IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubumwe bwa Buraya bwasubiriye kwibutsa inzira y’ibiganiro vya (...)

Ubumwe bwa Buraya bwasubiriye kwibutsa inzira y’ibiganiro vya poritike

lundi 25 Ndamukiza 2016, par egide

Ubwicanyi bwakozwe kuri uwu w’Imana hamwe no mu gatondo ko kuri uwu wa mbere bwerekana ko ubugizi bwa nabi bwiyongereye bimwe biteye amakenga nk’uko vyashikirijwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, impande zose zigasabwa kuzokwitaba ibiganiro bigiye gutangura.

Inyuma y’igandagurwa rya Général Athanase KARARUZA, igitero cakozwe ku ntwazangabo mu giporisi c’Uburundi, Colonel Donatien NDABIGEZE ahagandaguwe umupfasoni wiwe n’umukwe wiwe, hamwe n’umushikiranganji wa Reta y’Uburundi yahatswe kugandagurwa kuri uwu w’Imana, ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryamenyesheje ko ubugizi bwa nabi mu Burundi bugeze ku rugero ruteye amakenga.

Umuvugizi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya akaba yamenyesheje ko kuba umuhuza Benjamin William Mkapa yatumyeko ibiganiro bizotangura mu ndwi iza i Arusha ari intambwe nziza cane.

Mu bumwe bwa Buraya bavuga ko ibiyago vya poritike bihagarariwe n’umuhuza Benjamin William Mkapa bitegerezwa gutangura vyihutirwa, impande zose zirabwa n’indyane ziri mu Burundi zigasabwa kuzovyitaba.


IGIHE

Messages

  • Iyonumvise ijambo rivye mwiryoshirahamwe ryabulaya ndababara nkabura niyonohungira. Umvanamwe abategura gushiramungiro kwicwa kwabarundi biyicariye mwubwo bulaya, amafranga yoguha abovumora ubwobwicanyi atangwa nubwo Bulaya, umukuru yiyemeje kuzofasha uwowese azobangamira abarundi barimu Burundi na reta yu Burundi ariburaya wewe yaranavyivugiye izinaryiwe ni Louis Michael, inzirayibivuye Bulaya bijekubangamira uburundi nu Rwanda.
    Nagombakubabwira mwabanya Bulayamwe kuryanyene mwaduteyemwo imwanda kuvakera nubu murabisubiriye ariko ubuho muravyenabi birabahitana rindira gato.

  • GERAGEZA MUHANUR BAGANIR ABARUNDI TURABEKO TWOVAMWIBIBINTU VYOKUGUMA TWICANA BUNYAMASWA NAKAMARAMAZA!

  • Icanezera abarundi nuko ndetse namahoro akaboneka ubarundi Bose impunzi zigatahuka nuko Peter yakwemera amatira akaba yitabiriye imigabwe yose kandi ntayajemo hama avyanze Union Europen ikamufatira ibindi bihano kubuza abakora igendo baturutse muri leta itemewe

  • ABA TERROLISTES BATERA GRENADE MWISENGERO MWOGANIRA IKI KO KWISI BAMYEHO!

  • HOW UE DOAS ARE NOT MAKE NEGOCIATION WITH TERROLISTE GROUP!UWUTAZO TOGWA NATWE ABANYAGIHU NAHO YOKWICA ABAND CANKE AKAREKA NTAZOTWARA IGIHUGU

  • HOW UE DOAS ARE NOT MAKE NEGOCIATION WITH TERROLISTE GROUP!UWUTAZO TOGWA NATWE ABANYAGIHU NAHO YOKWICA ABAND CANKE AKAREKA NTAZOTWARA IGIHUGU

  • Seule la main de Dieu qui nous délivrera de ce grand Mal qui semble qvoir son règne dans notre petit pays, pourtant coeur d’Afrique, le Burundi. N’oublions pas que la force de la Prière dépasse toute force.

  • Nimpaka bitabe ibaganire reta yu Burundi yuzeyemwo ibigaba ico mbona mwobareka bakamarana kuko babigize umwuga.

  • Turashima gose utwigoro twa EU mukugerageza gufasha abarundi Ngo indyane turimwo zihere ibiganiro bidakumira kandi bibereye hanze yigihugu ninkenerwa ariko icotwokwibutsa EU namakungu noko mumaguru masha horungikwa inteko mvamakungu ziza guhagarika ubwicanyi bwabaye ndase buriko buragirwa nankurunziza nakarwi kiwe kuko ntakamaro kokuganirira hejeru yimivyimba ikindi kubazoja mubiganiro inteko zoguhagarika ububwicanyi abarico kizoza imbere hanyuma ntibaze bigere bemera kwicarana nabicanyi barongowe nankurunziza atabanje gukijura kuko yohava aguma abangamiye ibiganiro canke akazobangamira ishirwa mungiro ryibizoba vyumvikanyweko

  • ikicitareta ntacotwemera catumaze

  • Abantu Batera Gerenade Mwish Azitaba Ib4anr

  • Ndakurahiye uguhoraho k’Uhoraho , inyishu ya vyose n’ibiganiro! Twebwe abatwarwa twipfuza ko hoba ibiganiro hagati y’aba nyepolitique ata n’umwe akumiriwe. Nta citwazo na kimwe gifise ishingiro kandi s’ubwa mbere !Ntihagire uwitwaza ngo ibihe ntibisa! Ibihe birasa ijana kw’ijana! Uti kuki imbere y’uko haba Arusha habanje kuba itembagazwa ry’ubutegetsi bwa Ndadaye yari yatowe, hama haba abaja mw’ishamba batanguza rebellion, ubwicanyi buba ndanse mu gihugu . Ninde yariho atavyibuka? Imbonerakure n’abandi ba jeunes ngira bo bari bakiri ibitambambuga nico gituma hari iyvo badatahura! U bu naho Mandat ya gatatu itandukaniye he no kwihagira ubutegetsi ? Atari uko hitwa ko habaye amatora hahonyanzwe ibwirizwa nshingiro n’amaseerano ya Arusha! Ubu hari abaciye baja mw’ishamba , hari abanyepolitique benshi bari hanze , abamashirahamwe benshi batotejwe bimwe biteye ison bagata bagahunga , amaradiyo yaturiwe n’abamenyesha makuru bahunze , abo bose worya ukaryama , akaguru ugaterera mw’ikoma ngo ntawe numviriza! ngo nta dialogue ikenewe? Mbe woba uri igiki , woba uri umurundi yavutse nk’abandi? Canke woba superman ? Oya ca bugufi , kananira bagabo ntiyimye , umwami agirwa n’abagabo , abagabo bamize akabuye k’abagabo ,atari abagabo biyaka ubuntu bagahitamwo kwibera nk’inyamaswa zo mw’ishamba zivuga ziti "akaruta akandi karakamira"!Erega ahandi ho agaca ntikabanye n’inkukuma , ingwe ntiyobanye n’intare, isato ntiyobanye n’imvuvyi ,amazi ntiyobanye n’umuriro , ....Ariko ivyo vyose biremera bikabana kuneza yavyo.Uribaza ngo ndakomeye ariko inkomezi zawe zirasendwa ibihe bihindutse ugasigara wambaza Uhoraho atakikumva kuko wamugiye kure cane ! Ndasemereye ngo abatware mwikebuke mwibuke ko mwigeze kuba bato mwibuke bato , mwibuke abatagira shinge na rugero bo mu bwoko bwose , ababatoye mu 2005 , aho bizigira umugambwe wanyu , bizeye ko hazoba ihinduka mu vya politique n’ubutunzi! Mbega mwibaza ko umunyagihugu apfana iki n’umukuru w’igihugu atari UBUTUNZI no KUMUTUNGANIRIZA hamwe n’AMAHORO? ivyo bintu bitatu bibuze umunyagihugu ntaco aba agipfana n’umukuru w’igihugu canke Reta yiwe!

  • Boubou, nihewabonye uwashatse gukubita kudeta klbikamunanira haciye ahabwa ijambo?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.