Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Uburyo bwo kuresha umwigeme - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uburyo bwo kuresha umwigeme

Uburyo bwo kuresha umwigeme

lundi 21 Nzero 2013

Hari uburyo bwinshi bwo kuresha umwigeme, iyo uravye usanga umuntu wese afise uburyo bwiwe ashobora kubikoramwo, uretse ko hari abashobora kubikora nabi . Ngubu bumwe mu buryo ushobora gukoresha kugirango ushobore kuresha umwigeme ashobore no kukwemera.

Harya rero mu kuresha umwigeme, ukwitonda birakenerwa cane kuko harya abigeme benshi barakunda umusore yitonda kandi adafyina. Ariko rero iyo ugiye kuresha umwigeme ukagenda umubwira ivyo wiyumviriye vyose uba uriko uragabanya amahirwe yuko akwemera.

Burya rero mu kuresha umwigeme ukutiyemera kuwo uriko uraresha ni bumwe mu buryo bushobora gutuma agukunda, hari abasore baja kuresha ugasanga bagenda bavuga ubutunzi bafise canke imiryango bavamwo . Hariho kandi n’ababesha bakavuga nivyo badafise bibaza ngo niho babemera, ugasanga nk’umusore agiye kuresha umukobwa akagenda amubwira ati jewe ndi umutunzi mfise akazi keza n’amahera menshi ndetse n’umuryango wacu ni uwo abakomeye ati niwankunda ntaco uzobura ati ikindi c’agaciro ni uko dusangiye ubwoko.

Ivyo sivyo na gato kuko umwe mu bigeme twaganiriye atashatse kwivuga izina avuga ati jewe umusore yoza kundesha akaza yitwaje ubutunzi n’amatongo afise canke akambwira ko ava mu muryango ukomeye, arata ubwoko canke akaranga n’ibindi jewe ivyo sivyo vyotuma ndamukunda kuko urukundo nyarwo ntirugurwa, aje yitwaje ivyo ubwoko nta n’inyenyi noba nkimweretse kuko nca mbona ko ari umuntu yitwaza amacakubiri ntaco yoza anshikanako.

Niwaja rero kuresha umwigeme uje uzoze uramubwira utujambo turyoshe tumuhumuriza umutima ,uzorate imigambi myiza ufise muri kazoza kawe, kuko ubundi umusore azi ubwenge ntaja kuresha ngo agende arabwira umwigeme ivyo afise vyose kuko iyo winumiye umukobwa akazovyibonera mu nyuma aca arushirizaho kukwemera kuko burya urukundo nyarwo ntirwihayagiza canke ngo rwirarire ahubwo ruratekereza rukirinda kurengwa no gukanza inkuru mbere rukagira ubwenge.

Mubwire urukundo nirwo ashaka nayo kumubwira ivyo ubutunzi n’amatongo yawe ivyo sivyo ashaka, kumwihesha ama unite atagusavye sivyo vyotuma agukunda kuko hari igihe umuha ikarata y’amajana atanu amenyereye gushiramwo iyo ibihumbi icumi urumva none ko ivyo vyotuma agukunda? Musore si uko baresha kuko ico umukobwa yishakira ni urukundo si ibintu kuko wosanga yavutse abisanga mu hira babifise bikwiye.

Ikindi nabonye kuresha burya ni ukwiyemeza ukareka ubwoba ukamubwira ushize amanga ata kintu na kimwe cotuma ugira ubwoba. Ikindi niwiteho kumenya ivyo akunda kugirango abe arivyo ugenderako mukumuresha niyakubwira ko akunda shokora uyimugurire, ukunde kandi kumuyagisha ibisanzwe kugira nawe akumenyere aho mubisanzwe niho uzoza uracishamwo amajambo y’intumbero ariko buhorobuhoro utihuta .

Kenshi ubigenjeje gutyo uzomuronka nimba ari uwawe, kuko hari igihe ushobora gusanga mutari k’urugero rumwe mbere ugasanga uriko ushaka kwigerezako. Niyo vyanga uzoce urindira uwawe uzomubona kuko harya nta kirenge cabuze ikirato wewe gusa reka gufyina no kwirarira ahubwo witonde ubishiremwo ubwenge kandi niyanka ntumuhate kuko urukundo ntirwingingwa niyakunanira uce umureka uzobona uwawe.


Joel Sengurebe

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.