Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umugabo yitavye Imana mw’ihiganwa ryo kurushana kunywa inzoga (...)
Umugabo yitavye Imana mw’ihiganwa ryo kurushana kunywa inzoga nyinshi
samedi 20 Mukakaro 2013
Kw’isi nzima, ubuhinga buguma bwiyongera, ariko aho bigeze abantu basigaye bashaka kurondera kuba ba rurangiranwa aho bidashoboka, bakahava mbere bahasiga ubuzima. Mu gihugu ca Espagne, umugabo umwe yarapfuye inyuma y’intsinzi mw’ihiganwa ryo kurushana kunywa inzoga nyinshi.
Uwo mugabo w’imyaka 46 y’amavuka yari mu bahihanwa kunywa inzoga nyinshi mw’ihiganwa ryariko ribera ahitwa Gea Y Truyols mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Espagne. Yanyoye amalitiro indwi y’ibiyeri mu mwanya muto cane tugereranije n’uwo bari bamuhaye. Haheze akanya gato yaciye atakaza ubwenge, yanduruka yitaba Imana.
Amategeko yagenga abariko barahiganwa yabasaba kunywa ibiyeri vyinshi mu mwanya utari munsi y’iminota mirongo ibiri, ariko uwo mugabo wewe yanyoye izo litiro indwi mu kanya isase.
Bamaze kumenya ko hari umwe mu bahiganwa yishwe n’urugero rw’inzoga yanyoye, abategetsi bo muri ako karere baciye bahagarika iryo higanwa ryari kumara iminsi itari mike. Si ivyo gusa, muri ako karere baciye bashinga iminsi itatu y’ikigandaro, basabira uwo mugabo yahitanwe n’umwerera.

Egide Nduwimana