Accueil > Amakuru > umutekano > Umumenyeshamakuru wa Burundi Eco yakubiswe ahakwa kuvunwa ukuboko
Umumenyeshamakuru wa Burundi Eco yakubiswe ahakwa kuvunwa ukuboko
jeudi 30 Ndamukiza 2015
Umutekano ku bamenyeshamakuru bariko bakurikirana imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura ntiwifashe neza, aho babandanya gukubagurwa.

Abamenyeshamakuru cumi nibo ikinyamakuru IGIHE.bi kimaze kumenya ko bakubaguwe n’abaporisi canke n’Imbonerakure, kuva imyiyerekano itanguye, iminsi itanu iraheze. Parfai Mudasigana, asanzwe akorera ikinyamakuru Burundi Eco, akaba yakubiswe ku mugoroba w’uyu wa gatatu, igenekerezo rya 29 Ndamukiza, ahakwa kuvunwa ukuboko muri komine ya Bwiza, n’umuporisi, aho yari agiye kurondera amafoto y’ikiduga gisanzwe gitera amazi abanyagihugu bari mu myiyerekano, cari gihejeje kugwa mu Bwiza ku ry’umunani.

Parfait Mudasigana, avuga ko ahejeje kuhashika, yerekanye ibimuranga, haheze akanya, atanguye gufata amasanamu, akaba yaciye abona umwe mu bakuru mu giporisi bari ngaho, amusavye ko yohava, ivyo biheze yaciye amurungikira umuporisi ko yohamukura ku nguvu. Uwo muporisi yahawe iryo tegeko, akaba yamukuyeho, amukubita amasanamu yose yari yafashe kuva mu gatondo, baca barayahanagura.
Parfait Mudasigana, akaba ndetse yanatewe ubwoba, ko yokwicwa. Uwo muporisi yamukubise, abanje n’ukumutera ubwoba n’inkoho yari afise. Parfait Mudasigana, akaba aterwa amakenga, n’ingene muri iyi minsi abamenyeshamakuru babandanya guterwa ubwoba, bagahakwa n’ukugandagurwa, bagakubitwa kandi baba bari mu kazi kabo. Asaba abamenyeshamakuru kuba maso, kuko umutekano wabo ubangamiwe.
Aristide Nizigire
Messages
30 Ndamukiza 2015, 14:40, par I
Gendamurege muri ONU.
30 Ndamukiza 2015, 20:21, par polesana
Turabahaye pole. Erega imkuba ikubise ntitwara umwansi gusa, n’umukunzi birajana
30 Ndamukiza 2015, 23:11, par Juvenal
None Kuki Mwemera Ko Tuja Mu Ntambara Kandi Muvuga Ngo Mushakira Amahoro Uburundi N,abarundi? Imana Ije Imbere Uburundi.