Accueil > Kwidagadura > Igiteramo > Ubushobozi bw’abaririmvyikazi b’Abarundi bugiye kuja ahabona
Ubushobozi bw’abaririmvyikazi b’Abarundi bugiye kuja ahabona
mercredi 25 Ruhuhuma 2015
Abaririmvyikazi b’Abarundi bategura isabakuru ryo kwerekana ko ubushobozi bw’umwigeme butari mu kuririmba gusa ariko ko baterera no mw’itera mbere ry’igihugu. Isabukuru ry’abaririmvyikazi ruhura n’umunsi mukuru mpuzamakungu w’umukenyezi.
- I Bubamfu Bruno Simbavimbere na Natacha Ngendabanka
Ku ncuro ya kabiri y’isabukuru ry’abaririmvyikazi b’Abarundi riba uko umwaka utashe ku munsi mukuru mpuzamakungu wahariwe umukenyezi, kuri iyi ncuro habonetse bishasha. Isabakuru yo mu mwaka w’i 2014 yarimwo abaririmvyikazi bakuriira: Natasha, Eduidge, Samantha, Lina, Emelance na Macarena, aho vyararyoshe.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru caremeshejwe na Natasha ari kumwe na MEMBER, Akabirya k’isabakuru y’umwaka w’i 2015 izobera kuri Club du Lac Tanganyika, yatumiwemwo umuririmvyikazi wo muri Tanzaniya azwi cane ku rwego rwa Afrika. Uwo nawe si uwundi ni SHAA azwi mu ndirimbo nka:ZAMU YANGU, SIRI YA PENZI, KIDAWA, SUGUA GAGA. Nk’uko vyavuzwe na MEMBER muri ico kiganiro, isabukuru nk’iyo ije hageze narirya himirije amatora Abarundi benshi bashinze ijisho, harakenewe ijwi ry’abaririmvyi ryo humuriza imitima idatekanye.
Ku civugo "Uruhara ry’umuririmvyikazi mw’iterambere ry’igihugu", abaririmvyikazi nka: CYNTHIA, CHANELLA, NATASHA, EMELANCE, na EDUIGE bazobica bicike hamwe na SHAA twababwiye. Member ati:"Abaririmvyikazi ni benshi ntawe twakuyemwo kubera izindi mpamvu ariko twashatse umuziki wa"Live". N’abatari bazwi cane muri "Live" muri abo baririmvyikazi baramaze gutangura imyimenyerezo.
Tubibutseko isabukuru izo kw’igenekerezo rya 08 Ntwarante ku munsi mukuru mpuzamakungu w’abagore. Ikindi mwomenya n’uko iyo sabukuru ifashwe mu mugongo gusumba iyabaye mu mwaka w’i 2014.
Abamenyeshamakuru bari mu kiganiro



Umviriza ururirimbo "Siri ya Penzi" rwa SHAA
Cherif Nkeshimana