Advertisement
Kumenyekanisha
  IGIHE.bi \BB Amakuru \BB umutekano
Ubwicanyi mu Ngagara : Abanyagihugu baravuga uko vyagenze
Yanditswe taliki ya 14-10-2015 - isaha 13:59' na IGIHE

Abantu bagera kw’icenda nibo bamaze kumenyekana ko bishwe bagandaguwe mu Ngagara, mu gihe mu giporisi bavuga ko bariko barakurikirana inkozi z’ikibi zari zihejeje kunyuruza abaporisi batatu, umwe akicwa arashwe, uwundi agakomereka.

Nk’uko bimenyeshwa n’abanyagihugu bo mu Ngagara karitiye ya gatatu, ahabereye ubwicanyi ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri, vyose vyatanguye hagati y’isaha icumi n’isaha cumi n’imwe, bitewe n’abana bariko barakina baca bicwa n’abaporisi. Abanyagihugu boba baciye bafatwa n’agashavu, barivuna mu gutera gerenade mu baporisi. Haciye haza abaporisi bo muri API binjira muri karitiye ya gatatu ya Ngagara, bakadodora babwira abanyagihugu ko uwutagira ico yiyagiriza yosohoka. Abo baporisi baciye batera ku rugo rwa Christophe NKEZABAHIZI, umumeenyeshamakuru wa RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi).

JPEG - 19.4 ko
Christophe NKEZABAHIZI yafata amasanamu kuri RTNB (Radio Télévision Nationale du Burundi)

Ababanyi b’umuhisi Christophe NKEZABAHIZI bamenyesha ko yumvise akamo k’abaporisi kavuga ko uwutagira ico yiyagiriza yosohoka, aca aja hanze. Abaporisi bamubwiye uduze amaboko, baca baramurasa, co kimwe n’umugore wiwe hamwe n’abana babiri. Muri urwo rugo bakaba bahishe abantu batanu, harimwo n’uwundi mwana yariko yigana n’umukobwa wa Christophe NKEZABAHIZI.

Mu giporisi barabihakana

OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abapfuye bahitanwe n’amasasu y’abaporisi bariko bakurikirana abo yise Inkozi z’ikibi zariko zirarasa.
Uwo avugira igiporisi c’Uburundi asigura ko intango ya vyose ari abaporisi batatu bari baciye aho mu Ngagara, ku kabarabara bita BUYE, baca baranyuruzwa, babiri barabohwa mu nyuma bararaswa hakoreshejwe inkoho yo mu bwoko bwa pistolet. Umwe muri abo baporisi babiri yaciye apfa, uwundi arakomereka cane.
OP1 Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abaporisi baje gutabara bagenzi babo baciye barasana n’abo bantu, abo nabo batera binjira mu banyagihugu kubinyegezamwo kugira babagire inkinzo zabo. Muri ukwo kurasana, OP1 NKURIKIYE avuga ko abantu bagera kw’icenda bitavye Imana, ibiziga indwi bikaba vyabonetse ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri, ibindi bibiri biboneka mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ku kibazo c’uko muri abo bantu icenda bagandaguwe, bane bose ari abo mu nzu imwe mu muryango umwe w’umumenyeshamakuru wa RTNB Christophe NKEZABAHIZI, OP1 Pierre NKURIKIYE asigura ko bashobora kuba bahitanwe n’amasasu igihe igiporisi cariko kirasana n’abantu bitwaje ibirwanisho, ariko abanyagihugu bakavuga ko abishwe barashwe n’abaporisi bo mu rwego API rucungera inzego. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akavuga ko amatohoza yamaze gutangura.

Ubwicanyi bubandanya kwibonekeza mu gihe umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yatanze ikiringo c’amezi abiri kugira umutekano ube wagarutse muma karitiye yose yo mu gisagara ca Bujumbura amaze igihe arangwamwo umutekano muke. Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w’umutekano amenyesha ko iryo hangiro ry’umukuru w’igihugu rimaze gushikwako ku bice birenga 90 kw’ijana. Ariko rero n’aho ubushikiranganji w’umutekano bumenyesha ko umutekano wifashe neza muri rusangi, habandanya kwimvikana amasasu muma karitiye y’uburaruko n’ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, ibiziga navyo bikaba bikabandanya gutorwa.

Ivyiyumviro vyanyu

Nurudubi

7.11.2015 à 23:27
Ferciex

ariko jewe sindavyumva kabisa ubwo iyo ubona uri umukuru wigihugu abantu bakicwa bene ako kageni ubwo wowe uba wumva ntabwoba ufite koko ?cg se nibura wibazako wowe ihererzo ryawe rizaba rimeze rite mugihe uniga impinja abasaza nabacyeuru ??nkugiriye inama warekeraho ukazabazwa bacye kuko ikigaragara nuko niba isi idahagurutse uwo mutavuga rumwe wese uramwica.

26.10.2015 à 18:57
ruvuto

Reka mbahe amakuru

19.10.2015 à 19:05
Eric

Uburundi kugira buzokire nukuko abo bigira abategetse bofatwa bose,baterwa amaserumu yokubakoropa ubujuju,kuko biyita abanyabwenge atabwenge abafise. ntamuntu yobafise ubwenge yokwegera igihugu ciwe mukaga,ntibishoboka jewe sindavyera kwabobantu barisawa,

19.10.2015 à 07:52
Mpozamarira Erias

Ubwicanyi bwose buba RETA ibifisemwo uruhara kubice 92% ariko mwibuke mwebwe mwicisha inkota namwe niyo izobica.murambe mutunge musubire Uko Mwica Inzirakarengane Namwe Niko Muzopfa.Muzicwa Nkuko Namwe Mwica

16.10.2015 à 18:59
MAHORO

Nimubandany Kugarukana Umutkano Mugihugu

16.10.2015 à 13:58
Sindayigaya Fbien

peter nkurikiye ww uzopfana na sobuja kk iyo nda ndende igutera guhemuka ark umenye k ibivuye mumaraso yabantu ataco bizokumarira KK iyuvuga ng bahitanywe namasasu yakurikijwe abagizi banabi kd baramusanze murugo iwe.uri umuhemu umukunzi winda ndumuntu umwe mubakuzi ark uzopfa nabi mbabajwe nuwo washatse akakubera umugore KK ufise umutima nkuwingurube KD urazik iyo ushonje ihera kubana bayo.usigaye ufatikanya na nkuru mbi mukunywa amaraso yinzira karengane

16.10.2015 à 09:14
mahoro

Sha nyamara nuko abantu birengagiza ...ndabona muburundi hagiye kuba GENOCIDE ...sha byonyine usomwe comments uhita ubona ukuri kuri mu mitima yabantu ...nyamara ndabasabiye kumana ibakize ayamakuba ....

16.10.2015 à 05:51
aha

Ndabona iki kinyamakuru igihe kishigikiye abatavuga rumwe na reta,tugiye kucitwarira munzego bacomore kiveho kisubire iyo cavuye,kuko cerekana gusa abacoza reta yuburundi gusa.rero mugabe umusi numusi muzokabona nimba mutazi akazi kanyu karako kumviriza bose.

15.10.2015 à 17:54
Barakumigwa.

Abarundi kanura mubone muraherankifuyimijira

15.10.2015 à 11:39
jey

NKURUNZIZA NABO MUSANGIYE GUSESA AMARASO, MUZOPFA NAMWE, WIBUKE INDAHIRO WARAHIRIYE IMAKAMBA AMBERE YABAGUMYABANGA

15.10.2015 à 08:50
BRAITON

Inzira karengane zo ntizisiba gutikira burimusi kwica uwucungeye simviza abaporisi bakwiye kwikebuka kuko ntawumarira Imana ego da ufise inguvu arazikoresha none nizabahena barojahe ico nobahanura nkuko bafise inguvu ntizibe jubwicanyi gusa nibazikoreshe amabohero barobohegwamwo igihe intahe irofata ijanbo atari kera

15.10.2015 à 08:04
Kaga

IBIVYOSE BIGUMA BIBA MUGIHE ABARUNDI N’AMAKUNGU BAGUMYE BASEMERERA BATI : "YAMARA BARUNDI JE MUBIGANIRO KUKO WANKA KUGARURA IMPENE IKIRIHAFI YAMARA KURENGUMUTUMBA UKABIRA NKAYO !" NGIBI RERO BIRASHITSE !!!! INO MUKAYOGORO ABAGWANYI BASHITSE NI HATARI, NY-LC RUKAMBASI,KABERENGE BARANYAGARA !!HA IYI MANDA IZOTUZANIRA VYINSHI !!!

15.10.2015 à 06:47
BONA

UWO MURYANGO WA NKEZABAHIZI URATUBABAJE IMANA IBAKIRE MUBWAMI BWAYO.

15.10.2015 à 05:53
HAKIZIMANA J. Baptiste

nukuri.Ubu.Icombona.IgihugUcuburundi.Abagitwara.Nibobacishe.Nkababantu.Bishe.Nareta.Ubiravye.Ububagira.Ivyo.Kugira.Basope.Gusa.Abaporisi.Nukwiba.

15.10.2015 à 05:14
Amosse.Ntirandekura

Njye mbona Nkurunziza ajenjeka !! Iyo abapolisi babiri babiri bapfiriye muri quartier y’intagondwa hagombye guta muri yombi cyangwa kwica intagongwa 500

15.10.2015 à 00:58
Ibingira Rwanda

MANA,TABARA,ABAPORIS BIBURUNDI,BARARUSHE !NONE GAYEMWE,NINDE,YOTERWA NTIYIVUNE ?

14.10.2015 à 22:43
NIHOREHO.ITABARE

MANA TABARA IYISI IRATUJANYE TUBONA KWELI !

14.10.2015 à 22:26
NIJIMBERE

MANA TABARA IYISI IRATUJANYE TUBONA KWELI !

14.10.2015 à 22:24
NIJIMBERE

Mwizina rya Yesu ndavuga uriko yicisha inkoho za leta naw niyicwe ninkoho na cane cane uwakwez ikibazo ca mandat.Ndasaba imana ikure umwungere afise umutima w’ibingira ku ntebe y’inganji."Amen ’imana irase ko umunywamaraso ko yotwara.’’

14.10.2015 à 22:08
Admu
1 | 2 | 3

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.