Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugabo yabaye umutunzi kubera asa na Obama
Umugabo yabaye umutunzi kubera asa na Obama
mardi 23 Kigarama 2014
Abantu bemera Imana baravuga ko Imana itanga kwinshi, uyu mugabo atunzwe n’uko asa n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe z’Amerika Barack Obama

IIham Anas avuka mu gihugu ca Indonesiya afise imyaka 40. Kuva Barack Obama atowe kurongora Reta Zunze Ubumwe z’Amerika IIham Anas yaciye atangura kumenyekana cane kuko benshi bamwita Obama, nko ku bibuga vy’indege canke ahandi hahurira abantu benshi, aragira ingorane bibaza ko ari Obama yinyegeje.
Uwo mugabo asanzwe yari atunzwe no gufata amafoto "photographe" avuga ko asigaye ari umutunzi kubera asa na Obama gusa. Mu kiganiro yatanze mu kinyamakuru Wowzeto, yemeza ko yaguze imodoka, akubaka inzu eka umuryango wiwe wifashe neza. Aramaze kuzunguruka ibihugu bitari bike vyo kw’isi bamusaba kugirisha ibiganiro ku mboneshakuru ariko akanka kubera atabikunda.
IIham Anas aramaze rero kujana n’umugore wiwe kuramutsa Barack Obama baribonanira amaso mu yandi.
Umviriza uko uwo mugabo abisigura
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Kigarama 2014, 21:47, par So
Nokwumva usanumuntu wintingane biranezereje kandi nivyo.
23 Kigarama 2014, 21:48, par Rita NAHIMANA
Yemwe bararaba ko se wa obama atahandi yaroye oya barasa kweli.
24 Kigarama 2014, 12:56, par Mandela wilson
Aratomboje iyaza gusa na usama yari kwibonerako.