IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ubushobozi bw’abaririmvyikazi b’Abarundi bugiye kuja ahabona

Ubushobozi bw’abaririmvyikazi b’Abarundi bugiye kuja ahabona

mercredi 25 Ruhuhuma 2015

Abaririmvyikazi b’Abarundi bategura isabakuru ryo kwerekana ko ubushobozi bw’umwigeme butari mu kuririmba gusa ariko ko baterera no mw’itera mbere ry’igihugu. Isabukuru ry’abaririmvyikazi ruhura n’umunsi mukuru mpuzamakungu w’umukenyezi.

JPEG - 45.2 ko
I Bubamfu Bruno Simbavimbere na Natacha Ngendabanka

Ku ncuro ya kabiri y’isabukuru ry’abaririmvyikazi b’Abarundi riba uko umwaka utashe ku munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, kuri iyi ncuro habonetse bishasha. Isabakuru yo mu mwaka w’i 2014 yarimwo abaririmvyikazi bakuriira: Natasha, Eduidge, Samantha, Lina, Emelance na Macarena, aho vyararyoshe.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru caremeshejwe na Natasha ari kumwe na MEMBER, Akabirya k’isabakuru y’umwaka w’i 2015 izobera kuri Club du Lac Tanganyika, yatumiwemwo umuririmvyikazi wo muri Tanzaniya azwi cane ku rwego rwa Afrika. Uwo nawe si uwundi ni SHAA azwi mu ndirimbo nka:ZAMU YANGU, SIRI YA PENZI, KIDAWA, SUGUA GAGA. Nk’uko vyavuzwe na MEMBER muri ico kiganiro, isabukuru nk’iyo ije hageze narirya himirije amatora Abarundi benshi bashinze ijisho, harakenewe ijwi ry’abaririmvyi ryo humuriza imitima idatekanye.

Ku civugo "Uruhara ry’umuririmvyikazi mw’iterambere ry’igihugu", abaririmvyikazi nka: CYNTHIA, CHANELLA, NATASHA, EMELANCE, na EDUIGE bazobica bicike hamwe na SHAA twababwiye. Member ati:"Abaririmvyikazi ni benshi ntawe twakuyemwo kubera izindi mpamvu ariko twashatse umuziki wa"Live". N’abatari bazwi cane muri "Live" muri abo baririmvyikazi baramaze gutangura imyimenyerezo.

Tubibutseko isabukuru izo kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante ku munsi mukuru mpuzamakungu w’abagore. Ikindi mwomenya n’uko iyo sabukuru ifashwe mu mugongo gusumba iyabaye mu mwaka w’i 2014.

Abamenyeshamakuru bari mu kiganiro

Umviriza ururirimbo "Siri ya Penzi" rwa SHAA


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.