKO NTIBUGAY IMINWA Y’ABARUNDI BIMITIMA!.

  • Ivyiyisi ntivyoroshe mana garukirukire abaw

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.