IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubuhinga bukoreshwa kugira abagore bagire ibisusu binini bwamenyekanye

Ubuhinga bukoreshwa kugira abagore bagire ibisusu binini bwamenyekanye

mercredi 21 Nzero 2015

Ubuhinga bwahora ari ikinyegezwa bukoreshwa kugira abagore bo mu bihugu vya Buraya na Amerika bagire ibisusu binini bwamenyekanye.

I Miami muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, hari uruganda (usine) rufise ubuhinga bwo gukuza ibisusu vy’abagore bikaba binini kandi bikamera nk’ivyibumvye (fesses rebondies). Ubwo buhinga bukoresha icuma citwa "Ventouse" aho gikwega umubiri wo ku gisusu. Mu gukwega uwo mubiri, ico cuma "Ventouse" bagishira ku ruhande rumwe rw’igisusu hama ca cuma kigakwega. Kugira ivyo bikunde, imitsi yo ku gisusu iroroha gukwega bigatuma umubiri woroha gukwega, ari nakwo gukwega ico gisusu gushika aho uwitavye ubwo buhinga abishaka. Ico gikorwa kimara iminota mirongo ine n’itanu (45 min), gitwara amahera angana amadorari 60 aharurwa mu marundi ashika hafi ibihumbi ijana. Naho biri uko, urwo ruganda ntiruvuga ido n’ido uko ico gikorwa gikurikirana.

Mwomeya ko abagore nka Nicki Minaj, Jennifer Lopez hamwe Kim Kardshian aribo bamaze kumenyekana ko batumye ibisusu vyabo biba uko bingana ubu.


Cherf Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.