Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Abanyagihugu basaba ko hoba amatohoza y’igituma KANYANGA idatuzwa (...)
Rumonge : Abanyagihugu basaba ko hoba amatohoza y’igituma KANYANGA idatuzwa burundu
mercredi 26 Ruhuhuma 2014
Inzoga ya kanyanga iguma yibonekeza mu duce dutandukanye tw’igihugu, n’aho abajejwe intwaro n’umutekano bakora uko bashoboye kugira babuze abayikora, bamwe mu banyagihugu bo, baremeza ko iyo nzoga hari bamwe mu bajejwe intwaro batuma udashobora gutuzwa, kuko bafumbatishwa.
Muri komine ya Rumonge, zone kigwena umusozi wa Mageyo, amaritiro agera kuri 600 y’iyo nzoga yarafashwe kuri uyu wa 25 Ruhuhuma, inyuma y’aho abaporisi bagiriye isakwa mu mihana yo kuri uyo musozi. Bikavugwa ko iyo nzoga isanzwe ikorwa cane muri iyo zone ya komine Rumonge intara ya Bururi, kandi bamwe mu bajejwe intwaro zo hasi babizi, ariko bakabagumiriza akabanga, bivanye n’uko bafumbatishwa.

Abanyagihugu rero bo kuri uyo mutumba, bakaba bashimishwa n’ico gikorwa caranguwe n’abo baporisi, kuko bemeza ko iyo nzoga igisibije, na rirya ubusuma bwo mu mazu, canke ayandi mabi, afatiye ku bantu baboregwa iyo nzoga itemewe n’amategeko, abandi n’abo, bakaja mu busuma kugira bashobore kuronka amafaranga yo kuyigura.
Basaba ko haba amatohoza, kugira hamenyekane igituma iyo nzoga idatuzwa, mu gihe hari intwaro kuva hasi, gushika hejuru, kandi abo bose bagakorana n’abanyagihugu, n’abajejwe umutekano. Basaba ko umutegetsi wese yokwagirwa gukorana n’abo bakora iyo nzoga itemewe n’amategeko, ko yohanwa bimwe vy’akarorero.
Aristide Nizigire