Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi: Abanyagihugu basaba Leta ko yogwiza inyigisho z’abapolisi
Ruyigi: Abanyagihugu basaba Leta ko yogwiza inyigisho z’abapolisi
dimanche 7 Mukakaro 2013
Abanyagihugu bo mu ntara ya Ruyigi baratewe umutima uhagaze na bamwe mu bapolisi b’igihugu bagirizwa aha na hariya mu amakosa atandukanye, haba ay’ubusuma, ayo guhohotera agateka ka zina muntu, n’ayandi makosa menshi atandukanye.
Ivyo rero bikaba bivuzwe mu gihe Nyandwi Deo, umupolisi w’igihugu yafatiwe mu nzira zija mu ntara ya Gitega aho yari yivye i pikipiki y’umunyagihugu yari amwunguruje. Umudereva w’iyo pikipiki avuga ko yahuye na Deo Nyandwi, maze aramuhagarika kugira amushikane aho yamubariye ko umuduga w’igipolisi wagiriye ingorane, maze bashitse mu nzira, niho uyo mupolisi yaca amucumita imbugita kw’izosi, aca atora iyo pikipiki arayijana nk’uwuja i Gitega. Ashitse mu nzira yaciye agira isanganya, ndetse akaba yarababaye cane.

Ubu rero, igipolisi kiriko kiragira amatohoza, ariko gushika n’ubu iyo pikipiki ntiratorwa. Deo Nyandwi ubu akaba ari mu minwe y’inyamiramabi, kandi akaba adahakana icaha yagirizwa ariko akavuga ko iyo pikipiki ubu atazi iyo iri, kuko ngo amaze kugira isanganya iyo ngendeshwa yoba yaciye inyuruzwa n’uwundi muntu.
Abanyigihugu bo mu ntara ya Ruyigi, basaba urwego rw’igipolisi ko rwoza ruraha inyigisho nyinshi abari muri urwo rwego kuko amakosa bakora atuma abanyagihugu bagabanya icizere babafitiye, kandi bagasaba ko abaza barafatirwa mu makosa nk’ayo boheza bakirukanwa burundu muri urwo rwego kugira bareke kurutukisha.
Aristide Nizigire