Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Umunyagihugu yaritavye Imana asomye nturi mu kiyaga Cohoha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umunyagihugu yaritavye Imana asomye nturi mu kiyaga Cohoha

Umunyagihugu yaritavye Imana asomye nturi mu kiyaga Cohoha

jeudi 25 Mukakaro 2013

Ku munsi w’ejo kuwa gatatu, umunyagihugu Jean Baptiste Nzimenya wo ku musozi Marembo, zone Gasenyi, komine Busoni intara ya Kirundo yaritavye Imana asomye nturi mu kiyaga Cohoha.

Uwo munyagihugu yitavye Imana abanje gusoma nturi mu Kiyaga Cohoha yariko ahunga abapolisi bariko bamwirukako, aca yiterera mu kiyaga Cohoha.
Inyuma y’aho baboneye ko uwabo yapfuye, abanyagihugu bo muri ako karere baciye batwarwa n’agashavu, baca batangura gutana mu mitwe n’abo bapolisi bariko bamwirukako.

Muri iyo ntureka yahuje abapolisi n’abanyagihugu, umwe muri abo bajejwe umutekano yarakubiswe bikomeye, uwundi bari kumwe arata arahunga. Inkoho z’abo bapolisi zarafashwe n’abo banyagihugu.

Mu gihe vyari bizwi ko abo bapolisi bagirizwa ko aribo bataye uwo munyagihugu Jean Baptiste Nzimenya w’umurovyi bari mu minwe y’inyamiramabi ku mvo z’amatohoza, amakuru ava muri iyo ntara ya Kirundo amenyesha ko abo bapolisi bose uko ari babiri batorotse ibohero. Mu gutoroka, bivugwa ko bamenye idirisha ry’ibohero barimwo, babona gutoroka. Ku bibaza ko boba babifashijwemwo na bagenzi babo bari bacunze iryo bohero, mu gipolisi bamenyesha ko bakiri mu matohoza bongera barondera amakanda y’abo bapolisi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.