IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rohero - Buyenzi : Abanyamahanga 11 bafashwe n’igipolisi

Rohero - Buyenzi : Abanyamahanga 11 bafashwe n’igipolisi

lundi 7 Gitugutu 2013

Igisirikare n’igipolisi vy’Uburundi barahagaritse ku munsi w’ejo kuw’Imana abanyamahanga cumi n’umwe mu bikorwa vyo gukizura no gusaka vyakorewe umwanya umwe muma komine abiri yo mu gisagara ca Bujumbura, Rohero na Buyenzi. Ivyo bikorwa vy’igipolisi n’igisirikare vyari ivyo kurondera abantu canke ibintu bishobora guhungabanya umutekano w’igihugu.

Pierre Nkurikiye, icegera c’umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi yamenyesheje ko muri karitiye benshi bita Asiatique, muri komine Rohero hafashwe abanyanahanga batandatu kandi ko bagipfungiwe mu gasho kari muri iyo komine nyene ku mvo z’amatohoza. Abo banyamahanga batandatu bafise ubwenegihugu butatu, ariko ata kibaranga na kimwe batunze. Ni naco gituma igipolisi cabahagaritse kugira bakorweko amatohoza.

Mu ntango y’ivyo bikorwa vy’ugusaka, abantu bagera ku jana na mirongo umunani na bane (184) bo mu bwenegihugu 17 barahagaritswe. Inyuma y’isuzuma ryakozwe gicungera imbibe, ikirere n’abanyamahanga PAFE (Police de l’Air, des Frontières et des Etrangers), batandatu muribo nibo bagumijwe mu gipolisi kijejwe amatohoza.
Amakuru ava mu gipolisi amenyesha ko abantu bateye amakenga kuko batagira ibibaranga.
Muri iyo karatiye nyene ya benshi bita Asiyatike, harafashwe inkoho yo mu bwoko bwa pistolet, hamwe n’iyindi yo mu bwoko bwa Kalachnikov. Vyafatiwe ku rugo rw’umusirikare w’umukukuruke.

Muri komine Buyenzi, igipolisi carafashe naho nyene abanyamahanga batanu, bane bo mu gihugu ca Palestina, n’uwundi umwe wo muri Nigeriya.
Ivyo bikorwa vy’igipolisi n’igisikare bikorwa mu ntumbero yo gukomeza umutekano, inyuma y’aho umurwi w’iterabwoba Al Shabab utereye i Nairobi mu gihugu ca Kenya. Al Shabab yariyemereye ko ariyo yakoze ico gitero, ica igabisha n’ibindi bihugu vyose vyarungitse abasirikare muri Somaliya mu bikorwa vya Amisom. Mu gihe n’Uburundi buri mu bihugu bifise ingabo muri Somaliya, umutekano warongerejwe mu ntumbero yo kurondera aboshobora kuwuhungabanya canke bagakorana n’iyo mirwi y’iterabwoba.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.