IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi : Umuhungu na se baragandaguwe

Ruyigi : Umuhungu na se baragandaguwe

lundi 9 Nyakanga 2013

Umuhungu na se barishwe baciwe umutwe ku musozi Nyakabanda, komine n’intara ya Ruyigi, mw’ijoro ryo kuwa gatanu rishira iryo kuwa gatandatu, igenekerezo rya 6 Nyakanga 2013.

Abo bantu babiri ababagandaguye kugeza ubu ntibaramenyekana, mu gipolisi naho bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza mu ntumbero yo kumenya abakoze ubwo bubisha, babashengeze mu butungane.

Abanyagihugu muri iyo komine bakeka ko abo bagandaguwe boba bazira amatati y’amatongo, ari naco gituma basaba ko ababikoze bamenyekanye bagahabwa ibihano vy’akarorero.

Tukiri mu makuru y’umutekano muke, intara ya Rutana niyo ibonekamwo ubwicanyi kurusha izindi, aho abenshi bagandagurwa babanje guterwa amabuye, muvyo twokwita ubwicanyi ndengerabutungane.

Ku biharuro biva muri iyo ntara ya Rutana, abagera kuri cumi n’umwe mu minsi iheze, nibo baheruka kwicwa n’abanyagihugu babagiriza uburozi, abandi nabo babagiriza ubusuma.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.