IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Tubipfurije Noel nziza n’ umwaka mushasha muhire w’2O13

Tubipfurije Noel nziza n’ umwaka mushasha muhire w’2O13

lundi 24 Kigarama 2012

Nkuko umuvyeyi adasiba kwipfuriza abiwe kuzoba ibihangange no kuzotera imbere muri vyose, niko na twebwe abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru canyu IGIHE.BI kubera ko mwatubaye hagufi mukatubera abasomyi beza b’inkuru zacu arizo rwanyu, nico gituma twifuje kuba abambere mu kubipfuriza Noel nziza n’ umwaka mushasha muhire w’2013.

Uyu mwaka uzobabere uw’amahoro amata n’ubuki hamwe n’urukundo.Eka no kwubaha Imana kandi ineza yanyu izomenywe n’abantu bose.Muzoshishikare gukora ivyiza biruta ivyo mwakoze ubu kandi burya gukora ikosa hanyuma ntirigusigire icigwa ngo bitume wikosora burya nukongera gukosha kandi∙ Kubw’ivyo vyose rero uyu mwaka mushasha kuri wewe n’ukubere uwo kwikosora kumakosa wakoze muri uyu mwaka ugira uhere hamwe no gusaba imbabazi Imana.

Muri uyu mwaka mushasha muzorime mwimbure, muzorondere muronke, muzogire umugisha mumaja no mumaza, hazogire umugisha uruvyaro rwanyu, muzovyare muheke, muze muvyare mugisha na nyene umugisha, muzogire umugisha mu mbuto z’amatungo vanyu,uhoraho Imana yanyu izobashire hejuru gusumba amahanga yose yo mw’isi, muzogire umuhezagiro mu bisagara muzowugirire no mumatongo, abansi banyu bazotsindirwe imbere yanyu, bazozanane inzira imwe babateye babahunge baciye mu nzira ndwi. Uhoraho azoshire ingabo ziwe kumpande zine zose z’igihugu canyu kandi Uhoraho azobahere umugisha muri iki gihugu.

Muri uyu mwaka mushasha amahanga yose azobone ko abarundi twubaha izina ry’ Uhoraho maze adutinye . Uyu mwaka Uhoraho azotwugururire ijuru ngo ahe igihugu cacu invura mu gihe cayo kandi azohezagire ibikorwa vyose biva muntoki z’amaboko yanyu, muri uyu mwaka mushasha muzobe hejuru gusa ntimuzobe abo hasi, intamenyekana zizobe abamenyekana, muzoronkere aho abandi baburiye. Ukuri kwanyu kwose kuzobe nk’ukwa Bibiliya kandi kwubaha Imana , urukundo no gusenga bizobe imfungurwa zanyu ku murango no mw’ijoro.

Murakoze cane


Sengurebe Joel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.