IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rusaka : Igiporisi cafashe abagabo 2 bakekwa kwica umunyagihugu

Rusaka : Igiporisi cafashe abagabo 2 bakekwa kwica umunyagihugu

samedi 20 Nyakanga 2014

Abantu babiri nibo bafatanywe imyambaro ya giporisi muri komine ya Rusaka inyuma y’aho umuntu agandaguriwe bunyamaswa.

Abo bagabo babiri bafashwe, bakaba mw’isaho imwe harimwo imbugita yariko amaraso. Abo bantu bari bahejeje gukora ibara ku musozi w’iyo komine ya Rusaka, bakaba bariketswe maze barasakwa, ariko guca bafatwa n’igipirisi co muri iyo komine. Abo bagabo bompi bakaba ubu bari mu minwe y’inyamiramabi muri iyo komine, ku mvo z’amatohoza.

Muri komine ya Rusaka rero nk’uko abanyagihugu baho babivuga, hakaba hari hamaze iminsi ubusuma bwo mu mirima, aho hari abantu basoroma imirima atari iyabo. Abo banyagihugu bo muri iyo komine bagasaba koamatohoza yoba kugira uwakoze ubwobwicanyi wese ahanwe bimwe vy’akarorero.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.