IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha bahagurukiwe

Ruyigi : Abatunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha bahagurukiwe

vendredi 17 Gitugutu 2014

Inyuma y’aho abasuma bari bateye muri zone ya Nyabitare muri komine ya Ruyigi bakiba, igiporisi caciye kigira isakwa, aho bamwe bafatanywe ibirwanisho.

Iryo sakwa ryakozwe rikaba ryari mu ntumbero yo kuraba ko abo basuma bofatwa bari bivye muri iyo zone ya Nyabitare. Abantu batatu rero bafise ibisasu ntezwaminwe bakaba baciye bafatanwa, baca bajanwa mu giporisi ahariko harakorerwa amatohoza. Icegera c’umukuru w’igiporisi muri iyo ntara ya Ruyigi, akaba asaba abanyagihugu kuza baratanga amakuru hakiri kare, amakuru ajanye n’umutekano, kugira igiporisi n’abajejwe intwaro bashobore gufashanya n’abanyagihugu mu gutuza ubwo busuma. Abanyagihugu rero bagasabwa kandi kudoma urutoke kuri abo bose bagitunze ibirwanisho batabifitiye uruhusha.

Mukibuka ko no mu gisagara ca Bujumbura, mu bunywero buri muri komine ya Gihosha hatewe igisasu tezwaminwe aho cakomerekejeabantu.


Aristide Nizigire

Messages

  • Izo nizambonerakure aho bazoca banabarekura haruwutabizi ko izombonerakure kwarizo ziba zikanica

  • KAGAME yohereje indayi nyinshi mu BURUNDI harimo n’abasilikali ba M23 batsinzwe muri Congo.Ngo bazanye ibigwanisho byinshi kubera ko bashaka KWICA NKURUNZIZA.BARUNDI mwitegure intambara ikaze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.