IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Reta y’Uburundi yaviriye hasi ikibazo c’abana bo mw’ibarabara

Reta y’Uburundi yaviriye hasi ikibazo c’abana bo mw’ibarabara

mardi 13 Nzero 2015

Mu gihe abana mw’ibarabara baguma bibonekeza ku bwinshi bariko barasegerereza, umushikiranganji w’agateka ka zina muntu avuga ko Reta yahagurukiye ico kibazo.

Godelieve Nininahazwe umushikiranganji w’agateka kazina muntu n’ukunganisha ibitsina, avuga ko Reta yafashe ingingo zo gukingira abo bana usanga babayeho mu buzima bwo mw’ibarabara. Ivyo uwo mushikiranganji akaba ayabivusze mu gihe abo bana bibonekeza mu mabarabara atandukanye y’igisgara c’i Bujumbura, bamwe barara muri ayo mabarabara, abandi nabo bakirigwa barasegerereza, mu gihe mu masaha yo mw’ijoro uyoberwa abigeme n’abahungu, aho bose ugasanga batonze iruhande y’ubunywero butandukanye canke amazu y’ubutambiro, basabiririza abasohotse bose.

Atari bake bakabona ko abo bana benshi buzuye mu mabarabara basabiririza, hamwe hadafashwe ingingo ziboneka kuri bo, igihugu cibikiye ikara mu mpuzu,mu gihe abo bana bariko bakurana imitima ikomantaye, aho banywa urumogi n’ibindi biyayura mutwe bitandukanye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.