IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Umuntu umwe yanyurujwe n’abitwaje ibigwanisho

Gihanga : Umuntu umwe yanyurujwe n’abitwaje ibigwanisho

lundi 27 Gitugutu 2014

Hari igihe c’isaha imwe n’igice z’ijoro aho hibonekeza abantu bagera kuri 21 bitwaje ibigwanisho muri komine Gihanga. Mu gihe abanyagihugu bababonye bagakoma induru, umuntu umwe yarabaguyemwo ariko arahunga baca baramunyuruza, n’ubu ntawuramenya irengero ryiwe.

Ivyo vyose vyabereye ku metero amajana abiri z’ikirindiro c’abasirikare, nk’uko vyiganwa n’umunyagihugu abo bagizi ba nabi bivye impuzu ku muhana iwe. Ariko, abo basirikare, nta n’ukurasa hejuru canke kuza gutabara abanyagihugu bariko barakoma induru. Nk’uko uwo munyagihugu abishikiriza, bagiye kuhashika abo babisha bamaze gusubira inyuma, haheze nk’isaha irenga abanyagihugu batabaje.

Abo bitwaje inkoho bivugwa ko bazananye mu Rukoko, bashika bambura abahita ama terefone ngendanwa, amafaranga, imbere yo kwinjira mu mangazini bagatwara ibifungurwa, ibinyobwa, n’ibindi.

Abo bantu bari bambaye impuzu za gisirikare co mu Gihugu c’Urwanda, hamwe n’impuzu za kera z’igisirikare c’Uburundi, ariko bavuga ikirundi, nk’uko bibandanya bimenyeshwa n’umwe mubibwe ivyabo muri ico gitero. Baheje guhungabanya umutekano birutse basubira mw’ishamba cimeza rya Rukoko.

Buramatari w’Intara ya Bubanza Anselme Nyandwi amenyesha ko abo bantu ari abasuma, ko bivye ku ma kiyosike atatu. Avuga ko izo nkozi z’ikibi zanyuruje abantu babiri, ariko umwe yarazitorotse aragaruka. Uwo wundi yanyurujwe arabanda kuronderwa irengero ryiwe.

Buramatari Anselme Nyandwi amenyesha kandi ko aja gutanga umuco uhagije mu nyuma kuvyerekeye ibivugwa n’abanyagihugu ko abajejwe umutekano batihuse kubatabara.


Jean Claude Bitsure

Messages

  • Rekambabwire abasutejye ababapolice bu Burundi kutwirukinyuma, ninwibuka ko ejobundi ibintamakuru bikorera president wacyu wurwanda byavuzeko mubueundi ngohari FDRL ibyongibyo abapolice barigukore babibwiwe nubutegetsi bwu Rwanda nyinerumva

  • vyoba arakamaramaza kubona tuja kugarukana amahoro muri somali hanyuma iwacu hakaba hatanguye kwiyadukiza iyimigwi itoba umutekano niba leta ibonako abasirikare batoshora gukwira ahohose baca leta iduhe uburenganzira twebwe turacabishoye nuko ataworarira uwufise inkoho nawe urimbokoboko. kabiri nkako hoba hadutse intambara, bizuko ntimubifate minenerwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.