Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ronaldo yataye ibiro 17 mu gihe gito
Ronaldo yataye ibiro 17 mu gihe gito
mercredi 19 Kigarama 2012
Nkuko Ronaldo yabibwiye television imwe yitwa télé-réalité yo mu gihugu c’iwabo muri brésil inyuma yo gutakaza ibiro 17 yavuze ko icifuzo ciwe ariko aragishikako.
Mukiganiro "Fantastico" caremeshejwe kuri iyo television inkuru yuko Ronaldo yataye ibiro yaramamaye. Mundwi nkeya ziheze Ronaldo uwahoze ari umusatirizi w’umurwi wa Real Madrid ndetse na Inter de Milan, yavuye ku biro 118 ashika kubiro 101.
Ufatiye kuburebure afise bwa 1,83 m biracamusaba gutakaza ibindi biro kugirango agarukane ishusho nkiyo yari afise igihe yari umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi mu nkino z’igikombe c’isi m’umupira w’amaguru.
Sengurebe Joel