Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Pierre Nkurikiye : ’’Umutekano wifashe neza muri rusangi mu gihugu cose’’
Yanditswe taliki ya 11-12-2015 - isaha 20:34' na Van Naris Mugisha

Ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko naho hari ibitero vyabaye mu gatondo ko kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 11 Kigarama 2015 mu makambi atatu ya gisirikare,umutekano wifashe neza muri rusangi mu gihugu cose.

Mw’itangazo ry’ubushikiranganjo bw’umutekano ryasomwe n’umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye kuri uno wa gatani igenekerezo rya 11 Kigarama , ubushikiranganji bw’umutekano bumenyesha ko uretse mu gisagara ca Bujumbura aho abanyagihugu babujijwe kuja ku mirimo kugira ntibarwe mu mporero,ahandi mu gihugu imirimo yakozwe ukuri kwamye.

Muri iryo tangazo,ubushikiranganji bw’umutekano burahumuriza abanyagihugu bose,na cane cane ababa mu bice umutekano wahunganye,bukamenyesha ko inzeo zijejwe umutekano ziriko zirasubiza ibintu mu buryo.

Mu kurangiza,ubushikiranganji bw’umutekano bugaruka ku mirwi ihungabanya umutekano imaze gutuzwa,hamwe n’ibirwanisho bimaze gufatwa,bugashimira abanyagihugu ingene baterera mu gucungera umutekano bukabasaba kuguma bafatanye mu nda no kurwiza inguvu mu kwerekana inkozi z’ikibi zihungabanya umutekano.

Ivyiyumviro vyanyu

Presidant Peter Nkurunziza Tumurinyu Gusantazasubire Kuvuga Umutekano Ntawodufise

18.12.2015 à 11:05
Pégaze Nzoyikunda

ndi pegaze ndagarutse umunta wese akwiye kumenyayuko tukwiyekwiyubara mana tabara uburundi bugeze ahatemba

18.12.2015 à 10:45
Pegaze Nzoyikunda

Mbegako Avugayuko Umutekano Ariwose Abapfa Arabazi Ahubwo Yavuko Umutekan Arimuke Kugirabenegihugu Tubemaso Kumwasi

18.12.2015 à 09:53
Pegaze Nzoyikunda

mana tabara igihugu c’uburundi

15.12.2015 à 12:31
elie

Mana Tabara Igihugu Cawe Cuburundi Kigezahatemba Kuko Kigira Gihonere Mumanga Bitewe Na Bana Babantu

12.12.2015 à 20:08
Bizose

Imana Ifashe Uburundi Nayahandiho Turagowe

12.12.2015 à 13:39
Gerard

nibumutekano wifasheneza murugo iwe nahandi nikobimeze

12.12.2015 à 11:35
kajeguhakwa

niba umutekano wifasheneza murugo iwe nahandi nikobimeze ?

12.12.2015 à 11:28
kajeguhakwa

Nariko mvuga ko atawuzokwigera asimba nintambwe nukuri nimureke kwiyahura ingabo zihagaze neza kandi zirapanze bwira abo babatuma nabo baze kururwo rugamba urabeko badafatwa canke bicwa niho mwovyemera abo bavuga ngo ni imbonerakure mbe ndababaze nimba ubwenge bukora neza cndd fdd yoba ifise urwaruka yatoranirije gupfa gusa nabandi bazogumaho ?mwebwe basha ba muvuga make nimba arivyo bigira abo banyangoma nabandi ko bataza nabo bavyigire ?umugabo murabo bari hanze bakokeza ingwano azoze gutera nawe arimwo arabe ko azosubirinyuma
Turakeje inzego z,umutekano zose uko zavyifashwo mbe wibazako bobo naho botwara wibazako izonzego bazozirukana ?bazokoresha izonyene bariko bararwanya uyu munsi
Ndangije mpoza imiryango y,abarundi yabuze kuko n,abapfuye naho arintagondwa nabana babarundi bapfuye abasigaye twobasaba kuva ibuzimu mukaja Ubuntu twubake igihugu ntimwishinge ako kagwi ngo niza cnrad murambabarira sinzi nokukivuga kuko nanka ko kinca mukanwa kuko kiriko gihekura uburundi Murakoze

12.12.2015 à 10:50
big

Barundi mwese mukunda uburundi umutekano uhungabanye tuba dukwiye kwitwararika ineza za bene burundi nimureke gukokeza mushaka ko abantu baguma biyahura,kandi mwebwe mwandika mushigikira intovyi nimwe mutuma abana b,uburundi baguma baja gusotora inzego zigihugu bibaza ngo barashigikiwe yemwe yemwe agipfa kiburiwe ni impongo ntamuntu numwe nkuko abarongozi babivuze azoza guhungabanya umutekano

12.12.2015 à 10:34
big

Respect

12.12.2015 à 08:08
jojo

Naho biruko weho waruvuze ko abantu biriwe batagiye kumurimo murisuranira.nimutubwire ko arimwebwe mugira ibitero kurayomakambi ahandiho ntitwumva ingene mwoguma mutubwira ngo umutekano ngurahari baca umugani bati :<<NTAWUHISHA UMWOTSI INZU IRIKWIRASHA.>>Namwe muriko murahonya abasirikare ngo muronke ingene musubriiza na nzambonerakure mumenye ko twamaze kubimenya turabizi. abagihungu ntimwinshi bateye amakambi !!! ninkimamico zaporitike.

12.12.2015 à 05:47
Prosper

utazi ubwenge ashima ubwiwe

12.12.2015 à 05:12
julia

utazi ubwenge ashima ubwiwe

12.12.2015 à 05:11
julia

Mumajambomake baryabapfuye ntamu polisi canke uwujejwe umuntekano wuburundi yashaka kobapfa, ariko kubera bashaka guhungabanya umutekano abajejwe umutekano bababwiyengo re ka gu hu nga ba nya umutekano, kandi batabikozegurtyo ibara ryorwa gusumba, ariko ndibazako ivyontaworinda kubibigisha abajejwe umutekano nicogituma bama bafise inkoniyabo igihecose.

12.12.2015 à 02:21
Avec

Komera Pierre Nkurikiye kwibanga, Ndagushigikiye umutekano uriho kubera dufise aba jejwe umutekano binkerebutsi nkamwe. Abavuganabo ngo urabesha ngontamutekano uhari ntawobibagayira kuko ntakuntu wokwishiramwogo ndashaka kwiyahura ngokugira ahomperereya humvikane kohariho umuntu yapfuye ngohagire uwukubuza, namba bazokomeza kuzabitwaje ibirwanisho ntakibuza mutazokomeza kubabwirango" reka guhungabanya umutekano.

12.12.2015 à 02:14
Avec

Urashobora kuvuga ko umutekano wifashe neza nibiziga biri kumutwe wawe. Wewe mumisi iza ntuzosinzira, ukikijwe nibiziga

11.12.2015 à 23:01
petero

ntitwovyizera.ijana kwijana ahubwo nukwiremesha !biragoye kwumvako umutekano ari ijana kwijana ukaca wumva abantu batagira umubare bariko barapfa !ahubwo sanze muriko muradusamaza kugira twiyibagire twikebuke batumenye imitwe !mbega ngire ico nibariza barya bantu bari bateye bari bazananye izira iyihe ?ivyiwacu ninkinamico !murazi kudusamaza ariko twaraciye ubwenge !

11.12.2015 à 22:11
nzobandayabarirwa

Ikibwibwi

11.12.2015 à 21:16
Mutima

komera mutama !!umutekano nuwa twese aho bitagenda neza tuzobabwira musubize ibintu mu buryo !!

11.12.2015 à 21:15
kace

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.