IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > MRC uhamagarira abanywanyi bawo kwifatanya n’abandi mu myiyerekano

MRC uhamagarira abanywanyi bawo kwifatanya n’abandi mu myiyerekano

lundi 27 Ndamukiza 2015

Umugambwe MRC-Rurenzangemero urashigikiye imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca agatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.

Mw’itangazo uwo mugambwe washize ahabona ku muhingamo wo kuri uno w’Imana igenekerezo rya 27 ndamukiza, uhamagarira abanywanyi bawo kwifatanya n’abandi mu myiyerekano yo gukingira intwaro rusangi, bavuga ko iriko isenyurwa na Petero Nkurunziza yiteguriye kwitoza ku ncuro ya gatatu.

Epitace Bayaganakandi, arongoye umugambwe ahamagarira abajejwe umutekano, n’abajejwe kwivuna abansi, kwirinda ntibagwe mu mutego w’uwugiye kwitoza ahejeje gusenyura ibwirizwa nshingiro.

Umukuru w’umugambwe MRC-Rurenzangemero asaba umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI, gukoresha ububasha ufise wanke kwemerera Petero Nkurunziza igihe yojana ibikenewe muri uwo murwi, kugira asabe kwemererwa kwitoza. Ku bwa Bayaganakandi, kuba baratangaje ko Petero Nkurunziza azokwitoza bishira igihugu mw’ihungabanwa ry’inzego.

Mwomenya ko mu bice vy’igisagara ca Bujumbura imyiyerekano yamaze gutangura. Ku Musaga, Kanyosha aho ejo hatari habaye imyiyerekano, Nyakabiga na Ngagara abanyagihugu bacungerewe umutekano n’igisirikare c’igihugu.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Mon colonel ou General itegeko nshingiro ritegerezwa kuhinduka kubera utunengenge nege turimwo.Abaryemera bari kurushi.Abataryemera nabo nibo benshi kandi uri muri democratie.Reka abashingantahe bahagararikiye Arusha I
    baze bagaruke umwe wese atange iciyumviro mumanama rutura.Ko nzi nez udashboye kuja muri iyo myiyerekano ihekura abavyeyi nkawe ntakuntu wobabuza bakaja kumirimo?Erega badasohotse ou ngo baje gukora inda zirara vides bugaca bakaja kwiba bikinze muri iyo myerekano..Ndazi ko uri umushimgantahe think about it

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.