Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Uburyo bwo kuresha umwigeme
Uburyo bwo kuresha umwigeme
lundi 21 Nzero 2013
Hari uburyo bwinshi bwo kuresha umwigeme, iyo uravye usanga umuntu wese afise uburyo bwiwe ashobora kubikoramwo, uretse ko hari abashobora kubikora nabi . Ngubu bumwe mu buryo ushobora gukoresha kugirango ushobore kuresha umwigeme ashobore no kukwemera.
Harya rero mu kuresha umwigeme, ukwitonda birakenerwa cane kuko harya abigeme benshi barakunda umusore yitonda kandi adafyina. Ariko rero iyo ugiye kuresha umwigeme ukagenda umubwira ivyo wiyumviriye vyose uba uriko uragabanya amahirwe yuko akwemera.
Burya rero mu kuresha umwigeme ukutiyemera kuwo uriko uraresha ni bumwe mu buryo bushobora gutuma agukunda, hari abasore baja kuresha ugasanga bagenda bavuga ubutunzi bafise canke imiryango bavamwo . Hariho kandi n’ababesha bakavuga nivyo badafise bibaza ngo niho babemera, ugasanga nk’umusore agiye kuresha umukobwa akagenda amubwira ati jewe ndi umutunzi mfise akazi keza n’amahera menshi ndetse n’umuryango wacu ni uwo abakomeye ati niwankunda ntaco uzobura ati ikindi c’agaciro ni uko dusangiye ubwoko.
Ivyo sivyo na gato kuko umwe mu bigeme twaganiriye atashatse kwivuga izina avuga ati jewe umusore yoza kundesha akaza yitwaje ubutunzi n’amatongo afise canke akambwira ko ava mu muryango ukomeye, arata ubwoko canke akaranga n’ibindi jewe ivyo sivyo vyotuma ndamukunda kuko urukundo nyarwo ntirugurwa, aje yitwaje ivyo ubwoko nta n’inyenyi noba nkimweretse kuko nca mbona ko ari umuntu yitwaza amacakubiri ntaco yoza anshikanako.
Niwaja rero kuresha umwigeme uje uzoze uramubwira utujambo turyoshe tumuhumuriza umutima ,uzorate imigambi myiza ufise muri kazoza kawe, kuko ubundi umusore azi ubwenge ntaja kuresha ngo agende arabwira umwigeme ivyo afise vyose kuko iyo winumiye umukobwa akazovyibonera mu nyuma aca arushirizaho kukwemera kuko burya urukundo nyarwo ntirwihayagiza canke ngo rwirarire ahubwo ruratekereza rukirinda kurengwa no gukanza inkuru mbere rukagira ubwenge.
Mubwire urukundo nirwo ashaka nayo kumubwira ivyo ubutunzi n’amatongo yawe ivyo sivyo ashaka, kumwihesha ama unite atagusavye sivyo vyotuma agukunda kuko hari igihe umuha ikarata y’amajana atanu amenyereye gushiramwo iyo ibihumbi icumi urumva none ko ivyo vyotuma agukunda? Musore si uko baresha kuko ico umukobwa yishakira ni urukundo si ibintu kuko wosanga yavutse abisanga mu hira babifise bikwiye.
Ikindi nabonye kuresha burya ni ukwiyemeza ukareka ubwoba ukamubwira ushize amanga ata kintu na kimwe cotuma ugira ubwoba. Ikindi niwiteho kumenya ivyo akunda kugirango abe arivyo ugenderako mukumuresha niyakubwira ko akunda shokora uyimugurire, ukunde kandi kumuyagisha ibisanzwe kugira nawe akumenyere aho mubisanzwe niho uzoza uracishamwo amajambo y’intumbero ariko buhorobuhoro utihuta .
Kenshi ubigenjeje gutyo uzomuronka nimba ari uwawe, kuko hari igihe ushobora gusanga mutari k’urugero rumwe mbere ugasanga uriko ushaka kwigerezako. Niyo vyanga uzoce urindira uwawe uzomubona kuko harya nta kirenge cabuze ikirato wewe gusa reka gufyina no kwirarira ahubwo witonde ubishiremwo ubwenge kandi niyanka ntumuhate kuko urukundo ntirwingingwa niyakunanira uce umureka uzobona uwawe.
Joel Sengurebe
Messages
22 Nzero 2013, 04:38, par kanny
ivyo mutugejejeho ni vyiza pe ni ugukurikiza izo mpanuro
murakoze
29 Nzero 2013, 12:13, par mundere karim
ndabakunze kandi mukomereze aho. turabakunze kuri gahunda yamakuru
16 Nzero 2014, 20:30, par mathy
yoba n’abakobwa bose bari bameze nkuwo ataraba ubutunzi, intara, ubwoko, n’ibindi ibintu vyobaye vyiza gusumba. Ariko nuko usanga abakobwa benshi b’ubu ivyo bintu arivyo bafatirako bakibagirako ivyo vyose ata na kimwe kizotuma urugo rwabo rukomera kiretse urukundo boba bafitaniye n’uwo bubakanye.
16 Nzero 2014, 20:30, par mathy
yoba n’abakobwa bose bari bameze nkuwo ataraba ubutunzi, intara, ubwoko, n’ibindi ibintu vyobaye vyiza gusumba. Ariko nuko usanga abakobwa benshi b’ubu ivyo bintu arivyo bafatirako bakibagirako ivyo vyose ata na kimwe kizotuma urugo rwabo rukomera kiretse urukundo boba bafitaniye n’uwo bubakanye.
31 Rusama 2014, 20:12, par Innocent
Inyigisho mutugejejeho ninziza rwose kuko hari abasore benshi bibaza ngo kumbure bokundwa kubwamahera yabo menshi.vyiza inkumi ndazihanura ko zokwirikiza izo mpanuro
8 Rusama 2015, 09:20, par Menge
ni gute woresha uwo mutaramenyerana. umubonye ukamukunda atakuzi kuko navyo birashika
3 Ruheshi 2015, 15:29, par jeckonie Manirakiza
iyi nkuruniyo iyuresha sivyiza kwirata ,nukwereka amatungu kugirukundwe,,kuko amatungu arahera urukundo rukabandanya
24 Mukakaro 2015, 11:22, par josias kezakimana(J.K.A)
jewe nibaza ko nkuko mwabivuze amatungo n’ubwirasi atarivyo bikenewe murukundo kuko urukundo rufatiye kubintu ntaba ari urukundo.mugabo mfisakabazo: kubigeme ugiye kubaresha baca bakubaza ivyufise bobo mubabwira iki?none ntibazi ko ubugiye kuresha witeguye?
4 Myandagaro 2015, 11:44, par JON
KWIRARIRA MU KURESHA SIVYIZA.AKWEYE KUBERA KWI
17 Myandagaro 2015, 16:58, par Yves Mouvelondi Tds
Niyumvir ko umukobw amaz kukwankir ko woc urindi just 2jour ugasubir kumwinging yans ugac umurek nariry ntakirato kibur ukugur nkuk mwabivuz
17 Munyonyo 2015, 20:23, par Protais Tuyishemeze
Abakobwa Tubakundira Iki?
17 Munyonyo 2015, 20:26, par Protais Tuyishemeze
Abakobwa Tubakundira Iki?
16 Kigarama 2015, 22:51, par UMUHIRE EMMANUEL
ICA 1 NDABARAUKIJE ICA 2 NDABASHIMIE JEWE PE.!
5 Nzero 2016, 08:29, par Nininahazwe Abdul Karim
None Wo Menya Kumukobwa Agukunda Gute?Atakubesha
29 Ruhuhuma 2016, 22:24, par irambona jeanmarie
nonewomenyanazagute kumukobwa agukunze canke atagukunze
29 Ruhuhuma 2016, 22:25, par irambona jeanmarie
nonewomenyanazagute kumukobwa agukunze canke atagukunze
28 Ntwarante 2016, 10:19, par omar
abakobwa tubakundira wiki?
29 Rusama 2016, 19:44, par Nkeshimana Elysée
Gute Wokwigarurira Umukobwa Akagukunda?
24 Ruheshi 2016, 08:36, par Trésor
Ndabisimye Kweri Kandi Bananya Mutanga Impanuro Kubataranyurwa
5 Mukakaro 2016, 15:35, par Nizigiyimana Sylvester
Bwira Amajambo Yurukundo Keshi Wokoresha Kugira Umukobwa Akwemere Ningoga ...
5 Mukakaro 2016, 21:52, par niyomwungere j.nclaude
harumusoreyakunzumukobwa umukobwa aramukunda mugiwabontibakundumuhungu
7 Mukakaro 2016, 07:34, par niyomwungere j nclaude
Nashakumukunzitwokundana wukuri kuko abonkunzebacabatwara ,nonemumfashijemwiki inyish
9 Mukakaro 2016, 20:06, par Desire
Jewe Nkunze Umukobwa Mugabo Ngiye Kumuraba Muhira Aratinya Abavyeyi Biwe None Nobigenza Gut Kugira Areke Kubatinya?
25 Mukakaro 2016, 02:14, par Sindayigaya cyriaque
Izompanuro Ninziza
6 Myandagaro 2016, 17:35, par MUKUNZI DESIRE
Jewe nkunze umukobwa asaba ama unite nka muha ,munyuma agahera atanterefonye.nkaja numva ati ndungikira ayandi none uwo muntu nomufata gute?
8 Myandagaro 2016, 12:09, par Jospin Smith
Ego Kweri Birashoboka Nubwo Urukundo Rwubu Rufise Date D’expiration.Usanga Kenshi Abigeme Bakunda Amahera! Urwo surukundo Nagato Ahubwo Nuburyarya.
29 Myandagaro 2016, 16:53, par viateur
nanje nimumpimitwe,nakunzumukobwa tudasangiyidini none ashaka kumpeba kubera tudasenga hamwe,none mumfashijiki?
21 Nyakanga 2016, 10:03, par irakoze didier
jewe mumfashiziki ngize ngo ndakunze uwo ndondeye ntanyemerera uwunyemerey naw ntitumaranimis non nzokorik?kugira ndonke uwo turambana.
5 Gitugutu 2016, 22:30, par Hakizimana Celestin
Ukeneye Ko Umukobwa Agukunda Uca Munzira Nyishi 1manze Umugire Umugenz 2 Muganira Cane 3 Amajambo Aryoshe 4 Mukunde Gutemberana Urugendo Rurerure Muce kwivuna Akanyota Umwanya Munini Mugende Namaguru Kwimoto Aho Muzoba Mugenda Muganira Ibisanzwe 5 Umwisanzurako Akakumenyera Ukamwereka Ubugenzi Buteye Imbere
8 Gitugutu 2016, 19:33, par week end
Eg nukonyene
18 Gitugutu 2016, 05:43, par Elyan
Eg Nukur.
26 Gitugutu 2016, 18:56, par placide
Umukobwa wamukunze urashobora nokwimenyereza umuryango wiwe
30 Gitugutu 2016, 19:08, par J. Claude
None Uri Umusore Wo Mumitumba Wokunda Umukobwa Wa Depite? Wokoresha Ubuhe Buryo Bwo Kuresha?
31 Gitugutu 2016, 14:04, par Thierry
None,harya umuknbwa ugend ariryambere,akanka ngafisuwundi,atawuriho bicabisigura konocandamureka?
1er Munyonyo 2016, 16:04, par Niyoy Côme
Muragize Pe! Ndabonye Ingene Ndobigenza
5 Munyonyo 2016, 04:49, par IGIRIMBABAZI WYCLIFFE
Jewe nakuze umukobwa tumaranye hafi ukwez ndamuhamagaye ntashaka kuza anyishura nabi birenz none mwonmfasha iki kugira asubire ankunde?
25 Munyonyo 2016, 19:21, par naasson
non jew ko nashaka kumenya mukugra umubze ivyerkey urukndo.utangra kugra gte?mukgira umubrire ko umuknda?nimumfashemwo mzob mkoze.
29 Munyonyo 2016, 12:51, par J.Claude
Vyokunda Konkunda Umuzungu Ndumwirabure
30 Munyonyo 2016, 06:48, par Wizzy Chris
Banyivye Umukobwa Nzokore Iki!
2 Kigarama 2016, 21:55, par IY.URIK.IRESHAUMUKW.ARASHOBORA.KUKWANKIRA BIGATIMA.UGIR.IKIBAZO.ATA.I
BUTOYI
6 Kigarama 2016, 20:45, par Chris-b
Murkz Komerzah Mubwir Abataz Kuganir Numukobw Ingen Babigenz Kwatari Ukurata Amafaranga P6
18 Kigarama 2016, 22:20, par Lameck
Umukobwa Iyo Agukunze Arashobora Kuguha Umusundi
25 Kigarama 2016, 01:20, par NKURUNZIZA Innocent
Jewe Nasavye urukundo umukobwa aranyankira nne ubu ntakimvugisha i yo duhuye andamutsa agenda ntamvugisha nkuko yamvugisha kare ntaramusaba urukundo nne nsubiyeyo nkaguma ndamuvugisha kenshi nkaca nkongera nkamubaza ubu ndibaza ko vyoshoboka
26 Kigarama 2016, 05:28, par ITANGISHAKA haruna
umukobwa mukundanye ntiyokwemera kuguha umusundi.
3 Nzero 2017, 08:03, par Ndayizeye Fabrice
None Mugutangura Batangura Gute?
11 Nzero 2017, 21:41, par nduwimana vianney majambere
Ukuresha Umukobwa Ubwamberenamberewikuramwubwoba! Hama Ukamuramutsamukayaga Inkuruzisanzwe:atakugenda Ubwonyenengo Dukundane Oya
12 Nzero 2017, 19:17, par irambona
Ndumuhungu wimyaka19 ndipfuz ukobwa dukundana afise imyaka18 afise taye zose kand afise ari inzobe yondonder kur 69064752 cnke 79660686 cnke kur irambonaj.bosco@gmail
21 Nzero 2017, 07:45, par Amédée
mfise umukobwa numugenzi ntabwo ndamubwira kondamukunda umukobwa agumasaba amayinite kandi ntaramubwira kondamukunda ubwonina mubwira ntazorushaho mufashijiki
22 Nzero 2017, 10:52, par Ndakazi Edmond
Umukobwa Iyo Yaguhevya Mukaguma Muyaga Akaguma Avuga Ngo Aranknda Biba Arivyukuri Kombona Kwizerana Ari Ibigoye.Mwomfasha Iki?
29 Nzero 2017, 20:26, par Jean Bostoni Ntwunzwenayo
Je Nipfuza Gukunda Umukobwa None Nokora Iki?
8 Ruhuhuma 2017, 21:25, par Joïsi
Jew Mfse Umukobw Dukundany Tumaz 1an Dukundany Mugabo Namuhamagay Ambwira At Ntamwanya Afis Nôn Nokoresha Uwuh Mutom Kugira Tubandanye Dukundana?
8 Ruhuhuma 2017, 21:26, par Joïsi
Jew Mfse Umukobw Dukundany Tumaz 1an Dukundany Mugabo Namuhamagay Ambwira At Ntamwanya Afis Nôn Nokoresha Uwuh Mutom Kugira Tubandanye Dukundana?
20 Ruhuhuma 2017, 08:07, par Ndikumwenao
2FOTIDIE?
21 Ruhuhuma 2017, 08:51, par ndagijimana ervis
NUKURI SIVYO KURONDERA URUKUNDO SIKWIYEMERA NGO UFISE AMATUNGO MESHI AHUBWO MUBWIRE KAZOZAKANYU KAHAFI KUVYO MUSOSHIKAKO KANDI NUMTBWIREKUMUKUNDA YASE NUMUREKE KUBERA NTABARISEZERANORYAWE KIRAZIRAKUBESHAMUKOBWA KUBERA HANYUMA RIRABIRA KAZAKUKURAMUTSA KUGIRAKURABE %%%
25 Ruhuhuma 2017, 16:46, par jonas nihorimbere
nuko murakoze
25 Ruhuhuma 2017, 16:49, par joj jonas nihorimbere
nuko murakoz
17 Ndamukiza 2017, 20:08, par Celestin
Ukunze Umukobwa Akakubwira Ngo Ndaguhevye Ugatuma Umugenzi Kumubaza Icobapfuye Akakwishuranta Vyonzi Woca Ubikora Gute?
19 Ndamukiza 2017, 18:27, par Pontien kabavenge
Murakoze Kweli Muraduhaye Ivyiyumviro Ngirakamaro.
23 Ndamukiza 2017, 09:17, par Ndayisaba Yvan
Murakoze Cane Murafashije Benshi Barakunda Kwitwaza Amatungo Mu Rukundo.
23 Ndamukiza 2017, 09:55, par Ndayisaba Yvan
Murakoze Cane Kuko Mufashij Benshi! None Ko Muvuze Ngo Ntaguhata Umuntu Ngo Akwankiye Woca Umureka!Ko Harigihe Ugenda Kuresha Nkagashika Gatatu Akwankira Akakwemerera Kubugira Kane Kandi Umubajije Icatumye Atevya Kukwemerera Akakubwira Ngo Yagomba Kumenya Ko Umukunda Koko!None Womenya Gute Uwukwankiye Ko Atari Uwaw Gute ?Ko Benshi Ubwambere Badakunda Gushoka Bemera?Inyishu Yvanndayisaba966@gmail.Com
3 Rusama 2017, 09:28, par Gervais
Nukurindashimyekurizompanuromumpaye nonewoshoborakumenyagutehakirikarekoataguhaurukundo?
3 Rusama 2017, 22:05, par NIYONZIMA PONTIEN
JEW NUMV IYOMPANUR MWATANZ IRAKWIY ARK TUTIBAGIYEK NABAKOBW BASHIMA ITUNGA RYUMUHUNG
5 Rusama 2017, 11:44, par Emmanuel Ciza
Nivyo Kweri Kuduhanura
20 Rusama 2017, 14:34, par Georges Ndayishimiye
Ivyo Nivy Ark Nanj Ndafs Ikibazo Je Ndakunz Umukobwa Arik Ndamuvugishije Navg Ndanamuramukij Ntanyishur Kand Ndamukunda Cane Nn Ndabigenze Gute?
20 Rusama 2017, 14:35, par Georges Ndayishimiye
Ivyo Nivy Ark Nanj Ndafs Ikibazo Je Ndakunz Umukobwa Arik Ndamuvugishije Navg Ndanamuramukij Ntanyishur Kand Ndamukunda Cane Nn Ndabigenze Gute?
12 Ruheshi 2017, 23:42, par james
29 Ruheshi 2017, 20:30, par Léonard Ntirampeba
izompanuro zirakwiye kuko abahungu benshi bagenda birata yuko batunze ariko bakenye.baranatiza amamoto,imodoka kugirango babone yuko atunze .abameze uko kenshi uzosanga atanico bimariye.
4 Mukakaro 2017, 22:47, par Chadrack Piredo
abahung barakwiy kumeny ic umukobw akund kwaric yumv ataric abon
ham abakobw nabo barakwiy kumeny icumuhung akund kwaric abon apan ic yumv.ivy tgend tubiz mumutw.
9 Myandagaro 2017, 13:12, par Venas
Ivy muvuga nukur kabisa har ivy nigez kwibonerak kand ndonse icigwa muraduh nibind murakoz
1er Nyakanga 2017, 21:34, par Sindizera Gaspard
ntacomvuze
2 Nyakanga 2017, 23:16, par Amo Niyonkuru
umukobwa Atemera Ko Umukorako Yoba Agukunda Mukimfashemwo Ubu Vuba Nimero:61557210
4 Ruhuhuma 2018, 17:05, par Irikungoma Isaac
Ko Hari Abakobwa Ugiye Kubaresha Batemera Bakubwira K Bamaze Gukund Abandi?
26 Ntwarante 2018, 17:20, par NTIRANDEKURA J’ Bosco
NONE IYO UMUKOBWA AKUBWIYE YUKO AFISE UWOBAKUNDANYE WABAZA ABANDI UGASANGA NTAWAFISE KANDI UMWIPFUZA NONE WOMUREKA CANKE WOSUBIRA KUMUBWIRA KO UMUKUNDA ? Nimero 61443469
23 Ndamukiza 2018, 14:46, par Thelence
NON UKUNZE UMUKOBWA AKIGUMURA AKAGENDA ATAGUSEZEYE NONE YOBA VYUKURI AGUKUNDA ? CANKE YOBA ATAGUKUNDA ? Numero 68302659
28 Ndamukiza 2018, 15:54, par Guerison
Big Up Xn,
29 Ndamukiza 2018, 07:04, par Egide Senghor
Mbe Baresha Gute? Mubinkorere Ubunyene Numero69536871
10 Rusama 2018, 06:18, par justin
Murakoze kutwigisha no kuduha impanuro ariko nashaka ndabasabe i_mail yanyu kugirang nze ndabasaba ubufasha(aide) .
14 Rusama 2018, 10:12, par nshimirimana jean claude
JANETI NA JEAN CLAUDE
6 Ruheshi 2018, 21:18, par Nduwimana Audrick
None Burya Kugire Umukobwa Akwiyumvemwo Kurusha Uko Yagukunda Ntatunt Woza Uramugirira? Kugira Umwereke Kumukunda Womuha Iki?
20 Ruheshi 2018, 22:05, par halid
sha ndashimye cane iyo nkuru kabisa muze mubandanye mutubwira ngira nta wuto shima nanj ,61968814
25 Ruheshi 2018, 10:43, par Antoine Dusabe
Ndabashimiye Kuduhanura. None Uhaye Impano Umukunzi Wawe Ntamajambo Woshobora Kuyiherekeza Canke Womuhuko Nyene Nimero:68469598
30 Ruheshi 2018, 08:07, par Audace Makado
Murakoze Kweri Kurizo Mbanuro Muduhaye. None Ukunze Umwigeme Akaguma Agusaba Ama Unite Kumusohokana Mububare Butandukanye. Ese None Abagukunda Vyukuri? Canke Aba Aguhenda Murakoze.
1er Mukakaro 2018, 15:29, par Colomb
Mukomere!
13 Myandagaro 2018, 19:12, par Lameck Hope
Murakoze Cn Kuduha Impanuro Ahubwo Mukomeze
18 Myandagaro 2018, 21:06, par Bikorimana Desire
Ibibazocumi Wobaza Umukobw Ukunda
19 Nyakanga 2018, 12:06, par Niyizomurera fabrice
nokora iki?kugira turyamane
20 Nyakanga 2018, 19:00, par Nzambimana Venerand
Bakukndwa b’Imana murakoze kuduha impanuro! kumbe hariho mvyinsh ndahigiye nokoresha mugihe ngiye kuraba umudada. murakoze