Accueil > Amakuru > umutekano > Akarwi k’abasuma bambura impuzu abantu bagasigara uko baremwe n’Imana (...)
Akarwi k’abasuma bambura impuzu abantu bagasigara uko baremwe n’Imana karagisibije
samedi 6 Mukakaro 2013
Abanyagihugu bo mu gisagara ca Bujumbura bamaze iminsi bavuga ko hari uturwi tw’udusoresore dutegera abantu mw’ijoro, maze tukabasahura ivyo bafise vyose , ndetse hari n’abakomeretswa n’utwo turwi nyene, bakamburwa impuzu, kandi utwo turwi twoba turi hafi mu makaratiye nka yose.
Muri iri joro ryakeye, uturwi twabasuma tubiri twarategereye abantu bari batashe, umwe yaribwe urukombamazi, ndetse baranamukomeretsa. Nk’uko uyo musore yabitwiganiye, ngo yariko arataha, maze ashitse haruguru y’ubunywero bita Petit Suisse aho bita palais des meubles uriko utera uja muri karatiye ya Asiatique, niho akarwi kabasuma bane bamufata, baramukubita, bamutwara terefone ngendanwa n’amafaranga yose yari afise. Uyo musore amenyesha ko yatabawe n’abagendesha imodoka zimwe zunguruza abantu bita Taxi.

Akandi karwi nako k’abasuma, kategereye umuntu atashe muri iyo komine nyene ya Rohero, maze ashitse nawe nyene aho bita ku makara hepfo y’ubunywero bw’aho bita kwa Teransi, aca ahura n’akarwi k’udusoresore dufise imbugita, ariko Imana yarakinze kuko nawe nyene yatabawe n’abanyezamu bo muri iyo micungararo, ariko abo basuma baramutaburiyeko impuzu, ndetse baranamukomeretsa.
Ngo si irya mbere abanyagihugu batashe bahura n’ingorane muri karatiye Asitique iri muri komine ya Rohero.
Mu minsi iheze ako karwi k’abasuma karateshejwe kagire kibe ku rugo rw’umuntu, abapolisi bacunze umunyacubahiro aba iruhande baratesha, mu gihe abanyagihugu bagira bihanire. Abanyagihugu bo muri karatiye ya Asiatique basaba Leta ko yohagurukira ikibazo c’urwaruka rwiyerereza muri iyo karatiye haba mu masaha yo ku murango canke mw’ijoro, kuko basigaye bambura n’impuzu abantu bagataha uko Imana yabaremye, icibagiwe co ngo n’impeta canke imigufu y’inzahabu, n’amasaho y’abagore.
Aristide Nizigire