IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uburundi n’Urwanda ntawemera ibiziga vy’abantu bikireremba ku kiyaga (...)

Uburundi n’Urwanda ntawemera ibiziga vy’abantu bikireremba ku kiyaga Rweru

mercredi 27 Myandagaro 2014

Kuva mu kwezi kw’indwi, abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru baguma babona ibiziga bireremba kuri ico kiyaga, kenshi bikaba biboshwe, bitekeye mu magunira. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko ata miryango irababwira ko yabuze ababo, no ku ruhande rw’Urwanda bakaba babihakana. Impande zompi zimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura.

Ivyo biziga bitorwa ku kiyaga Rweru gihana urubibe n’igihugu c’Urwanda biboneka bitekewe mu magunira, biboshwe imigozi ikomeye, hejuru hari amaraso, hamwe n’ibindi biba vyambuwe impuzu, nk’uko abarovyi bakorera kuri ico kiyaga Rweru babimenyesha. Kuva mu kwezi kw’indwi, ibirenga 40 akaba arivyo vyabonetse, ivya nyuma bibiri bikaba vyari bigizwe n’umugore atari yambaye, hamwe n’umugabo atekeye mu kamwanya.

Amakuru atangwa n’abo barovyi amenyesha ko ivyo biziga vyoba ari ivy’abanyarwanda, bitabwa mu ruzi Akagera ku ruhande rw’Urwanda, urwo ruzi narwo rugaheza rugasesa ivyo biziga mu kiyaga Rweru kiri muri komine Giteranyi, intara ya Muyinga, mu gihugu c’Uburundi. Mu karere kegereye ico kiyaga i Muyinga bavuga ko ata muntu baraburira irengero, bakiyumvira ko ivyo biziga vyoba ari ivy’abantu boba bicirwa mu Rwanda, hama bakabazana kubata mu ku kiyaga Rweru. Abo banyagihugu bakagira amakenga ku magara yabo, kuko basanzwe bakoresha ayo mazi y’ikiyaga Rweru kimaze iminsi gitorwamwo ibiziga n’ubu bitarahambwa, bikaba mbere vyamaze n’ugutangura gusanzarira muri ico kiyaga.

JPEG - 37.8 ko
Ibiziga vy’abantu batorwa babohewe mu magunira (photo BBC)

Nk’uko bivugwa na Aline Manirabarusha, buramatari w’intara ya Muyinga, umurwi w’amatohoza waramaze gushirwaho, kugira ahava ivyo biziga hamenyekane, inyuma y’ibikorwa vy’uwo murwi, hakaba hategekanijwe imibonano hagati y’abajejwe intwaro mu Burundi no mu Rwanda, ibihugu bisanzwe bihana urubibe n’ikiyaga Rweru.

Kuri uwu wa kabiri, umurwi w’abategetsi b’Uburundi n’ab’Urwanda, barafashe ubwato baja kwirabira ivyo bivugwa n’abarovyi. Jean Berchmans Mpabansi, umuhanuzi wa buramatari w’intara ya Muyinga yamenyesheje ko biboneye amagunira 2 arimwo ibiziga vy’abantu, ariko ntibashoboye guhamburura kugira barabemwo, bashobore kumenya igitigiri c’abari batekewe muri ayo magunira. N’aho abarovyi bakorera ku kiyaga Rweru bavuga ko bamaze kwibonera ibiziga birenga mirongo ine, mu butegetsi mu Rwanda bemeza ko beretswe bibiri gusa, bakongera bagahakana ko atari ivy’abanyarwanda. Theos Badege, umuyobozi w’igiporisi mu Rwanda yamenyesheje ko n’aho amatohoza akibandanya, ivyo bamaze gukora vyerekana ko abapfuye atari abo ku ruhande rw’Urwanda, kuko ata muntu n’umwe aratabaza avuga ko uwiwe yaburiwe irengero. ACP Theos Badege ati : "Kugeza ubu nta nkuru n’imwe y’umuturarwanda waba waraburiwe irengero muri ako gace, yaba umuzima cyangwa se umurambo wabuze." Kubwa ACP Theos Badege, n’aho hari abavuga ko babonye ibiziga 40, igiporisi c’Urwanda ceretswe bibiri gusa. "Hari ibyavuzwe, hari n’ibyo twebwe tweretswe. Aho Umupolisi agiriyeyo bamweretse imirambo ibiri."

JPEG - 103.5 ko
Theos Badege, umuyobozi w’igiporisi mu Rwanda

Izo mpande zompi z’Uburundi n’Urwanda, nta na rumwe rwemera ko ruzi ivyo biziga bitorwa mu kiyaga Rweru, bikaba n’ubu bitarahambwa. Amakenga ni menshi ku magara y’abanyagihugu basanzwe bakoresha ayo mazi, kuko ivyo biziga vyatanguye gusanzarira muri ico kiyaga. Abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga bamenyesha ko bagiye kurondera abopompa imiti ivyo biziga, mu kurindira ko amamuko yavyo amenyekana.


Egide Nduwimana

Messages

  • ABANYORORO BAGERA KU MAJANA MUNANI (800) BIVUGWA KO BABUZE MU GWANDA BARABE NEZA NTIBE JENOCIDE NKIYO MURI DRC NUBU ITAVUGWA
    3000000 ZABANTU ABAHUTU NA ONU NTACO IVUGA NGIRA NUKO ABAHUTU BO ATARINKEHWA?

  • Abo nabarundi ntabanya Rwanda bicana mubabaze Peter na Adolopfe barabazi

  • Adolphe,Ndakugarika,Kazungu,Uwamahoro,Jonas,Rwembe n’abandi murasubiriye guhekura abarundi?Muzopfa nabi

  • Ubushize naranvuzeko urwanda naho boba aribo babikoze ntibashobora kuvyemera ariko mukwezi guheze niho ibinyamakuru vyamaziminsi bitabariza abantu baguma banyutuzwa murwanda kandi nubi batashobaye kumenywkana irengero muduce twa musenze nahandi none abo ntiboba aribobabo?ikindi mureanda naho vyoba birukwo akaba yarubuze uwiwe kuko bazi ukwobatwawe ntanuworikirutsa andashaka kubakutikira bafuga abajenero bamuhoye iciyunviro coba kidahuye nivyantu bamwebamwe mubutegetsi badashaka nkiswe umunyagihugu nciyaja.abategetsi buburundi muhabere magabo iyonimitwe yakagame bagomba gutecnica bavuge Ngo muburundi muri 1994 ibiziga vyari vyuzuye muruzi rusinzi vyari vyishwe nabarundi? Barundi muhabere mask murakoze

  • ahaaaaa!!ugwanda niruvyemenga kuko nigo rufise ibibazo muri Leta yagwo.igendere rimaze imisi rita aba sirikare bakuru muri yompi.umu General,col numu captaine.ngo bagambaniye igihugu.gusa nabonyene nuko nabonyene bamenyekana bari kubatora mumagunira.sha ugwanda rufite ibibazo nirugende.batikuyeko KAGAME barahanzwe.

  • Kagame aramaze abanyarwanda vraiment!!None.aha ONU ntibona ko iyi ari genocide Kagame ariko arakora kabisa?Nite atabona ko abanyarwanda bariko baricwa nk’isazi?

  • Murwandamwamamwunvise kumaradio, mubimenyeshyamakuruko hariho abantu a uriwe irengero barenga magana namagana, nonemu Burundi namwe mwatubarira abantu mwaburiye irengero? Uwuvugako baryabantu bishye bakajugunwa mukagera arabarundu nuguahyinyagurira abanyarwanda rwose.

  • mana yurwand n’urundi tugarukie twebwe abantubatobato tuakwere peter na kagame ubacishe bugufi eka na dezire na kanzungu nadorophe mana baze bagutinye naho, uguhana n’ukwawe barica bariba ntacobatinya icotugusavye unduhindure ubutegetse.pt....!

  • YAYAYAYAYAAA MBABAJWE NA MBONIMPA AFUNZWE, WEWE KUBUHINGA AFISE YARIKUBA YAMAZE KUMENYA BABABISHE!!!!!!! UMUNTU YASHOBOYE KUZURA ABANTU BAFIRIYE I CONGO BAMAZE NKIMYAKA IBIRI AKAMENYA NABABISHE HIHIHIHIHIIIII HAMA IVYO BIZIGA AKONGERA AKABIKAMISHA MURI YAMASHIRAHAMWE BAKORANA. NIVYO BIZIGA VYOMUKAGERA YARIKUBIKURAMWO VILLA KUKO IKIZIGA KIMWE CAHORA KIMUHA UMULIYONI WAMARUNDI!!!!!!!!!! SOSIYETE SIVILE KO TUTAYUMVA???????? BATINYA GUFUNGWA NGO NUKO BAFISE IMYAKA MIKE????????????? HAHAHAHAHAHAA TWARABAHINYUYE!!!!!!!!!!!

  • APRODH MURIHEHE KO ATACO MURIKO MUKORA KUGIRA MUTOHOZE KURIVYO BIZIGA????????????? SHOBUJA MBONIMPA NIWE ABISHOBOYE WENYENE GUSA??????????

  • REKUWO MURAZITA MBONIMPA YIRIRE COMISIYO YIBIZIGA, MUREKURE MUREKURE ADUSHORERE IVYO BIZIGA MURI ONU.

  • Igihugu cuburundi gifise umuhinga umwe muvyo gutohoza ibiziga no kubidandaza nawe akaba ari pierre claver MBONIMPA, ubu akaba avundiye mwibuye!!!!!! Akaba arico gituma tutamenye amakuru yimvaho yivyo biziga biri mukagera!!!!!!

  • Jewe ndabivuzde avec des preuves. barya bantu bishwe na Documentation Rwandaie

  • Ndagay caaane inyifato yabantu bamwe bamwe bashikirij ivyiyumviro bihengamye bitubaka.
    Kur’iyo nkuru ibabaje, iteye n’agahinda aho abantu bicwa bakongera bagasangukira hejuru.......jewe novugako ar’umuhero w’isi!!! Birababaje tusanzwe tuzi ingene ikiziga n’ubuzima bw’umuntu vyategerezwa gutinywa naho kutobaye kuvyubaha!!!
    Ivyoooh n’ibimenyetso vy’ibihe!!
    Convertissez vous et croyez àla bonne nouvelle.

    Je propose des enquêtes bien dirigentées mais il faut d’abord enterrer ces cadavres pour protéger les êtres et l’environnement ! !

    Yemwe jeeeeewe Uburundi ndabuherej Imana ihoraho.

  • Umwicanyi Kagame aratumaze banyarwanda . Nimuhaguruke tumwivune dore ko amaze kwica abantu batagira ingano!!

  • Umwicanyi Kagame aratumaze banyarwanda . Nimuhaguruke tumwivune dore ko amaze kwica abantu batagira ingano!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.