IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uburundi ntibushigikiye ko hashirwaho umurwi utohoza ivyagirizwa (...)

Uburundi ntibushigikiye ko hashirwaho umurwi utohoza ivyagirizwa Imbonerakure

dimanche 13 Ndamukiza 2014

Reta y’Uburundi ntishigikiye ko hoshingwa umurwi wigenga mpuzamakungu kugira utohoze ivyavuzwe mu rwandiko rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD rwahawe ibirwanisho.

Urwandiko rwo mw’ibanga rw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU rwamenyesheje ko urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD mu ntara za Bururi na Makamba rwahawe ibirwanisho na bamwe mu ntwazangabo zo mu gisirikare c’Uburundi.
Kuva ayo makuru agiye ahabona, Adama Dieng, icegera c’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajejwe ibibazo vy’ihonyabwoko yaciye asaba ko hoshirwaho umurwi wigenga mpuzamakungu wotohoza kuri ivyo vyavuzwe, umuco ukaboneka.

Muri Reta y’Uburundi siko babibona, kuko mu kiganiro co kubeshuza ivyo vyavuzwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano w’igihugu yamenyesheje ko inzego z’igisirikare n’igiporisi mu Burundi zitararengerwa gushika n’aho bikora mu nzego mvamakungu. Nk’uko umushikiranganji Gabriel Nizigama yabishikirije, abajejwe umutekano mu Burundi barifitiye ubushobozi n’ubuhinga bikwiye, vyofasha gutohoza ayo makuru ku bwiwe ashingiye ku bihuha.

Tubibutse ko mu kiganiro abashikiranganji batatu baremesheje, aribo Général-Major Pontien Gaciyubwenge, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano, hamwe na Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’ubutungane, bose bamiriye kure ayo makuru avuga ko Imbonerakure za CNDD FDD zahawe ibirwanisho. N’umukuru w’umugambwe CNDD FDD, umushingamateka Pascal Nyabenda yamenyesheje ko ababivuga ari abashak gucapfuza umugambwe arongoye, mu gihe n’amatora yimirije.


Egide Nduwimana

Messages

  • Mbega wewe wunva wovyemera ko bijahejuru hama ngo baracafise abashoboye amatohoza ivyamanirunva mwabinigiyemumenshi hama ivyonavyo bibakorako wunva mwobikoragute . Nimba kwarukubanza kubabaza ho vyaribizwi komutokwemera kuko muzi ivyarivyo . Ariko iyaba atacomwiyagiriza mwarikurekauwomurwi ugakora ayomatohozahama bikagaragarako atacaha cakozwe.

  • mubisanzwe umuntu akoresheje ubwenge imana yaduhaye,nukuri ikibiri catinye amatora ya 2015.mugabo bokwibuka ko na 2010 bikuye mumato ngo yibwe mugabo atawigeze ayiba.nubu namba namba babona ataco banze batanguye gutakanwa.

  • Wewe wokwemera kwimena inda inda nimureke uko nugushaka kunyegeza ukuri ntakindi muratubariza leta nabo bashikirangnji bayo uburorero nkabubiri aho ONU yatanze ivegeranyo atarivyo?Ukobigenda kwose ukuri kuzotsinda ikinyoma

  • Ibinivyovyerekana ko uburundi arigihugu nkibindi kandi bufise abajewe umutekano bashoboye kugera unomusi abajejwe umutekano bahagazeneza cane, iconobabwira nuko inzego zumutekano muburundi ukozipanze uyumusi ntizishobora kwihanganira uwowese ashaka gukoreramabi umurwirunaka, rekamberendabibutse iyohataba inzonzego zumutekano mwarikubamwaracerewe kuzagutabara abarundi kuko inyumayamatora yomuri 2010 hariho abashatse kubangamira umutekano wigihugu ntimwanje guhagarika abobantu baribatanguye nokuzabaratera ibirindiro vyabajejwe umutekano ariko barakoresheje ubuhinga bwabo bwagisirikare baragerageza kwirwanira arinako barwanira nuburindi nababubamwo kandimuraziko hariho nabashinzwe umutekano bahashize agatwe arikontimwibutse kurungika abahinga ngobaje gutohoza mwakiryakibira ca Rukoko cirirwa kivamwo abantu bazaguhekura abarundi, jewe iconemera uyumusi abajejwe umutekano sabubwoko runaka, sabumugambwe runaka, sabintara runaka kubwivyo biratunezereza kandi barashoboye nukuri bagezekuntambwe inezereje namakungu arabizi, ariko kubera ubwobubeshi bwabamwe binjavyi bubarundi bariko barashaka kubashirahasi inyuma yogushirahasi inzego nzigihugu (abategeka igihugu)

  • Le Général Remeo Dallaire, ex-commandant des troupes de l’ONU au Rwanda, avait envoyé de messages alarmistes sur le génocide des tutsi en préparation dès les années 1993,avec la création de la radio milles collines et la distribution des armes aux milices du parti au pouvoir MNRD. Malheureusement, l’ONU avait gardé ces correspondances dans les armoires sans réagir. Aujourd’hui, l’ONU se repend et demande pardon au Rwandais 20 ans après, de son indifférence pendant cette période de triste mémoire.
    Voila, pourquoi, le CNDD-FDD doit faire attention de ce rapport, car il n’y a pas de fumée sans feu, et chasser le naturel, il revient au gallot .Ces démentis verbales ne suffisent pas, et les chancelleries occidentales et même africaine, y compris celles de l’EAC, suivent de près ce nouveau développement de l’actualité. Le voisin du nord a les yeux braqués sur vous, d’autant qu’il y a des informations faisant état d’un appui étroite des FDLR àla formation « training » des Imbonerakure, sous l’injonction de leur protecteur et défenseur TZ, dont je cite pas le nom.
    Les faits sont têtus. A bon entendeur salut !

  • Abo b,ADC Ikibiri.nayo mashirahamwe avuga ngo arigenga,kandi atigenga.igihe vyabisuma vyari vyadutse biza gusahura abanyagihugu,ntimwibuka kobaciye basimbira kwisunzu ry,inzu ngo L,Etat nigirane ibiganiro nabirya bisuma.bararindiriye amaso ahera munzira,none ehe ubunaho ngo ibigwanisho ngo vyahawe imbonerakure.yemwe yemwe abo bantu babuze aho bafatwa nkumwana ahiye mukwaha nukuri.barabesha ntabwo bazosubira kuduta mukanga ngo tubihanganire.noneho icambu cuyo mufasoni MAMA inzego z,umutekano ziripanze neza caaaaane.kandi ubuho zirimwo amoko yose,ntakuzitwaza rero ngo muzishire mwayo manyanga y,ADC.ikibiri,biboneka ko nabobagabo bigira ngo baserukira ONU,ko bahengamye,barakoreshwa ,none he badohotse kumabanga bajejwe,yogutunganiriza bose atankunzi.noneho umurundi wubu nsinkumwe waho hambere hahise ndabarahiye,ADCna ONU,iyo mitego murigutega L,Etat abanyagihugu baramaze kuyibona umusi wokuyitegura 2015,ngira ngo mukwezi 6.tuzobatangaza,

  • Yewe burundi uganahabi sinokubesha

  • Reka kybesha abarundi turazi ico mugona naho tutavuga.ubu murikomwigira zimuza .imbonerakure zimaze kwica mbangahe?zimaze gukomeretsa bangahe?imisiyose ngontanakimwe?mbega imigambi mwaraguye itadukanye nivyo mwakora mwishamba niyihe?kugira twemere ko bababeshera?kuberiki mwanka ko haba amatohoza yaho bategamiye?niryambere kwisi reta bayagiriza ubwicanyi ikavuga ko bayibeshera?abandi bavuga ingo mur abe kuko ataco bicura DD wewe wigize umuhiga,wo kwica komeza ncuti ufise umwuga mwiza pe

  • mwitondemusomeneneza.iyamajamboNanditse.abobashikiranganjinabobajejwuwomutekanonuvugwanabakisaba.dd.nonebokwemerakobarigutanginkohoGute?nicogituma.akakabaza.kagoyegusigurakurimwebwe.abasongambere.kubwuyumugwi.wa.onu.rero.umukobwayagirijweko.afisinda.yindaro.atayafisewibazakoharubwobabimutera.bomubwirakoarujakwamuganga.wibwirakoyotinyakujayo.gupimwa.mwemezako.atankohozatazwe.iconagiransozerereko.makamba.nabururi.basaze.aricumwanaabonye.abanyagihugubomurizontara.ubwenkebwaboburakora.sinkabiryabijuju.vyomuzagitega.yagiyeguhendeshaamavokangonamaterambereabazaniye.bakoreshereyonibindivyiterabwoba.nkivyobarigukoramuribururi.namakamba.nagombamenyeshe.aba.dd.kobogeragerezahandi.abanyagihugubomurizontara.barashishwe.basuvya.benamaporitiqwe.kuyakina.nivyonagombakubamenyesha

  • Nkiki kigaba ngo ni Rutovu ahuzezemvyiki?harumunsi ibizigabidasiba gutworwa mubisagarabitandukanye vyabuja mbenibande babanigura?buceceka ugasakire ivyobavuga ukamirira harigihe ejo yobawwe ivyobigabo vyibinwamaraso bigira muri prado zitagira nimero zinigagurabantu ntabucuti nimbubakorera wibaza kowasumvya gukora Nzarabu?none wabonye bamuhemvyiki?wogomba wokwikebuka

  • Mu kirundi bavuga bati: "ntawimena igihute." Ivyo bisigura ko ata mudede akigendera ibanga ry’abadede yokwemera ko ibivugwa k’umugambwe wiwe. ko ari ukuri. Uwobihirahira bawe ashobora kurara ku mpanda (safisha). Ariko ababigira Bose bamenye ko ivyo bagirira abandi arivyo bazogirirwa haba mw’isi canke imbere yintebe yimanza y’Imana, Imana na President adasiba kuvuga ko asenga. Iyumvire iyi scene:
    Imana: Okay, wewe wa mugabo ucieiwe urwo gupfa kubera abantu wishe murir wamugambi wogusafisha.
    Umugabo: Mana urandenganije. Wewe wumvirije ivyo abantu bavuga vy’ibihuha.
    Imana: bande?
    Umugabo: Abo mumashirahamwe yiyita ngo ntaho yegamiye harimwo na ONU.
    Imana: Wewe wagomba bavuge Gute?
    Umugabo: Bamvugire neza. banyegezw ukuri.
    Imana: Urazi uwo uriko urayaga nawe?
    Umugabo: Yoo, mbabarira Mana. Erega nari nibagiye ko wabibona vyose.
    Imana:Jewe simpinduka. Urubanza naguciriye ni rurya nyene. "Ingero ugeramwo abandi nawe niyo ugererwa. bitagenze ukwo naho nanje noba nivuguruje ivitazigera bishika.

  • Kabwa ni Gachien nyene nkico niciyumviro watanze?nibareke aho bukera duce urubanza!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.