Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umubiri wiwe ufise isumaku, arenganye nta cuma gisigara hasi
Umubiri wiwe ufise isumaku, arenganye nta cuma gisigara hasi
lundi 24 Ruhuhuma 2014
Kw’isi haza haribonekeza ibintu bisiga ubwenge kandi bitwenza. Hari umugabo amaze imyaka 5 amenyeko afise isumaku bivuye ku nguvu z’impwemu umubiri wiwe uriko urasohora, aho rero aregeranya ivyuma vyose biri hafi yiwe.

Umugabo aturuka mu gihugu ca Bosnie-Herzegovine aciye iruhande y’ivyuma nta nakimwe gisigara mu kibanza carimwo. Amasahani, ibiyiko, imbugita, ibikombe, amasafuriya, za gendanwa, eka n’ibindi usanga bimwuzuyeko. Muhibija Buljubasic, afise imyaka 56, haheze imyaka 5 amenyeko umubiri wiwe ufise ububasha nk’ubwo. Rero kugira rero ivyo bikunde, hari ho urugero rw’impwemu aba arungitse.
Mu kiganiro yatanze ku kinyamkuru Reuters, uwo mugabo yemeje ko ubu yamaze kumenya impwemu akoresha kugira yegeranye ivyuma akeneye.
Irabirare amasanamu y’uyu mugabo





Chérif nkeshimana
Messages
24 Ruhuhuma 2014, 17:16, par NZEYIMANA
IKIBAZO NOKWIBAZA AFISE IMIGENDERANIRE IMEZE GUTE?HAGATI Y’IMANA N’ABANTU.ASENGERA HE?HAMWE YOBA AKORANA NAMASHETANI NTAGITANGANJE.KWOBA ARI UGUSAMAZA ABAKRISTU.NINO ABAKORA IBITANGARO VYASEKIBI NIBESHI.
25 Ruhuhuma 2014, 08:36, par Gicocoro
Numva ibiriko bibera kwisi arihatari!ahubwo ndadamwe ntaco nkivuga!abizera nimwizere Imana yo tuzi ibitangaza yakoze.