Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umuntu yigize icapa c’ukumenyekanisha ibintu
Umuntu yigize icapa c’ukumenyekanisha ibintu
mercredi 27 Rusama 2015
Inkuru yo ku rubuga http://www.odditycentral.com, iravuga ko Jason George w’imyaka 23 yiyise "Icapa muntu” yishirako amashusho y’ibigo mpuzamakungu yagize mu gwego rwo kubamenyekanisha.

Jason avugako ati: "Ndazi ko bisa naho umengo sinkomeye, mbere bamwe bavuga ko ngwaye ariko jewe ibi nabikoze kuko nzi ko hari ico vyahinduye mu buzima bwanje kakaba ari nako kazi nsanzwe nkora’’.Abandanya avuga ko kimwe cose kiri ku mubiri wiwe arakizi kandi agifise no ku mutima wiwe, catumye ubuzima bwiwe buhinduka mu buryo bumwe canke ubundi.” Jason yatangaje ko kuva na kare yakunda abicapo vyo kumubiri wiwe kuko bituma aboneka cane mu bantu benshi kandi akaba asanzwe akunda kw’abantu bamwibazaho vyinshi ku mashusho ari ku mubiri w’uwo musore harimwo ;imboneshakure akunda,telephone akunda,indya zinyaruka gutegurwa, imihora yitumatumanako,n’ibindi vyinshi.

Jonson yakuze agira isoni, ariko amaze gukura niho yashatse icatuma aboneka mu bantu benshi, kandi bikamuha n’amahera vyumwihariko, igishushanyo ciwe ca mbere yari amagufa y’umutwe, avugako yaragifise mu mutwe nk’ahabana ariko ubu ntaco bimutwaye,ubu naho afise ibishushanyo 197 kumugongo, kandi arakunda cane kwiraba mu kiyo nk’uko yabibwiye ico kinyamakuru. Abavyeyi biwe babanje kutabinezerererwa , ariko babonye ashize amafoto yabo kumbavu ziwe baca batangura kubinezerererwa.
Joson yatanguye mu kwezi kwa Nzero 2014, mu kwezi kumwe ibicapo 144 vyari biheze kuja ku mubiri wiwe haheze indwi zibiri yarageze 189.
Kugeza ubu amaze gutanga amadolare y’Amerika 500 ku vyo akunda, bikaba vyaratumye yandikwa mu gitabo citwa "Limca Book of Records”, asigaje kuja mu citwa "book of Guinness World Records/ igitabo candikwamwo ibintu bidasanzwe.”
Ariko ngo Jason siwe wenyene mw’isi kwihindura icapa camamaza kigenda. Uwitwa Hostgator Dotcom, yatanguye kugurisha aho kumenyekanisha ku mubiri wiwe mu mwaka wa 2000 hagati, akaba afise n’amazina y’amashirahamwe acapuye ku maso yiwe. Jason wewe ntabikora kubera kudandaza, ahubwo aranabikora kubera bimunezera biri kumubiri wiwe.
Bill Nkurunziza
Messages
27 Rusama 2015, 18:59, par Ndikuriyo
mbe uwomusore k atanguye kwiyandarika kare ga basha biva kuki
27 Rusama 2015, 22:32, par kevin
Nukumureka wewe azigituma
28 Rusama 2015, 14:16, par Ndayishimiye Abias
Sha Njye numva bikomeye!gushikanaho umuntu yihindura icapa?ni imisi yanyuma kweli!kwihindura ikiranganzira?uwuramvye arabona!!
28 Rusama 2015, 14:18, par Ndayishimiye Abias
Sha Njye numva bikomeye!gushikanaho umuntu yihindura icapa?ni imisi yanyuma kweli!kwihindura ikiranganzira?uwuramvye arabona!!
29 Rusama 2015, 08:31, par Bucumi
Eeeeeebabaweeeee nico gihe tugezemo ababibona bibaza ngo n’iterambere mugabo isi yaheze rero iracari intango harivyinshi bigiye kuza mumisi irimbere kandi muracabona n’ibindi bitangaje.
29 Rusama 2015, 17:49, par audace ndizigiye
none yunguka gute? ninde amuhemba? ndamwemeye pee! arazi kurondera ubuzima
29 Rusama 2015, 21:09, par VINCENT
ni hatari !ubuzi bwararwiriye.