IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Umuhungu yishe se amuvyara

Rumonge : Umuhungu yishe se amuvyara

lundi 5 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Umugabo azwi kw’izina rya Raphael Ndimurigwo niwe yishwe akubiswe umupanga n’umuhungu wiwe, mu gatondo ko kuri uwu w’Imana.

Ubwo bwicanyi bwabereye muri komine Burambi, intara ya Rumonge, uwo muhungu yishe umuvyeyi wiwe akaba yaciye afatwa n’abaporisi baja kumupfungira mu gasho ko mu Rumonge.

Amakuru atangwa n’ababanyi ba Raphael Ndimurigwa yagandaguwe, avuga ko iryo yicwa ryiwe ryoba rifitaniye isano n’amatati y’amatongo, aho akaba ari mu gihe uwo muhungu na se bari basanzwe bapfa itongo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.