Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umuntu yigize icapa c’ukumenyekanisha ibintu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuntu yigize icapa c’ukumenyekanisha ibintu

Umuntu yigize icapa c’ukumenyekanisha ibintu

mercredi 27 Rusama 2015

Inkuru yo ku rubuga http://www.odditycentral.com, iravuga ko Jason George w’imyaka 23 yiyise "Icapa muntu” yishirako amashusho y’ibigo mpuzamakungu yagize mu gwego rwo kubamenyekanisha.

Jason avugako ati: "Ndazi ko bisa naho umengo sinkomeye, mbere bamwe bavuga ko ngwaye ariko jewe ibi nabikoze kuko nzi ko hari ico vyahinduye mu buzima bwanje kakaba ari nako kazi nsanzwe nkora’’.Abandanya avuga ko kimwe cose kiri ku mubiri wiwe arakizi kandi agifise no ku mutima wiwe, catumye ubuzima bwiwe buhinduka mu buryo bumwe canke ubundi.” Jason yatangaje ko kuva na kare yakunda abicapo vyo kumubiri wiwe kuko bituma aboneka cane mu bantu benshi kandi akaba asanzwe akunda kw’abantu bamwibazaho vyinshi ku mashusho ari ku mubiri w’uwo musore harimwo ;imboneshakure akunda,telephone akunda,indya zinyaruka gutegurwa, imihora yitumatumanako,n’ibindi vyinshi.

Jonson yakuze agira isoni, ariko amaze gukura niho yashatse icatuma aboneka mu bantu benshi, kandi bikamuha n’amahera vyumwihariko, igishushanyo ciwe ca mbere yari amagufa y’umutwe, avugako yaragifise mu mutwe nk’ahabana ariko ubu ntaco bimutwaye,ubu naho afise ibishushanyo 197 kumugongo, kandi arakunda cane kwiraba mu kiyo nk’uko yabibwiye ico kinyamakuru. Abavyeyi biwe babanje kutabinezerererwa , ariko babonye ashize amafoto yabo kumbavu ziwe baca batangura kubinezerererwa.

Joson yatanguye mu kwezi kwa Nzero 2014, mu kwezi kumwe ibicapo 144 vyari biheze kuja ku mubiri wiwe haheze indwi zibiri yarageze 189.
Kugeza ubu amaze gutanga amadolare y’Amerika 500 ku vyo akunda, bikaba vyaratumye yandikwa mu gitabo citwa "Limca Book of Records”, asigaje kuja mu citwa "book of Guinness World Records/ igitabo candikwamwo ibintu bidasanzwe.”

Ariko ngo Jason siwe wenyene mw’isi kwihindura icapa camamaza kigenda. Uwitwa Hostgator Dotcom, yatanguye kugurisha aho kumenyekanisha ku mubiri wiwe mu mwaka wa 2000 hagati, akaba afise n’amazina y’amashirahamwe acapuye ku maso yiwe. Jason wewe ntabikora kubera kudandaza, ahubwo aranabikora kubera bimunezera biri kumubiri wiwe.


Bill Nkurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.