Umumenyeshamakuru wa RPA, akaba n’umuhinga w’ivyuma, Egide MWEMERO yarahagaritswe n’inzego zijejwe igendereza kuva kuri uwu wa kabiri mu gisagara ca Uvira, muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Icatumye ahagarikwa ntikiramenyekana, umuyobozi wa RPA Bob Rugurika akamenyesha ko yamaze gutangura kuvugana n’inzego zijejwe igendereza muri ico gihugu.
- Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma w’insamirizi RPA
Egide MWEMERO, umuhinga w’ivyuma w’insamirizi RPA yafatiwe i Uvira ari kumwe na bagenzi we Manzambi Mupenge hamwe na Lucien Kanana bakorera insamirizi Le Messager du Peuple yo muri ico gihugu. Abo bamenyeshamakuru bafashwe n’uwujejwe igendereza rya gisirikare aho muri Congo, bose bakaba batamenyeshejwe igituma bahagaritswe. Abo bamenyeshamakuru Manzambi Mupenge hamwe na Lucien Kanana ba Le Messager du Peuple bahavuye barekurwa, igendereza rya gisirikare risigarana Egide MWEMERO wa RPA.
Bob RUGURIKA, umuyobozi wa RPA amenyesha ko yamaze gutangura kuvugana n’abafashe uwo mumenyeshamakuru kugira amenye ico yafatiwe, bikaba bivugwa ko yoba yafashwe ku mvo z’amatohoza. Ayandi makuru akavuga ko igendereza ry’Uburundi ariryo ryoba ryasavye ko uwo muhinga w’ivyuma wa RPA yohagarikwa.
- Bob RUGURIKA, umuyobozi wa RPA
Umuyobozi wa RPA, Bob Rugurika asaba ko uwo mumenyeshamakuru wa RPA yorekurwa, agasaba kandi igendereza rya Congo kutarungika mu Burundi Egide MWEMERO akorera RPA, kuko nka hamwe yorungikwa mu nyuma akicwa vyobazwa Reta ya Congo.
murabesha muzogakatu uwo avugango nimubicanyi ,nibobabitanguye 65,72,93 nibafate izonkozizibibi, birigwabica abaporisi,bubwokobumwe katamtuutsi ,apfa wumuporisi?