Accueil > Amakuru > umutekano > Abahoze ari abanyacubahiro bubahwe kugira n’abatwara ubu baze (...)
Abahoze ari abanyacubahiro bubahwe kugira n’abatwara ubu baze bubahwe
mardi 10 Kigarama 2013
Mu gihe abatari bake bama bavuga ko bamwe mu bahoze ari abategetsi mu Burundi boba bakubagurwa canke bakagirirwa irementanya kugire bajanwe gupfungwa, umushingwamanza Fabiyano Segatwa ahanura abategetsi b’Uburundi kwubahirisha abahoze barongoye igihugu kugira nabo mu minsi baze bubahwe.
Ivyo Fabiyano Segatwa akaba yabibariye abamenyeshamakuru, inyuma yaho Ferederiko Bamvuginyumvira atwariwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, inyuma y’amasaha hafi umunani ariko arumvirizwa. Umushingwamanza Segatwa, umwe mu bashingwamanza bane bariko baraburanira Bamvuginyumvira agatangazwa n’irementanya avuga ko ryagiriwe uwo yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu, ubu akaba ari icegera c’umukuru w’umugambwe Sahwanya Frodebu, umwe mu migambwe iri muri ADC Ikibiri, urunani rutavuga rumwe na Reta.

Umushingwamanza Segatwa akavuga ko abahoze ari abategetsi boza barahabwa ivy’ubahiro, kuko baba bafise akahise gakomeye mu Buzima bw’igihugu. Ahanura abatwara ubu, kwubahirisha abo bahoze ari abategetsi bakomakomeye kugira nabo baze bubahwe mu minsi. Ivyo akaba abivuze mu gihe hashobora kwama hari ukwihorahorana muri poritike, ugasanga umwe wese yipfuza kuzoshika mu kibanza gikomeye, kugira aze yihore uwigeze kumugirira nabi.
Tukabibutsa ko ivyo vy’ugusaba ko abahoze ari abanyacubahiro bogumana agateka bahabwa n’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi batoza barakubagurwa atacamira, atari irya mbere bisabwe. Aha tukabibutsa ivyabaye kuri Domisiyano Ndayizeye yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Alphonse Marie Kadege yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu yakubiswe arashaya, Marina Barampama yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu na Faraziya Bigirimana, yahoze ari umukenguzamateka, akaba kandi yigeze kuba umushikiranganji w’ubudandaji n’amahinguriro.
Muri abo bashingantahe n’abapfasoni bahoze barongoye inzego zikomeye mu gihugu, bakaba bamwe barakubiswe abandi bagafatwa bagiriwe irementanya nk’uko vyagiye biravurwa n’abababuranira, eka n’abandi bari mu mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi no mu makungu.
- Faraziya Bigirimana ahejeje gukubagurwa
- Alphonse Marie Kadege yicaritswe hasi
- Marina Barampama asa n’uwupfukamye
Aristide Nizigire
Messages
10 Kigarama 2013, 16:35, par nayuburundi
Shame,shame!!Uburundi ga yemwe nakazinga katometse kwisi,canke ;enda nimwigire kuri kadafi yemwe!!naho wotwara igihe kirekire gute ntuze wibagire ko utazohama maze ucemake ugitwara!!6ihugu canje Burundi urambabaje!!aha turi harabandi
10 Kigarama 2013, 17:34, par Azabikora jean
Bareke ntayipfa itaroshe UWOHORAHO agire abashimire ivyobakoze nivyobariko barakora kuko ntanabi yigeze itsinda ,ariko ndababazwa nabanyagihugu barinyuma yabo urazi kuzobazwa ico batazi gayemwe ,erega igihugu si inzu wubaka ushatse ugasambura mbe abantu batarabaho igihugu nticari ugira ni Peter ya gize ngo igihugu kibeho ihibambewe ninaco gituma tworeka imana ikirongorera igihugu cayo
10 Kigarama 2013, 19:16, par tharcisse
Nakamaramaza kubona Ab dd batubaha abahoze batwara iki gihugu imbere yabo,erega ico gihugu cacu bwa bundi gitwarwa nanakungu!!!none iherezo ryabo ryo nirihe?ko bitebe bitebuke bazova kurivyo biti bafise ubu!none bazoca bajahe bobe,uburundi bwacu kweli bwarabuze abobuteka!nakamaramaza.
10 Kigarama 2013, 23:16, par Coldman’Zi
Essayons d’etre souples et optimistes, twizigire ko bigiye kuja mu buryo. Kuva kuri Ndadaye Melchior hama Ndayizeye, Kadege, Mmes Bigirimana na Barampama hama ubu Bamvuginyumvira, murabona ko hari agahengwe. Kibi mbona, ni uko mu gihugu cacu umenga dutwarwa n’imirwi ibiri. Inyuma y’amatora y’i 2015, ndazi ko ibitari bike bizodadanuka.
11 Kigarama 2013, 04:05, par Mama
Ubundi amategeko mpuzamakungu yubahiriza kira kiremwamuntu ntakureba uwabaye umutegetsi cankuwutabaye umutegetse ariko nimwumve uwomunyacubahiro Segatwa wewe arikwaravuga ko ababaye abategetsi mugihebakozikosha boborohereza gusumba abatabaye abategetsi!
Ivyorero nivyobituma jewe nobwira bagenzanje babanyagihugu batobato kwiringa mwenabobantu bohejuru kukomuriyumviyeko numuntuwumushingwamanza ko avuzeko umuntuyabaye umutegetsi akozenabi yofatwaneza! Mucabobonako kuzoza barahendabantu ngobafatikanye kugarariza bizoborohera kukobaziko bobo bagiriwe nikosha bazofatwaneza mwebwebatobato biremewe gufatwa nkabatarabantu!!!
11 Kigarama 2013, 10:08, par SINZOBATINYA
Poritike sukumarana
Poritike sukwicana
Poritike sugupfungana
Poritike yukuri
Nukwumvikana;gusonerana;no guhariranira
Ico nohanura abatoteza abandi bitwaje ubutegetsi bafise
Bitwaje ibibanza barimwo
Bitwaje igiporisi nigisirikare
Bamenye ko buca bugacanayandi
Nikuki UWUHORAHO IMANA izoterera inkozi zibibi mumuriro udahera kandi atakigongwe
Bobo bibaza ko batazoshigwa imbere y’ubutungane babazwe amabi yoooose bakoze hama bashigwe aharaho bashira abandi
Hama kuzoba kurya insya zamenyo n’imibabaro myinshi bibuka ivyo bagiriye abandi ko bitarivyiza
Ayo marementanya ; ayo marementanya ntaho azobashikana atari kwiyambika ibara
Iyomenya izozamunyuma
11 Kigarama 2013, 21:19, par Uwarugira Jean de Dieu
Mbeyemwe abarundi bararwaye kandi icogutangaza bigira abazi ivyamategeko canke abasenga jewe ndaneguye cane uwo yitaziriye mama mbe usuvye Umushingantahe SEGATWA amategeko ww uwokugira nka KADEGE ntiwoboroga hari abazobabara badahozwa,abazosha batazimwa kandi ndakurahiye iyomwijuru ko hasigaye igihe gito cane ivyo bigashika Umuvugabutumwa ati«IGIHE C’UGUHEMBWA KIRAGEZE» ,urya mutanzaniya si agasema kandi si umusazi ,INGWE nayo iti:«BAWUMVA IVYABANTU BESHI BAVUGA»Abarundi nabo bati«AGASOZI KINTAHANURWA KAHIYE ABAGABO BABONA»Nanje nkumusenzi n’uwizera mvuga nti :«WAIT AND SEE»Burakeye tuvyereke abagabo ,jewe si ndi mukibiri canke mumugambwe uri kubutegetsi ndi mu wa YESU MUNYAKIGONGWE kandi ndazi neza ntakekeranya ko nzotsinda amatora.
12 Kigarama 2013, 05:46, par Mama
Ndi Mama, Sizigera nshigikira uwariwewese yabayarize vyahatari canke arikagarara nzomutinyagusa kuko bamwe mubamezeguryo nibobakunze kuyovya abantu ngonukobazwiko aribihangange nkuwo avugako abakomakomeye mugihe bagiriwe nikosha bakwiye kworoherezwa ngokuko babaye abategetsi jewe iconzi nuko umuntuwariwewese nubwoyohanwa nicaha akwiye kwubahirizwa atakureba ngo yarigihangange canke nyarucari bosebakwiye gufatwakumwe ntawukwiye gufatwa nkikintukikintazi, uwobikora agafatabamwe neza abandi akabafatanabi ivyondavyumvanye uwomushingwamaza wacu Segatwa! uwuzobikora bizokwitwakoyahawe igiturire.
13 Kigarama 2013, 09:26, par ciza
Ariko mu bahutu harimwo abashobora kuba barariye imiti. Sinshobora kumva ibijuju nkabo bagabo bo muri adc ikibiri,aho kwitaho ingorane abahutu bafise nkako kajagari ko kuri universite aho abatutsi bamwe bamwe bashaka kubandanya Ka karenganyo, ivyo bigabo navyo vya adc bikibandanira kwitaho inda zabo gusa. Muri ivyitso vyuzuye kabisa. Mwitegure kuzobona 5% gusa mumatora 2015. Kandi nahone muzatogwa nabataye umutwe nkanyu gusa. Ikinezera nuko umengo na Rwasa atanguye kubamenya, yari yaratevye