IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rugombo : Umunyagihugu yatewe igisasu ntezwaminwe ku muhana (...)

Rugombo : Umunyagihugu yatewe igisasu ntezwaminwe ku muhana iwe

lundi 28 Ndamukiza 2014

Kwibarabara rya kane muri komine ya Rugombo, igisasu ntezwaminwe catewe mu muhana w’umunyagihugu, umuntu umwe arakomereka cane.

Mu ntara ya Cibitoke, muri komine ya Rugombo, ubukozi bw’ikibi bwaribonekeje aho umunyagihugu yatewe igisasu ntezwaminwe mw’ijoro rishira uyu wa 28 Ndamukiza. Se rugo akaba yaciye akomereka cane, ubu akaba ari mu bitaro vy’aho mu ntara ya Cibitoke. Izo nkozi z’ikibi ntizamenyekanye, ndetse n’ababikoze ntibarashobora kumenyekana gushika ubu, n’aho amatohoza yo aja yamaze gutangura, nk’uko aya makuru ava mu giporisi aho mu Rugombo.

Icatumye uyo muntu aterwa gushika n’ubu ntikiramenyekana, ariko igiporisi kikaba kiriko kiragira amatohoza, umuryango n’ababanyi b’uwatewe bagasaba ko hoba amatohoza, kugira uwakoze iryo bara ahanwe vy’akarorero. Mwomenya ko iyo komine ya Rugombo isanzwe iahana urubibe n’igihugu ca Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ku buryo abanyagihugu bafise amakenga ko n’abasuma bava muri ico gihugu, boba nabo nyene baza guhungabanya umutekano muri imwe mu misozi y’iyo komine.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.