Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Amerika : Ubuhinga bukora amazi avuye mu mazirantoke bwatangujwe
Amerika : Ubuhinga bukora amazi avuye mu mazirantoke bwatangujwe
mercredi 7 Nzero 2015
Umurwizatunga wa mbere kw’isi Bill Gates aherutse gukora ihinguriro (usine) rihingura amazirantoke y’abantu rikayahingura amazi meza hamwe n’umuyagankuba. Abona ko uwo mugambi ugiye gufasha cane ibihugu bikenye aho amazirantoke yabo yari ikibazo gikomeye ku magara.

Igikorwa co guhindura ayo amazirantoke mu mazi meza kiriko gikorwa n’abahinga (ingenieurs) bari mw’ishirahamwe "Fondation Gates" ry’umugwizatunga Bill Gates. Begeranya amazirantoke bakayaturira, hanyuma umwuka (vapeurs) uvamwo bakawegeranya maze ukavamwo amazi meza, nk’uko Bill Gates aboneka ariko arayanywa. Ayo mazirantoke nyene aravamwo n’umuyagankuba. Icuma citwa "Janicki Omniprocessor" gikoreshwa n’umuyagankuba mu gukura amazi mu mazirantoke, kiratanga kandi n’uwundi muyagankuba uvuye aho nyene.
Ntiharagera ko ubwo buhinga bushasha bukoreshwa kw’isi yose
Bill Gates ati :"Ubwo buhinga buzofata igihe kugira bukoreshwe kw’isi yose, ariko nararyohewe cane n’ubwo buhinga bushasha. Ihinguriro ntirirajwe ishinga no gukura amazi mu mazirantoke, ariko ayo mazirantoke nyene avemwo ikintu c’akamaro kigurishwa amahera menshi ku masoko". Arongera ati : "Ibicafu bivuye muri uyu muntu bibe ubutunzi k’uwundi" (les ordures d’un homme font le trésor d’un autre).
Raba aha munsi uko imashini Janicki Omniprocessor ikora
Cherif Nkeshimana
Messages
7 Nzero 2015, 14:38, par Mvuyekure Pierre
Emwe Isi Igez Kure!Ubwo Abanyamerika Bazoyakoresha?Haraho Yoba Akorew Abirabure Gusa .
7 Nzero 2015, 16:15, par joshua
hahahaa ni hatari !!ariko ntimutinye tzoyapima mumpwemu turabe ko ata mpwemu mbi ziyarimwo twonger tuyapimishe lbratoire isanzwe .erga peter ntutinye uburundi bugiye kuba igihugu ciza gitunze giteye imbere kw’isi "kweli amin
7 Nzero 2015, 18:03, par Armella IGIRANEZA
Ewe Mukama!!!ntibigiy koroha!Imana nidufashe vraiment!
7 Nzero 2015, 19:03, par Siraa
Turaraba neza yemwe mbve ko avuze ko azoyarungika mu bihugu bikenye ko atavuze ko azoyakoresha iwabo?hahahhah nakamuna
7 Nzero 2015, 19:56, par Aaron
Wumva atari ayo bazorungika mu bihugu bikennye. Arayinywera wenyene ayo ntawuyashaka.
8 Nzero 2015, 22:56, par Nuwera
Ariko jewe narinsanzwe nziko abany’Afraca aribobatanguye guhingura amazirantoke bakayakuramwo ibinyobwa, nubwo hashoborakuba harihonibindibigugu vyobavyarabikoze ariko jewe ubwanye nariboneye igihugu kimwe muribi ihugu vyomubiyaga binini abantu baribakoze inzoga yitwa gongo ivuye mumazirantoke, atarukuberarero bakoresha umuriro nizereko abobanyamerika bafise ivyuma bikwiye vyoguhingura amazirantonki akavamwo amazi, uwuzohitamwo kureka kuyanywa ntategeko azobayishe nimubareke bikomereze kuminuza kukobamye kubintubitaribike ahubwonibazane izonvanda nahano iwacu Burundi.